Afghanistan: Aba Taliban babujije abagore ingendo ndende mw'ibarabara ari bonyene

Aba Taliban bafashe ubutegetsi mu kwa munani inyuma y'intambara yamaze igihe gito

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aba Taliban bafashe ubutegetsi mu kwa munani inyuma y'intambara yamaze igihe gito

Aba Taliban bavuga ko abagore bo muri Afghanistan bashaka gufata ingendo za kure mw'ibarabara bazokwemererwa gusa mu gihe bazoba baherekejwe n'umunyamuryango w'igitsinagabo.

Iri tegeko ryasohowe ejo ku wa Mungu ni ryo rya vuba risohowe mu kuburabuza uburenganzira bw'abagore kuva uyu muhari ugendera ku vyiyumviro vy'idini rya Islam ufashe ubutegetsi mu kwa munani.

Amashure yisumbuye menshi abandanya yugaye ku bakobwa, mu gihe abagore hafi bose babujijwe gutonda ku kazi.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch rivuga ko iyi ngingo ishitse kure mu kugira abagore nk'abapfungwa.

Heather Barr, arongoye igisata c'uburenganzira bw'abagore muri iri shirahamwe, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko iri tegeko "rizibiye amahirwe ku bagore yo gushobora kwidegemvya" canke "gushobora guhunga mu gihe bazoba bariko barahohoterwa mu rugo".

Iyi ngingo nshasha yatangajwe n'umushikiranganji wo guteza imbere imico no kurwanya ingeso mbi, avuga ko abagore bashaka gufata urugendo rurenza ibirometero 72 bazotegerezwa guherekezwa n'umunyamuryango w'igitsinagabo.

Avuga kuri iyi ngingo, Fatima, umwakirizi aba i Kabul, yabwiye BBC ati: "Numvise mbabaye cane rwose. Sinshobora gusohoka mu bwigenge. None nzogira gute bishitse nkarwara canke umwana akarwara mu gihe umugabo wanje atari ho azoba ari"?

Yongera ko ati: "Aba Taliban baratunyaze umunezero wacu...natakaje ubwigenge n'umunezero vyanje vyose".

Uru rwandiko ruhamagarira bene amamodoka kutemerera abagore batambaye ya myitwikiro ya ki-Islam, canke hijab, kwinjira mu mamodoka yabo, n'aho ritavuga ingene uwo mwitwikiro utegerezwa kuba umeze. Hafi abagore bose ba Afghanistan basanzwe bambara umwitwikiro mu mutwe.

Uru rwandiko kandi rubuza kuvuza umuziki mu mamodokari.

Kuva bafashe ubutegetsi inyuma y'aho ingabo za Amerika n'iz'ibindi bihugu vy'incuti zayo ziviriye mu gihugu, aba Taliban bategetse abagore hafi bose bari basanzwe bafise ubuzi kugumua muhira, mu gihe amashure yisumbuye yugururiwe abahungu hamwe n'abigisha b'abagabo gusa.

Aba Taliban bavuga ko izi ngingo ari izo "igihe gito" kandi ko ngo zafashwe mu ntumbero yo "gukingira" abagore n'abakobwa mu bibanza vyo kwigiramwo n'ivy'akazi.

Mu butegetsi bwabo bwa mbere bwo mu myaka ya 1990, abagore ntibari bemerewe kuja mu mashure no ku buzi.

Mu kwezi guheze, uyu muhari warabujije abagore kuboneka mu bikino vyo ku mboneshakure bongera bategeka abamenyeshamakuru b'abagore kwambara imyitwikiro mu mutwe mu gihe baramutse baboneka ku mateleviziyo.

Ibihugu bitanga imfashanyo vyabwiye aba Taliban ko ari ngombwa ko babanza kwubahiriza uburenganzira bw'abagore imbere y'uko basubira kuronswa imfashanyo.

Igihugu gihanganye n'ibibazo vyo kubaho kw'abanyagihugu hamwe n'ibibazo vy'ubutunzi vyunyuwe n'ihagarikwa ry'imfashanyo mpuzamakungu inyuma y'aho uyu muhari ufatiye ubutegetsi.