Lionel Messi: Ibi bintu bitanu wari ubizi kuri we?

Na Ciaran Varley
BBC Sport

Lionel Messi nta nkeka, ni we mukinyi rurangiranwa mu mupira w’amaguru.
Ku myaka 35, uyu musatirizi wa Argentina amaze gutsindira hafi ubushimwe bwose muri uru rukino.
Yatsindiye Umupira w’Inzahabu (Ballon d'Or) – agashimwe gahabwa umukinyi wa mbere mwiza kw’isi – aho yaciye umuhigo mu kugatsindira incuro indwi, yongera atsindira agashimwe ka FIFA k’umukinyi mwiza ku ruhande rw’abagabo rimwe.
Mu bundi bushimwe harimwo ibikombe bine vy’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des Champions/ Champions League), atsindira ibikombe 11 vy’ihiganwa ryo mu gihugu, yongera atsindira igikombe c’ihiganwa rya Amerika (Copa America) mu 2021. Ico abuze conyene. Ni igikombe c’isi yose.
Hagati aho ariko, tuzi bike cane ku bijanye n’uyu muntu w’imbaga ntoya ariko atera akukuruka.
Mw’ireresi nshasha y’isaha yakorewe BBC, benshi mu bahoranye nawe mu murwi be n’abakinyi bigeze guhangana nawe, hamwe kandi n’abanyamakuru bakoze amakuru kuri we, barinjira muri kino gitangaza, ari we Messi.
Ng’ibi bike mu vyo twokuramwo.
Yashimwe ku musi wa mbere muri La Masia

Ahavuye isanamu, Getty Images
Messi yinjiye mw’ishure ry’umupira w’amaguru rya Barcelona, La Masia, afise imyaka 13.
Iri ni ishure ry’umupira w’amaguru ryasohoye ibihangange nka Xavi, Andres Iniesta, Gerard Pique na Cesc Fabregas.
Fabregas yahoze akina hagati muri Barcelona, Arsenal na Chelsea avuga ko ikintu ca mbere yabonye ku muyabaga Messi ni uko “yari umwana muto, atavuga, yari afise isoni nyinshi”.
Isoni ni ikintu kiguma kigaruka cane, aho umunyamakuru w’ikinyamakuru Guardian, Jonathan Wilson, avuga ko Messi yahora yihindurira mu gasimbaryango (corridor) hakwinjira mu vyumba vyo kwihinduriramwo.
Fabregas abandanya asigura ingene uyu muyabaga yitonda cane yatangaje abantu bose mu myimenyerezo.
Avuga ati: "Mu myimenyerezo ya mbere twagiranye na Leo, nakina cane ku ruhande rwo hagati amaja inyuma (milieu défensif /defensive midfielder), kandi tukaba twahura turi umwe kuri umwe.
"Mu mutwe iwanje, nibaza ko ndamwaka umupira ata ngorane kuko nakunda gukinira hasi kandi nkunda 'tackle', ariko rero mbona afise umuvuduko udasanzwe. Naratangaye, kuko ndibuka nikubise hasi ngo ndawumwake ariko aransiga aca arinjiza”.
Fabregas avuga ko, kuva ico gihe, yaciye abona ko “dukwiye kwitwararika cane uyu muhungu”.
Imbere y’uko ava mu murwi mu 2021, Messi yafashije Barcelona gutsindira ihiganwa rya La Liga incuro cumi, ibikombe bine vya Ligue des Champions, ibikombe indwi vya Copa del Rey hamwe n’ibikombe umunani vya super coupes muri Espagne.
Vyabaye ngombwa ko umuryango wa Messi wicamwo kubiri kugira ashobore kuguma muri Barcelona

Ahavuye isanamu, Getty Images
Messi mu kwimukira muri Barcelona vyasigura impinduka zikomeye ku muryango wiwe.
Umunyamakuru Guillem Balague yanditse igitabo ndangakahise kuri Messi, arasigura ingene vyamugoye gufata ingingo.
Nk’uko abisigura, inyuma y’amezi atandatu ashitse muri Barcelona, abavyeyi ba Messi batumyeko inama y’umuryango.
Mushikiwe Maria, ntihari hamuguye neza, mu gihe mwenewabo nawe Matias yari afise umukunzi yasize i Rosario.
Balague ati: "Cari igihe co gufata ingingo, ‘tugume i Barcelona canke dusubire i Rosario'?
“Bicaye ku meza bamubaza bati, 'Leo, wipfuza gukora iki?' Leo avuga ati, 'Nshaka gutera imbere. Nshaka kuba muri Barcelona, nshaka kuba umukinyi rurangiranwa'."
Balague asigura ko ico Messi atari yabwiwe zari inkurikizi z’ibi – nyina wiwe yategerezwa gusubiza mushikiwe na benewabo babiri i Rosario hanyuma se wiwe akagumana nawe.
Balague ati: " Akenshi, yarinjira mu cumba ciwe agashira umutwe munsi y’umusego akarira.
"Yakora ivyo kugira ngo se wiwe ntamwumve. Afise myaka 14 gushika kuri 15, niho yabona ko, kubera ingingo yiwe, yategerezwa kubitahura”.
Messi na bagenziwe muri Barca 'batesheje umutwe Man Utd'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Rio Ferdinand yagize igihamana kibi co guhura na Lionel Messi n’abandi bakinyi ba Pep Guardiola bari bateye ubwoba muri Barcelona mu rukino rwa nyuma rwa Ligue des Champions, atari incuro imwe gusa, ariko zibiri.
Manchester United yahuye n’aba ba Catalans mu 2009 hanyuma mu 2011 – aho hompi itsindwa.
Mu 2009, Barcelona yatsinze 2-0 aho Messi yinjije igitsindo kigira kabiri ciza cane n’umutwe. Ferdinand yahushije umupira wari utewe na Xavi imbere y’igori.
Ferdinand ati: "Messi yinjije n’umutwe, bose wamengo bambaza ngo ‘raba ingene ungana, n’ingene angana. Nta vyinshi yinjije nk’ivyo kuva atanguye gukina, ariko yabikoze mu gihe kidasanzwe”.
Messi yarinjije kandi yongera aba umukinyi w’urukino (man of the match) mu rukino rwa nyuma rwa 2011 Barcelona yatsinze 3-1.
"Messi wamengo, nta guhuza amaso, nta kintu na kimwe, ari ukwiwe, nta n’uko akwegereye, hanyuma ubwo nyene ukaza wumva ng’uyo, ‘aragusetse’. Iryo joro baratwishe pe”.
Aratandukanye cane na Maradona

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu kiringo cose amaze akina umupira, haba neza canke nabi, yagiye agereranywa n’ikindi gihangange ca Argentina: Diego Maradona.
Iyi reresi yerekana ingene Messi atorohewe mu kwikorera umuzigo w’iri gereranya.
Maradona yabaye ntibagiranwa igihe atsindira igikombe c’isi yose mu 1986.
Messi yamenyekanye mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi yose mu 2014 akaba yari amaze gukina inkino za nyuma za Copa Amerika ariko aho hose nta gikombe yari bwatsindire igihugu ciwe gushika mu 2021 aho batahukaniye igikombe ca Copa Amerika.
N’aho hari ibintu bisa mu buhinga bwabo bwo gukina, umunyamakuru wa Guardian Marcela Mora y Araujo arerekana ubudasa mu nyifato hagati ya Messi na Maradona.
Avuga ati: "Maradona yamenyekanye cane kubera impari. Nibaza ko Messi ateye imbere gusumba, aho kudugira ku mpari, yadugiye ku kwifatanya n'abandi. Messi akeneye kuba mu murwi umeze neza, kandi ukorera hamwe”.
Ubushamirane buragaragara na Cristiano Ronaldo
Uwundi mukinyi Messi akunze kugereranywako igihe cose ni Cristiano Ronaldo. Be na we, bamaze imyaka irenga cumi bahurira ku bushimwe nyamukuru hafi bwose mu mupira w’amaguru.
Messi afise Ballon d'Or indwi, mu gihe Ronaldo afise zitanu, akaba kandi afise ibikombe vya Ligue des Champions bine Ronaldo nawe afise bitanu.
Ariko none ubu bushamirane si bumwe bukokezwa n'abakora imyihwezo, abanyamakuru n'abafana? Xavi, yahoze akinana na Messi abona ko ivyo ari ukuri.
Ati: "Cristiano yamuteye intege zo kuba umukinyi rurangiranwa.
"Kumbure Cristiano na Leo bashobora kutavyemera uko. Ariko ndazi neza ko bagumye barabana ku kajisho. Iyo uriko urahiganwa, uba ushaka kuba uwa mbere”.










