N'iki Olena Zelenska yandikiye Melania Trump?

Amafoto ya Melania Trump na Olena Zelenska, aberekana mu maso arabangabanganye impande n'impande.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Melania Trump yari agiye gushikirizwa ikete ryanditswe na Olena Zelenska
    • Umwanditsi, Tom McArthur
    • Igikorwa, BBC News

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky, mu nama bagiranye mu biro vya perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika -Oval office, yahaye Donald Trump ikete ryo gushimira umutambukanyi wiwe Melania, ryanditswe n'umutambukanyi wa perezida wa Ukraine Olena Zelenska.

Zelensky yavuze ko iryo kete ryari iryo gushimira Melania kubera yamenyesheje amakungu ikibazo c'abana 19.500 bo muri Ukraine, bajanywe bunyagano n'Uburusiya kuva butera Ukraine mu 2022 nk'uko leta yiwe ivuga.

Melania yari yararungikiye umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin ikete yanditse ubwiwe bwite amusaba ko yozirikana abana, avuga ko "mu kurinda abo bana b'inzirakarengane butungane, uzoba ukoze ibirenze gukorera Uburusiya bwonyene - uzoba ukoreye kiremwa muntu".

Ikete ryiwe ntiryavuga mu buryo bwihariye ku bana runaka.

Mu mpera z'indwi, ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Leta zunze Ubumwe za Amerika vyashize ku mbuga hwaniro iryo kete ryandikiwe Putin.

Muri urwo rwandiko, Melania yavuze ko umwana wese agira indoto "urukundo, kuronka ubushobozi, umutekano, no kuva mu kaga".

Yanditse ati: «Bwana Putin, wewe wenyene urashobora kugarura agatwengo kabo karyoheye ugutwi bwa muziki».

Mu kwishura ikibazo c'umunyamakuru ku bijanye n'iryo kete kuri uyu wa mbere, Trump yavuze ko umutambukanyi wiwe, yumva ashimitse cane (muri iki kibazo), afise urukundo runini rw'abana kandi "yanka kubona ikintu nk'iki kiba (ku bana)", yongerako uko ari ko abifata no ku zindi ntambara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: «Yoshima kubona ibintu birangiye uko (abo bana bagaruka mu miryango yabo), abivuga ataco ahisha, ashize amanga rwose kandi afise umubabaro mwinshi kuko hapfuye abantu benshi cane».

Zelensky yashimye Melania "kubera kwitwararika kimwe mu bibazo bibabaje kandi bigoye cane muri iyi ntambara – ukujanwa bunyagano kw'abana b'abanya Ukraine n'Uburusiya", yongerako ati "turakenguruka cane impuhwe ziwe".

"Iki kibazo ni inkoramutima kuri twebwe nk'abantu bari muri ivyo vyago vy'intambara – abana bacu, imiryango yasenyutse, ububabare bwo gutandukana."

Perezida wa Ukraine yakomeje ati: "Ijwi ryiwe rirahambaye, kandi ukwitwararika kwiwe kuraha uburemere ico kibazo."

Leta ya Ukraine ivuga ko abana nka 19.500 bakuwe mu gihugu cabo canke bakuwe mu mihana yabo ku nguvu baja mu Burusiya canke mu bice vyigaruriwe n'Uburusiya, Uburusiya na bwo bukaba buhakana ivyo birego kandi buvuga ko bwakingiye abana bashobora gushikirwa n'ingorane mu kubakura mu karere k'intambara kugira ngo bakingirwe.

Kugarura abo bana biri mu vyo Ukraine yifuza kuganirako n'Uburusiya, abagereranywa mu 1.500 baragarutse.

Muri 2023, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasohoye umutahe wo gufata umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin na komiseri wiwe ajejwe uburenganzira bw'abana Maria Lvova-Belova kubera bivugwa ko bakuye abana mu gihugu bitemewe n'amategeko.

Inyuma y'inama y'ejo ku wa mbere ya Zelensky, Trump n'abategetsi b'ibihugu vya Buraya muri White House, umukuru wa komisiyo y'Ubumwe bwa Buraya Ursula Von der Leyen yatanze ubutumwa ku mbuga hwaniro ati: "Ikiguzi c'ubuzima bw'abantu kuri iyi ntambara kigomba guhera."

Kandi ivyo bisigura ko umwana wese w'umunya Ukraine yashimuswe n'Uburusiya ategerezwa gusubizwa mu muryango wiwe.

Yashimiye Trump ku "kwishinga kwiwe gutomoye uno musi kugira ngo abo bana basubire guhura n'imiryango yabo".

Von der Leyen yariko arishura ku vyo Trump yashize ku mbuga ngurukanabumenyi, yavuze ko abana babuze kw'isi yose ari ikibazo gihambaye cane kuri Melania.

Mu kiganiro yagiranye na BBC i Kiev, Valerii Krut w'imyaka 72, sekuru w'abana bane, yavuze ati: "[Abarusiya] bajanye bunyagano abana benshi cane ubu batagira igihugu c'amavukiro canke abavyeyi".

Ati: «Abanya Ukraine bose bafise umubabaro».

Kandi umunyeshure yitwa Sofia Muravytska w'imyaka 19, yavuze ko amakete abo bagore babiri b'abakuru b'ibihugu bandikirana ari ikimenyetso c'uko ibintu bitera bija imbere.

Yongeyeko ati: "Abana b'abanya Ukraine ni bo kazoza ka Ukraine".