Sharia: kubera iki iri tegeko rya Islam ribuza umuzik? Haruna Nkunduwiga arasigura

Insiguro y'amajwi, Itegeko rya Islam Sharia rirabuza umuziki, kubera iki? Haruna Nkunduwiga arasigura

Inyuma y’aho aba Taliban bafatiye ubutegetsi muri Afghanistan, ikintu ca mbere batangaje ni uko iki gihugu gitegerezwa kugendera kw’itegeko rya Islam, rizwi nka Sharia.

Muri iri tegeko, hari vyinshi bibujijwe, kimwe muri vyo ni umuziki.

Mu ndwi iheze, umuvugizi w’aba Taliban Zabihulah Mujahid yabwiye ikinyamakuru New York Times ko umuziki ubujijwe mw’idini rya Islam.

Mu gihe c’ubutegetsi bw'aba Talibani mu myaka ya 1990, umuziki hafi ya wose, televiziyo n'amazu ya sinema vyari bibujijwe kandi kubirengako vyashoboraga kugira ingaruka zikomeye.

Iri tegeko Sharia ririmwo ibifatwa nk’indenzarugero.

BBC yashatse kumenya ico iri tegeko rivuga n’uko Islam ifata umuziki muri rusangi, ikaba yavuganye na Haruna Nkunduwiga yigeze kurongora umuryango w’aba-Islam mu Burundi.

Haruna Nkunduwiga avuga ko iri tegeko ari itegeko ngenderwako rikunze gukurikizwa mu bihugu vya Islam, ariko ridakoreshwa mu bindi bihugu nk’Uburundi kubera Islam iri kumwe n’ayandi madini.

Fyonda aho hejuru wumvirize ingene Haruna Nkunduwiga avuga.