Imvo n'imvano ku kibazo ca Afghanistan
Ikiganiro c’uyu musi cerekeye inkuru imaze iminsi ivugwa cane kw'isi, iyo nayo nta yindi n'ikurwa ry'ingabo z'Amerika n'abo bafatanyaga mw'ishirahamwe ryo kwivuna abansi NATO / OTAN mu gihugu ca Afghanistan. Izo ngabo zari zimaze imyaka 20 ziri muri ico gihugu kiri muri Asia yo hagati.
Kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 31 z’ukwezi kw’umunani ni ho harangira intamabara yahuza Amerika n’incuti zayo hamwe n’aba Talibani ku mugaragaro nk’uko biri mu masezerano y’i Doha izo mpande zibiri zari zashizeko umukono mu biganiro vyabahurije mu gihugu ca Qatar kw'itariki 29 z'ukwa 2 mu mwaka uheze wa 2020.
Amerika yari yagiye muri ico gihugu inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyo kuwa 11 ukwezi kw’icenda mu 2001, vyagizwe i New York bihitana abantu 3.000 mu bibanza bitandukanye, aho ico gihugu cavuga ko kigiye gushigikira demokrasi no kurandurana n’imizi iterabwoba ry’umuhari Al-Qaeda.
Ico gihugu n’incuti zaco zihurukiye mw’ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN, baciye birukana aba Talibani bari ku butegetsi mu ntambara bivugwa ko yagiye iratwara amadolari imiriyaridi 100 buri mwaka. Inyuma y’imyaka cumi y’intambara y’urutavanako n’uruhigi rukomeye rwo gufata canke kwica Osama Ben Laden, yari arongoye umuhari wa Al-Qaeda, Amerika yaje kumwicira mu gihugu kibanyi, Pakistan.
Kuva Amerika itanguye gukura abasirikare bayo muri ico gihugu, aba Talibani baciye batangura kwigarurira ibisagara bitandukanye harimwo n’umugwa mukuru Kaboul.
Bagifata Kaboul, umuvugizi w’aba Talibani yabwiye BBC ko bijeje abanyagihugu ba Afghanistan muri rusangi, cane cane ababa mu gisagara ca Kaboul vy’umwihariko, ko ivyo batunze, ubuzima bwabo, vyose biri mu mutekano, ko ata kwihora bizobaho.
Ufatiye kuri aya majambo umuntu yovuga ko aba Talibani b’ejo atari bo b’uyu musi?
Ko Afghnistani kigiye kuba igihugu kirangwamwo amahoro n’umutekano? Coba kigiye kwemerwa n’amakungu?
Kazoza k’iyindi mihari yishimikiza idini rya Islam n’akahe?
Muri kino kiganiro Cyriaque Muhawenayo ari kumwe na Manirambona Jean Bosco, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi, Ismael Buchana umwigisha kuri kaminuza mu Rwanda, akaba ari n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe riharanira iterambere ry’abanyafrika mu Rwanda, hamwe rero na Gilbert Mwenedata umuhinga muvyo gucunga imigambi y’iterambere, akaba yarakoreye mu bihugu nk’Urwanda, Republika ya Demokrasi ya Congo na Afghanistan. Ubu akaba akorerera muri Amerika mu ntara ya Washington DC.