Afganistan: Abasirikare benshi bari banditswe bagahembawa batabaho - Uwahora ari umutegetsi

Ahavuye isanamu, Los Angeles Times via Getty
Uwahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta muri Afghanistan avuga ugutembagara kwa reta kwatewe n'abategetsi bamunzwe n'igiturire gushika aho bandika "abasirikare batabaho" kandi bagahembwa n'aba-Taliban.
Khalid Payenda yabwiye BBC ko benshi mu basirikare 300.000 bari banditswe mu bitabo vya reta batabaho.
Yavuze ko abakozi batabaho bongerwa ku rutonde ruzwi kugira aba jenerari bahembwe imishahara yari ibagenewe.
Aba-Taliban baranyarukije cane gufata Afghanistan muri Myandagaro/Kanama (ukwezi kw'umunani), ubwo ingabo za Amerika zava muri ico gihugu inyuma y'imyaka 20 zari zihamaze.
Payenda, yatanze imihoho (yeguye) hanyuma akava muri Afghanistan igihe aba-Taliban bari ku murindi mununi wo kwigarurira igihugu, yavuze ko inyandiko zerekana ko ingabo za reta zarusha igitigiri iz'aba-Taliban ahanini zitari zo namba.
Yabwiye Ed Butler wa BBC ati: "Ingene ibiharuro vy'amafaranga vyakorwa, warabaza umutegetsi muri iyo ntara abantu afise ingene bangana hanyuma ufatiye kuri ivyo ugaharura imishahara n'amafaranga y'ivyo kurya kandi igihe cose ibitigiri vyagirwa binini cane".
Uwo yahoze ari umushikiranganji avuga ko ibitigiri bishobora kuba vyaragwijwe (byarakubweho) incuro zirenga zitandatu, kandi haba harimwo "abatorotse n'abapfuye batigera bavanwa ku ntonde kuko bamwe mu bategetsi ba gisirikare bagumya amakarata yabo ya banki" hanyuma bagafata imishasha yabo.
Kuva kera hagumye ibibazo ku bitgiri vy'ingabo za Afghanistan.
Mu cegeranyo co 2016, umugenduzi mukuru adasanzwe wa Amerika ku mugambi wo gusanura Afghanistan (Special Inspector General for Afghanistan Reconstruction, Sigar) yavuze ko "yaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika canke Afghanistan nta n'umwe azi uko igitigiri c'abasirikare n'abaporisi ba Afghanistan kingana, ingene abari ku kazi bangana, canke, ufatiye ngaho, ubushobozi bwabo bwo kuja ku rugamba".
Mu cegeranyo ca vuba kurusha, Sigar yashikirije amakenga "akomeye kw'ibungwe riterwa n'ingaruka z'igiturire … n'amakenga ku bitigiri nyavyo vy'izo ngabo".
Payenda yavuze ko n'abasirikare bahari vy'ukuri batahembwa ku gihe, mu gihe hari aba jenerari "batambikiza" - bagafata amafaranga bahembwa na reta, hanyuma bagahabwa amafaranga n'aba-Taliban kugira bahebe urugamba batarwanye.
Avuga ati: "Abantu bumva ko ibintu bidashobora guhinduka. Uko niko inama nshingamateka ikora, uko niko reta ikora. Abantu bose bavuga ngo ivyo bihera ku nzego zo hejuru, bisigura ko n'abategetsi bakuru bari babifisemwo uruhara".
Avuga ko atibaza ko prezida Ashraf Ghani nawe "yari muri ivyo biturire vy'amafaranga".
Avuga ku vyavugwa ko no mu bushikiranganji bw'ikigega ca reta naho hariyo ibiturire, Payenda yavuze ati: "Ndavyemera hamwe hamwe, ariko kuri co kibazo, nta na gato."
Avuga ko ibihugu vy'i Buraya vyagize ''uruhara" muri bimwe mu vyagenze nabi muri Afghanistan, avuga ko igikorwa c'ingabo za Amerika na OTAN muri ico gihugu yabaye "amahirwe akomeye yatakaye".












