Amashure ku bigeme muri Afghanistan: 'Iyo mbonye abahungu bagiye kw'ishure, birambabaza'

Habiba, Mahtab na Tamana
Insiguro y'isanamu, Kuva i bubamfu uja i buryo: Habiba, Mahtab na Tamana - bose bafise umubabaro kubona abigeme bakiri bato bo muri Afghanistan badashobora kwiga
    • Umwanditsi, By Yogita Limaye
    • Igikorwa, Afghanistan

"Misi yose mvyukana umwizero kuzosubira kw'ishure. Baguma bavuga ko bazokwugurura amashure. Ariko ubu haraheze hafi imyaka ibiri. Sinkibizera. Birababaza umutima wanje," uko ni ko Habiba w'imyaka 17 avuga.

Arakubita ingohe yongera arya n'iminwa agwana kugira ntakorore amosozi.

Habiba hamwe n'abo bahoze bigana Mahtab na Tamana bari mu bigeme ibihumbi amajana babujijwe kubandanya amashure yisumbuye muri Afghanistan nka hose n'aba Talibani - igihugu kimwe rurkumbi kimaze gufata ingingo nk'iyo.

Inyuma y'umwaka n'igice kuva ubuzima bwabo buhagaze, agahinda kabo karacari kose.

Abo bigeme bavuga ko batinya ko amakungu agenda aribagira ivyabashikiye, n'aho babana n'uwo mubabaro misi yose - bikaba vyagiye kunyurwa n'uko muri iyi ndwi aho ikindi gice c'ishure gitanguye bo batarimwo.

Tamana, mw'ijwi rigugumwa n'amosozi ashororoka ku matama, yabandanije agira ati:"Iyo mbonye abahungu bariko baraja kw'ishure, banakora ico bashatse cose, birambabaza cane. Niyumva nabi cane. Iyo mbonye musaza wanje agiye kw'ishure, numva ncitse intege.

"Mu ntango, musazanje yahora avuga ko ataja kw'ishure tutajanye. Naramugumbira nkaca ndamubwira nti genda, ndaza kugusangayo.

"Abantu babwira abavyeyi banje kutabitako umwanya, urafise abahungu. Ndibaza nti iyaba dufiise uburenganzira bumwe."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Icizere cose bari kugira kubera amashure asubiriye kwugurura caburijwemwo n'ayandi mategeko menshi reta y'aba Talibani yagiye irashiraho akumira abapfasoni.

Habiba agira ati:"Mu ntango hariho ubwigenge buke buke, ariko bukebuka vyagiye bihinduka buhoro buhoro."

Ingingo ya mbere yafashwe y'ikumira inyuma yo kubuza abigime kwiga mu mashure yisumbuye yabaye iyo mu 2021, igihe aba Talibani bategeka ko abagore bategerezwa guherekezwa n'abagabo bo mu miryango yabo mu gihe bafashe urugendo rurenga ibirometero birenga 72.

Mu kwezi kwa gatatu mu 2022, reta y'aba Talibani yaravuze ko abigeme bashobora gusubira kurekurirwa kwiga mu mashure yisumbuye, ariko yaciye yugarwa mu masaha make.

Mu kiringo kidashika amezi abiri, haciye hatorwa itegeko ritegeka abagore kwambara impuzu zibapfuka kuva ku mutwe gushika ku mano, harimwo no mu maso.

Mu kwezi kwa cumi na rimwe, abagore n'abigeme barabujijwe kuja mu bibanza vyo kuruhukiramwo (Parks), aho binonorera imitsi n'aho bogera (Piscine). Abigeme ntibakirekuriwe gutora bimwe mu bisata bigamwo nk'ibijanye n'ubutunzi, ubuhinga n'itangazamakuru kuri kaminuza.

Inyuma y'ukwezi kumwe, habaye ukugwa mu gahundwe inyuma y'aho za kaminuza zirukaniye abigeme, abagore na bo babuzwa gukora mu mashirahamwe y'aba aho mu gihugu canke mpuzamakungu, kiretse gusa abakora mu gisata c'amagara y'abantu.

Mahtab avuga ati: "Mu gihe iryo kumira ryokwongerekana, nibaza ko ubuzima bw'abagore ata co bwoba bukimaze. Ntitukigira uburenganzira bw'ibanze nk'ikiremwa muntu. Ubuzima nta co bumaze utize. Nibaza ko umuntu yopfuma apfa hakuba mu buzima nk'ubu."

Mu 2021, Mahtab yarakomerekejwe na bombe kw'ishure ya Sayed Ul-Shuhada, aho aba Talibani bariko baragwana n'ingabo za reta yahora muri Afghanistani.

Agira ati: "Nakomeretse ku kw'izosi, mu maso no ku kuguru. Ariko nari mfise ishaka ryo kubandanya kwiga. Naranakoze n'ikibazo co hagati mu gice c'umwaka, ariko inyuma gato aba Talibani baraje, vyose bica birarangira."

Aba Talibani bavuze ko amashure na za kaminuza vyugawe gusa vy'agateganyo ku bagore n'abakobwa gushika igihe habonetse "uburyo bubabereye". Biragaragara ko hari ukutumvikana muri reta y'aba Talibani kuri ico kibazo, ariko utwigoro twose tw'abipfuza ko abakobwa bategerezwa kurekurirwa kwiga, nta co twashitseko.

Uravye bimwe mu bibujijwe, aba Talibani bavuga ko babishizeho kubera abagore batari bambaye umwitwikiro canke batakurikije amategeko ya Islam. Amategeko y'intwaro y'aba Talibani yose ntasa mu ntara zoze, ariko ayo mategeko atuma haba ubwoba n'ingorane nyinshi.

Tamana ati:"Misi yose twambara umwitwikiro. Ariko nta co bihindura. Bisigura iki? Sindabitahura."

Muri iki gihe cacu mu gihugu ca Afghanistani imbere n'inyuma y'aho aba Talibani bafatiye ubutegetsi, ntitwigeze duhura n'umugore w'umu Afghan atambaye umwitwikiro.

Mu guhangana n'ayo mategeko agabanya uburenganzira bw'abagore, Laila Basim yarashinze inzu y'isomera ku bagore i Kaboul twagendeye mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze. Ibitabo ibihumbi n'ibihumbi biratondetse neza ku bubati butonze ku mpome z'icumba. Abagore baraza gusoma ibitabo, kandi rimwe na rimwe kugira bahure hagati yabo - akoryo keza kuva aho bugaraniwe muhira.

Ubu iryo somero ry'ibitabo rirugaye.

Laila ati:"Incuro zibiri zose aba Talibani bugaye iryo somero, twarashoboye gusubira kwugurura. Ariko iterabwoba ryagiye ryongerekana umusi ku musi. Narakiriye amatelefone menshi ambaza igituma nshobora kwugurura inzu y'isomero ry'ibitabo y'abagore. Rimwe baraje muri iryo somero babwira abagore ko badafise uburenganzira bwo gusoma ibitabo. Vyari bisigaye nko kwigerezako kuhakorera, vyabaye ngombwa gufata ingingo itoroshe kwugara iyo nzu."

Laila Basim
Insiguro y'isanamu, Laila Basim yarugaye inzu y'ubusomero y'abagore kuva iyo foto ifashwe mu kwezi kwa cumi na rimwe

Avuga ko azobandanya kuraba ingene yobandanya kugwanya amategeko y'aba Talibani.

Yongeyeko ati:"Ni vyo ndafise ubwoba, ariko iyugarwa ry'iryo somero ry'ibitabo si yo mpera y'urugendo. Hari ubundi buryo bwo gukoresha mu kuduza ijwi ry'abagore muri Afghanistan. Biragoyeandi bisaba kwiheba, ariko twarabitanguye kandi twaravyiyemeje.

Ku bagore basanzwe ari bo babeshejeho imiryango yabo, biragoye kwigwanako ku musi ku musi.

Meena(Izina ryahinduwe) n'umupfakazi ari mu myaka mirongo ine. Yahora akaora isuku mw'ishure ry'abigeme, akaba ari we afasha umuryango wiwe w'abana 10. Yatakaje akazi kiwe igihe ishure yugara kandi muri iki gihe c'ingorane z'ubutunzi mu gihugu, kuva ico gihe ntararonka akazi gashemeye.

Ubu agenda arasegerereza mu mabarabara ya Kabul.

N'amarira menshi, agira ati:"Numva umenga sindiho. Abantu barazi ko ata kintu ngira, rero baragerageza kumfasha. Umuntu yopfuma apfa hako aba mu buzima ata gateka. Umusi umwe ndonse ibijumbu, ndabiharura nkabiteka. Ku musi ukurikira, nca nteka ibishishwa kugira ngaburire umuryango wanje."

N'aho ari muri izo ngorane, Meera yipfuza ko abakobwa biwe boshobora kuja kw'ishure.

Yongeyeko ati:"Igihe boshobora kwiga, bashobora kuronka ubuzi. Umwe mu bakobwa banje ashaka kwiga amategeko, uwundi na we ashaka kwiga ivyo amagara y'abantu. Nababwiye nzobaronderera amahera kugira bige, n'aho vyonsaba kugenda ndasabiriza kugira ndayaronke, ariko ntibashobora kuja kuri kaminuza kubera aba Talibani batabemerera.

"Nta kintu na kimwe kiretse akababaro n'agahinda birangwa muri buri nzu ubu.