Afghanistan: Aba Taliban bahagaritse imyiyerekano y'abagore basaba uburenganzira bwabo

Abagore mu myiyerekano ku wa 04/9/2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abategetsi b'aba Taliban bahagaritse imyiyerekano y'abagore ku mugwa mukuru Kabul basaba uburengazira bwabo inyuma y'aho aba Taliban bafatiye ubutegetsi muri Afghanistani.

Aba bagore bavuga ko aba Taliban babateye vya vyuka bikoroza amosozi n'ibindi vy'ipiripiri mu gihe bariko bagerageza kujabuka ikiraro batera baja ku ngoro y'umukuru w'igihugu.

Ariko aba Taliban bavuga ko iyo myiyerekano yari yarenze inkombe, nk'uko ikinyamakuru Tolo co muri Afghanistani kibivuga.

Niyo myiyerekano y'abagore yaheruka mu yindi itari mike i Kabul na Herat.

Aba bagore bari bateguye iyi myiyerekano basaba uburenganzira bwo gukora, bongere bashirwe muri reta.

AbaTaliban bavuga ko mu misi iri imbere bazotangaza reta yabo, bakavuga ko bashobora kuronswa ibibanza, ariko ko badashobora kurongora ubushikiranganji.

Abagore benshi baratinya ko bashobora gusubira gufatwa nabi nko mu bihe vyaheze igihe aba Taliban bari ku butegetsi ubwa mbere, hagati ya 1996 na 2001.

Ico gihe, abagore bategerezwa kwipfuka mu maso hose iyo bari hanze yo muhira, kandi bagahabwa ibihano ruhasha no ku dukosa duto.

Umunyamakuru Azita Nazimi yabwiye Tolo ati: "Mu myaka 25 iheze, igihe aba Taliban baza, barambujije kuja kw'ishure".

"Inyuma y'imyaka itanu y'ubutegetsi bwabo, nize imyaka 25 nongera ndakora cane. Kubwa kazoza keza kacu, ntidushobora kwemera ko ibi bisubira".

Uwundi mugore yari mu myiyerekano, Soraya, yabwiye Reuters ati: "Bakubise kandi abagore mu mutwe bakoresheje igikono c'inkoho, abo bagore buzuye amaraso".

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

1px transparent line

Hagati aho, intambara zirabandanya mu kiyaya ca Panjshir, kiri mu buraruko bwa Kabul, aho inyeshamba zihanganye n'aba Taliban barondera gufata ako karere.

Ariko buri ruhande rugenda rwemeza ko rufise ibintu mu minwe. Aba Taliban bavuga ko bigaruriye utundi turere tubiri kandi ko bariko batera baja ku mugwa mukuru w'iyo ntara.

Umuvugizi w'umuhari National Resistance Front of Afghanistan (NRF) avuga ko intambara zikomeye zibandanya kandi ko ibihumbi vy'aba Taliban bazibiwe.

Umukuru w'uyu muhari NRF, Ahmad Massoud, yakeje abagore bakoze imyiyerekano muri Herat, anavuga ko Panjshir ibandanya yirwanira.

Ibivugwa n'umuhari NRF canke n'aba Taliban ntibirashobora guhinyuzwa n'uruhande ataho rwegamiye.