Umugore wa perezida wa Turkiya aratakambira Melania Trump ku bana ba Gaza

Melania Trump, Donald Trump, Recep Tayyip Erdogan na Emine Erdogan bahagaze gufatwa ifoto bari kumwe kuri Maison Blanche mu 2019.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Melania Trump (i bubamfu) na Emine Erdogan (i buryo) bahuye mu 2019 igihe abagabo babo bagirana ibiganiro muri Maison Blanche
    • Umwanditsi, Adam Durbin
    • Igikorwa, BBC News

Umugore wa perezida wa Turkiya yasavye Melania Trump kuvugira abana bemerewe nabi mu ntambara ya Israel muri Gaza.

Emine Erdogan yakeje Melania Trump ku gushigikira abana bariko baragirwako ingaruka n'igitero c'Uburusiya ku gihugu cose ca Ukraine, aca amusaba kuvugira n'abanya-Palestina.

Mw'ikete ryashizwe ahabona n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Turkiya, Madame Erdogan yavuze ko Gaza ubu yahindutse "itongo ry'abapfuye ry'abana", aca abwira Madame Trump ati: "Dutegerezwa gushira hamwe amajwi yacu dukomeze kurwanya akarenganyo."

Bishitse mu gihe abahinga ba ONU baraba ibijanye n'umutekano ushingiye ku vyo kurya bavuze ko abantu 500.000 muri Gaza City barembejwe na kigoyi - kandi ko ubuzima bw'abana 132.000 buri mu kaga kubera kurya nabi.

"Amajambo 'uruyoya rutazwi' yanditswe ku gitambara co gufuka ibihumbi n'ibihumbi vy'abana bapfuye muri Gaza yugurura ibikomere bitazokwigera bikira mu mitimanama yacu," niko Madame Erdogan yanditse.

Iryo kete risaba Madame Trump "kwerekana ikibabarwe ku bana ba Gaza nk'ico werekanye ku bana ba Ukraine batakaje ubuzima bwabo mu ntambara".

Madame Erdogan yateye intege kandi Madame Trump mu gutakambira ataziguye umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu "kurangiza akaga ku bantu bo muri Gaza'".

Mu minsi iheze, Madame Trump yarungikiye ikete Vladimir Putin, amutakambira kuzirikana abana, ariko ntiyavuze abana kanaka.

Umugore w'umukuru w'igihugu ca Turkiya ubundi nta vya poritike ajamwo, akenshi akaba ahitamwo kwitaho ibibazo vy'ibidukikije - vyatumye akezwa n'umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres.

Ariko Madame Erdogan muri kahise yarandikiye abagore b'abategetsi b'ibihugu bitandukanye, mu 2016 kw'izina ry'abanya-Syria bari bugarijwe n'intambara, no mu kwiyamiriza ibikorwa vya Israel muri Gaza mu kwezi kwa gatatu.

Abanyabore b'abanya-Palestina batonze umurongo ngo bahabwe ivyo kurya imbere y'igikoni kibitanga ku buntu ku bateshejwe izabo muri Khan Yunis. Bafise udusafuriya kandi baregeranye.

Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Abanya-Gaza bari mu bukene bukabije bw'ivyo kurya
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iryo kete ryashitse mu gihe hari hasohotse icegeranyo kivuga akaga katagira izina ku bantu bo muri Gaza.

Urwego ruraba ibipimo vy'urugero rw'inzara ( Integrated Food Security Phase Classification,IPC) rwemeje ko muri Gaza City no mu micungararo yaho hari kigoyi - rugabisha ko abantu barenga 640.000 bazoba bageramiwe cane hagati mu kwezi kwwa Myandaro(8) na Nyakanga(9).

Muri ico cegeranyo co ku wa gatanu, IPC yavuze ko ubwo bukene bw'ivyo kurya bugeramiye abana - umwe ku bana batatu muri Gaza akaba arya nabi bikabije.

Kigereranya kandi ko gushika mu kwezi kwa Ruheshi(6) mu 2026, ukurya nabi bizoba bigeramiye ubuzima bw'abana 132.000 bafise munsi y'imyaka itanu.

Ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu buvuga ko 114 ku bantu 281 bamaze kwicwa n'ukurya nabi ari abana.

Israel irahakana ko ata nzara irangwa muri Gaza, yagiriza kandi abahinga ba IPC guhengama, mu guhindura uburyo bwabo bwo gupima urugero rw'inzara, no gukoresha amakuru bakuye muri Hamas. IPC yariyamirije ivyo bineguro.

Ico cegeranyo casohotse mu gihe Israel iriko iritegurira kugaba igitero gishasha ca gisirikare kigamije kwifatira Gaza City.

Igisirikare ca Israel cagavye igitero muri Gaza inyuma y'icagabwe na Hamas mu bumanuko bwa Israel hakicwa abantu hafi 1200 abandi 251 bagatwarwa nk'imbohe ku wa 7 Gitugutu(10) mu 2023.

Kuva ico gihe abantu beranga 62.000 baramaze gupfa muri Gaza ku bw'ubushikiranganji bujejwe amagara.

Benshi mu banya-Gaza kandi barateshwe izabo incuro nyinshi; inzu zirenga 90% zarasambuwe canke zirononekara; uburyo bwo kwitaho amagara y'abantu, amazi meza n'isuku bwaratabagaye.