Aba Taliban babujije abakozi b'abagore mu mashirahamwe y’abagiraneza, nayo yahagaritse ibikorwa

Amashirahamwe y'abagiranieza avuga ko iyi ngingo yo kubuza abakozi b'abagore ari akaga ku gikorwa c'ubutabazi

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Amashirahamwe y'abagiranieza avuga ko iyi ngingo yo kubuza abakozi b'abagore ari akaga ku gikorwa c'ubutabazi

Amashirahamwe atanu makuru makuru yahagaritse ibikorwa muri Afghanistan inyuma y’aho aba Taliban baburije abakozi b’abagore muri yo.

Amashirahamwe Care International, Norwegian Refugee Council (NRC) hamwe na Save the Children avuga ko adashobora kubandanya ibikorwa vyayo “abakozi bacu b’abagore batarimwo”.

International Rescue Committee (IRC) naryo nyene ryahagaritse ibikorwa, mu gihe irindi naryo Islamic Relief rivuga ko ryahagaritse hafi ibikorwa vyaryo vyose.

Ubutegetsi bw’aba Taliban muri Afghanistan burageramiye uburenganzira bw’abagore.

Iri tegeko ku mashirahamwe y’abagiraneza rije inyuma y’imisi mikeya aba Taliban babujije abagore kwiga amashure kaminuza.

Abdel Rahman Habib, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutunzi muri reta y’aba Taliban, yagiriza abagore bakora mu mashirahamwe mpuzamakungu y’abagiraneza ko bahonyanga amabwirizwa mu kutambara hijab, wa mwambaro wo kwitwikira w’aba-Islam.

Aba Taliban bagabisha ko bashobora guhagarika impusha kw’ishirahamwe iryo ari ryo ryose ritokurikiza ubwo nyene iyi ngingo.

Amashirahamwe atari make ariyamiriza iyi ngingo, agasaba ko abagore bokwemererwa kubandanya bakorana nayo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abarongoye Care, NRC na Save the Children bavuze mw’itangazo rusangi ko aya mashirahamwe atari “kuba yashikiriye amamiriyoni n’amamiriyoni y’abanya-Afghanistani bakeneye ubufasha kuva muri Myandagaro (8) 2021” iyo hataba abakozi b’abagore.

Iri tangazo ryabo rivuga kandi riti: "Mu gihe tumaze kuronka umuco kuri iri tangazo, turahagaritse vy’agateganyo ibikorwa vyacu, dusaba ko abagabo n’abagore bose ku buringanire bobandanya ibikorwa vy’ubutabazi muri Afghanistan”.

Ku ruhande rwayo, IRC isanzwe ikoresha abagore 3000 mu gihugu cose ivuga ko ubushobozi bwayo mu bikorwa vyayo bwari buhagaze ku “bakozi b’abagore ku ngero nzose mw’ishirahamwe ryacu”, ko rero mu gihe abagore batokwemererwa gukora, idashobora gushikira “abo bose bakeneye ubufasha”.

Islamic Relief rivuga ko ryafashe “ingingo itoroshe yo guhagarika vy’agateganyo ibikorwa vyose atari ivyo ubutabazi muri Afghanistan” harimwo “ibikorwa vyo gufasha imiryango ya ba ntahonikora kuronka amaragamo, co kimwe n’ibijanye n’indero n’ibindi bimwe bimwe vy’amagara y’abantu”.

Iri shirahamwe rivuga riti: "Islamic Relief isaba abategetsi ba Afghanistan guhagarika vuba bwango iyi ngingo yo kubuza abakozi b’abagore mu mashirahamwe y’abagiraneza”.

"Iyi ngingo izogira ingaruka mbi cane ku mamiriyoni y’abagabo, abagore n’abana mu gihugu cose. Turababaye kubona iyi ngingo ije inyuma y’imisi mike gusa hafashwe izindi ngingo ruhasha zo kuzibira abakobwa mu mashure”.

Ramiz Alakbarov, umugenduzi mukuru w’igisata kijejwe ubutabazi mw’ishirahamwe ONU avuga ko ONU iriko iragerageza gusaba ko iyi ngingo ifutwa kandi ko ari “umurongo utukura ku mashirahamwe yose y’abagiraneza”.

ONU irashobora guhagarika ibikorwa vyo gutanga imfashanyo mur Afghanistan mu gihe aba Taliban batofuta iyi ngingo ibuza abagore gukora mu mashirahamwe y’abagiraneza, nk’uko uyo mutegetsi yabibwiye BBC.

Ariko Alakbarov avuga ko bitaratomoka neza ico aba Taliban bashatse kuvuga muri iyo ngingo.

Avuga ko umushikiranganji w’amagara y’abantu muri reta y’aba Taliban yabwiye ishirahamwe ONU ko ryobandanya ibikorwa vyaryo bijanye n’amagara y’abantu kandi ko abagore bashobora “kubandanya batonda ku kazi bagakora ibikorwa vyabo”.

Yongerako y’uko n’ubundi bushikiranganji na bwo nyene bwivuganiye na ONU, aho buvuga ko ibikorwa mu bisata vyo guhangana n’ibiza be n’ivy’ubutabazi vyobandanya ukuri kwamye.

Jan Egeland wo muri NRC avuga ko hafi 500 b’abakozi 1400 b’iri shirahamwe ry’abagiraneza ari abagore, kandi ko abakozi b’abagore bakora “bakurikije imico n’imigenzo yose, amabwirizwa ajanye n’inyambaro, ukwiyunguruza, no gutandukanya ibiro bakoreramwo”.

Avuga ko yizeye ko iyi ngingo ishobora “gufutwa mu misi iri imbere”, anagabisha ko amamiriyoni n’amamiriyoni y’abanyagihugu bomererwa nabi mu gihe amashirahamwe y’abagiraneza yozibirwa.

Kuva bisubije ubutegetsi bw’igihugu mu mwaka uheze, aba Taliban babandanya bazingamika uburenganzira bw’abagore – n’aho bari bemereye amakungu ko ubutegetsi bwabo buzokwiyorosha gusumba ubutegetsi bwabo bwo mu myaka ya 1990.

Uretse abagore kubuzwa mu mashirahamwe y’abagiraneza no mu mashure ya kaminuza – mbere nko ku banyeshure hoho, abajejwe umutegako bakaba ari bo bahagarariye iyi ngingo – amashure yisumbuye y’abakobwa aracugaye mu ntara hafi zose z’igihugu.

Abagore kandi ntibemerewe kwinjira ibibanza vyo gufatiramwo akayaga n'amazu yo kwinonoreramwo imitsi, ivyo ni bimwe mu bibanza bihuriramwo abantu benshi batarekuriwe kujamwo.