Igitero giturumbuka ca Ukraine mu Burusiya gituma Biden kugorwa ico afata n'ico areka

President Joe Biden ahaye ikaze Prezida Volodymyr Zelenskiy i Washington mu 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Prezida Zelensky azeye runini kuri Amerika
    • Umwanditsi, Tom Bateman
    • Igikorwa, State Department correspondent

Umukozi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya, Kremlin, avuga ko ishirahamwe rya Buraya na Amerika ryo kwivunira umwansi hamwe ,OTAN, hamwe n'ibihugu vyo mu burengero vyagize uruhara rutaziguye mu gutegura igitero ca Ukraine mu ntara ya Kursk mu Burusiya.

Nikolai Patrushev yabwiye ikinyamakuru Izvestia ko amatangazo ya Amerika avuga ko batarimwo ''atari yo'', nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bivuga ko Ukraine itatanze imburi y'uko igira yinjire mu Burusiya kandi ko Amerika ata ruhara yabigizemwo.

Abategetsi ba Amerika ubu bariko barihweza ingene ico gitero ca Ukraine gishobora guhindura imikenyuro y'intambara, hamwe n'ico bivuze ku ho Amerika isanzwe ihagaze kuva kera ku kugene Ukraine ishobora gukoresha ibigwanisho ihabwa na Amerika.

Ico gitero catangaje benshi, cane cane Uburusiya, umenga n'Abategetsi b'ibihugu vya Buraya na Amerika, cerekana kimwe mu bigoye cane mu kubura ico gufata n'ico kureka ku kwivuna kwa Ukraine ishigikiwe n'ivyo bihugu: Perezida Biden yagumye agerageza adahengeshanya guha ubushobozi Ukraine bwo gusubiza inyuma igitero c'Uburusiya ibintu bitarinze kuyangara hagati ya Washington na Moscou. Mu gihe Putin yagumye agerageza kuvuga ko ayo matati ari intambara iri hagati y'Uburusiya n'ibihugu vy'uburengero, Biden yagumye arondera kuzitira kugaragara muri poritike ya Amerika yo kwivuna abansi kugira yime umurindi iyo mvugo ya Putin hanyuma yirinde ko ibintu biyangara.

Ariko igitero ca Ukraine muri Kursk - ca mbere kinini c'igisirikare co hanze ku butaka bw'Uburusiya kuva intambara ya kabiri y'isi iheze, ku bw'abihweza ivya gisirikare - vyazanye ibibazo vyinshi vyihutirwa ku biro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika. Coba mu kanya gato caguye aho Amarika yashaka ko Ukraine igarukiriza ikoreshwa ry'ibigwanisho iyiha? Coba carenze umurongo ntarengwa w'Uburusiya ku ruhara rw'ibihugu vya Buraya muri iyo ntambara? Bitari uko, perezida Zelensky yoba yeretse Amerika ko ashobora kwerekana ko Putin adakomeye uko vyibazwa?

Abasirikare ba Ukraine mu modoka ya gisiserikare hafi ya Ukraine - ku rubibe n'Uburusiya

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Igitero ca Ukraine muri Kursk ni co ca mbere kinini c'igisirikare co hanze ku butaka bw'Uburusiya kuva intambara ya kabiri y'isi iheze

N'ubwo hashobora kuba inkurikizi mbi hakaba no kutabona uko ibintu bishobora kugenda, bamwe i Washington baratangarira igikorwa ca Zelensky. Guterateranya ibivugwa na bamwe mu bategetsi ba Amerika ku ndwi iheze birerekana ikimeze nk'aho bahagaze. Ubutegetsi buguma bushimika buvuga ko Ukraine itatanze imburi y'uko yagira itere. Umuvugzi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu Karine Jean-Pierre yavuze ko Amerika ''itarimwo na gato''.

Na ho ku vyerekeye ibigwanisho vya Amerika, abavugizi b'ibiro vy'umukuru w'igihugu (White House/Maison Blance), ubushikiranganji bw'imigenderanire (State Departement/Department d'Etat) hamwe n'ubwo kwivuna abansi (Pentagon) ntibemeza ata gukekeranya ko biriko birakoreshwa, ariko bisa n'uko bigaragara cane ko biriko birakoreshwa uravye ingene Ukraine izeye runini ku bigwanisho ihabwa na Amerika na Otan. Vladislav Seleznyov, yahoze ari umuvugizi w'ibiriko bikuru vy'igisirikare ca Ukraine, yabwiye Ijwi rya Amerika (VOA) ko ibikoho vya HIMAR vyatanzwe na Amerika vyo gutera roketi vyabaye kirumara muri ico gitero imbere mu Burusiya.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ko Ukraine ikoresha ibigwanisho yahawe na Amerika mu gitero muri Kursk n'aho bitabaye ku mugaragaro ni nk'uko vyemewe. Umuvugizi wa Pentagon Maj. Gen. Patrick muri iyi ndwi yavuze ati: ''Tubona ko biri mu murongo twashizeho. Uwo murongo nturahinduka ku bijanye n'ikoreshwa ry'ibigwanisho vya Amerika.'' Abategetsi bavuga ko igitero ''gihuye na poritike yacu kuva ku ntango'' kugira Ukraine ishobore kwivuna ibitero igabwako bivuye hanze.

Ariko umuvugizi wa Pentagon Sabrina Singh yongeyeko ati: ''N'ubu nyene, ntidushigikiye ibitero bishika kure mu Burusiya. Ivyo n'ivy'ibisasu bijabuka. Aho sinovuga ngo vyogarukira aha.''

Amerika ni co gihugu ca mbere, ugifashe ukwa conyene, giha ibigwanisho vyinshi Ukraine - bituma imigenderanire igira ingaruka za mbere zikomeye ku merekezo ya Ukraine. Ku ndwi iheze, Pentagon yatanze uruhusha rwo kurungika intekera igira iya 63 y'ibigwanisho mu myaka itatu, irimwo misire za Stinger na vya muzinga. Ariko kuva Uburusiya buteye Ukraine, uko prezida Biden yagiye aravyifatamwo mu ntango kwaranzwe no kwanka kurungika ibigwanisho biteye imbere cane - birimwo roketi za Himars, misire za Patiot n'indege z'ingwano za F-16 - imbere y'uko mu nyuma yisubirako.

Ni co kimwe no kuri poritike y'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika ku vyrekeye ibitero vya Ukraine ku butaka bw'Uurusiya. Perezida Zelensky yamaze amezi menshi ariko arasaba uruhusha rwo gutera ibibanza bimwe bimwe vya gisirikare mu Burusiya vyorosha kugaba ibitero muri Ukraine. Mu kwezi kwa Rusama Joe Biden yararushe aratanga uruhusha rwo gukoresha ibigwanihso vya Amerika mu gutera hakurya y'urubibe mu Burusiya ariko ku ntera ifise aho itarenga uvuye mu ntara ya Kharkiv- yariko iragabwako ibitero n'Uburusiya. Amerika yavuze ko ibikorwa vya Ukraine vyahawe uruhusha vyari ivyo ingingo zo ''kugwanya ibitero''.

''Bemerewe gukoresha ivyo bigwanisho mu gutera hafi y'urubibe aho [igisirikare ca c'Uburusiya ] kiba kiriko kirabikoresha ku rundi ruhande rw'urubibe mu gutera ibibanza runaka muri Ukraine,'' ni ko Biden yavuze muri Ruheshi. ''Ntidutanze uruhusha rwo gutera ku birometero birenga 300 imbere mu Burusiya kandi ntidutanze uruhusha rwo gutera Moscou, ku biro vy'umukuru w'igihugu.''

Haheze amayinga makeya, urwo ruhusha nyene rwaratanzwe kuri aho hose ku rubibe aho Uburusiya bwaba buriko burategura kugaba ibitero muri Ukraine.

Kuva ico gihe, Zelensky na bamwe mu bamushigikiye i Buraya co kimwe na bamwe mu ba Democrat i Washington, basavye Amerika kurushiriza ''kubohora'' amaboko ya Ukraine. Mu buryo bwihariye, uwo mutegetsi wa Ukraine ashaka kurekurirwa gukoresha ibigwanisho yahawe na Amerika vya ATACMS canke misire zishika kure kugira arase kure cane imbere mu Burusiya kugira asambure ibibanza birungika ama drone na misire. Ubutegetsi bwa Amerika bwaranse.

Ivy vyose biriko biraba mu gihe umukuru w'Uburusiya Putin muri kahise yagabishije ko azokoresha ''uburyo bwose buhari'' hamwe ubutaka bw'Uburusiya bwogeramirwa. Ivyo bikiyongera ku kuguma akarisha inkota y'ibigwanisho vya nukreyeri hamwe yobona ko Uburengero bwashitse ku rugero rwo kutihanganirwa mu kugeramira Uburusiya biciye ku ntambara ya Ukraine.

Impera n'imperuka, aho presida Biden ahagaze mu majambo make hovugwa gutya: Ukraine irashobora gufata ingingo y'ingene yigwanira yonyene ikoresheje ibigwanisho vya Amerika, harimwo n'ibitero hakurya y'urubibe, ariko hari aho itarenga - harimwo kudakoresha misire zirasa kure. Amajambo yakoresheje mu kwezi kwa Ruheshi(6) yabaye nk'ayashaka kuvuga ko aho Ukraine itorenga ari ''mu micungararo y'urubibe''.

Igitero muri Kursk gituma Amerika irushiriza kutabona ico gufata n'ico kureka - ufashe uko amajambo ari canke uyahinyitse. Ico gitero co ku butaka bivugwa ko kirimwo ingabo ziri hagati ya 5.000 na 12.000. Amwe mu makuru ava mu Burusiya ariko atarahinyuzwa avuga ko zimwe muri izo ngabo zoba zarinjiye gushika ku birometero 30 imbere mu Burusiya. Hagati muri iyi ndwi, Ukraine yavuga ko imaze gufata akarere kangana na 1.000km2 z'ubutaka bw'Uburusiya, harimwo ibigwati n'ibisagara birenga 70, hanyuma ifata n'impfungwa z'intambara amajana. Abategetsi b'Uburusiya bavuga ko abantu bashika 132.000 bahungishijwe bavanwa mu ngo zabo.

Mu gihe abategetsi ba Amerika bakigonanwa kubivugira ku mugaragaro mw'ido n'ido, ico nibaza ni uko bakiriko barasesangura ico bisigura ku rwasiro, kazoza k'intambara hamwe n'ingene ivyo bigira ingaruka ku biharuro vya Putin.

Niba Zelensky yari ababajwe n'ico yafata ko ari ukwigengesera kurengeje canke gukwega amaguru mu gufata ingingo kwa Biden ku mpusha z'ibigwanisho, ashobora kuba ariko aragerageza kumwereka ko ashobora kubibahatira, we na Putin. Ni akamari katoroshe.