Afghanistan: Aba Taliban bahanganye bikomeye n'umuhari udashaka kurekura ikiyaya ca Panjshir

Ahavuye isanamu, AFP
Gushika ubu amaherezo y'ikiyaya ca Panjshir muri Afghanistan - akarere konyene katarashobora kwigarurirwa n'aba Taliban - ntaboneka neza mu gihe intambara zikomeye zibandanya.
Itororokanirizo ry'amakuru Reuters yahawe amakuru n'aba Taliban avuga ko bigaruriye ako karere, ariko abarwanyi bahanganye nabo barabibeshuza.
Umwe mu barongoye abo barwanyi, Amrullah Saleh, arahakana amakuru avuga ko yahunze, ariko ko ibintu "bimeze nabi".
Izi ntambara zo mu kiyaya ca Panjshir zivugwa ko zimaze guhitana abagera mu majana.
Iki kiyaya kiri mu buraruko bwa Kabul, ni imwe mu ntara nto cane za Afghanistan, ikaba imwe rudende itarashobora kwigarurirwa n'aba Taliban.
Aka karere kamye karwanya aba Taliban kuva muri kahise karimwo abantu bari hagati ya 150.000 na 200.000, kakaba kinyegeje hagati mu misozi miremire.
Uyu murwi - ugizwe n'abahoze mu ngabo za Afghanistan n'imirwi ya gisirikare irangwa muri ako karere - urongowe n'umukuru wabo yitwa Ahmad Massoud. Se wiwe yararwanije aratsinda aba Soviet mu myaka ya 1980 hamwe n'aba Taliban mu myaka ya 1990.

Mu butumwa bw'ireresi bwarungikiwe BBC, Saleh yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu wa Afghanistan, yavuze ko impande zompi zatakaje abarwanyi.
Ati: "Nta nkeka ko ibintu bitoroshe. Twatewe n'aba Taliban".
Ariko yongerako ati: "Ntiturota twishikana, turiko turarwanira Afghanistan".
Avuga ko yatanze iyi reresi kugira ngo ahumurize abanyagihugu ko amakuru avuga ko yahunze igihugu ari ibinyoma. Ariko, BBC ntiyashoboye kuronka amakuru yemeza aho ari.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa

Ali Nazari, umuvugizi w'abarwanyi b'umuhari National Resistance Front (NRF), yabwiye BBC ko inyeshamba zirukanye aba Taliban.
Ati: "Ubu dusugereje aba Taliban baharurwa mu majana baguye mu mutego. Kandi baherewe n'amasasu ubu bariko barondera ingene bokwishikana".
Ariko abategetsi b'aba Taliban bavuga ko batsinze intambara muri ako karere, aho umwe mu ntwazangabo yabwiye Reuters ati: "Kubw'Imana Rugiravyose, ubu turagenzura Afghanistan yose. Abagumutsi batsinzwe, na Panjshir ubu ni twebwe tuyigenzura".
Aba Taliban nibo bagenzura ibice bindi vyose vya Afghanistan bakaba bitezwe gutangaza reta nshasha mu misi iri imbere.
Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Bulaya n'Ubwongereza, vyahambije Amerika ejo ku wa gatanu mu gutangaza ko bazoraba ingene bakorana n'uyu muhari ugendera ku vyiyumviro vy'idini rya Islam, ariko ko bitazowemera nka reta ya Afghanistan.
Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Bulaya rivuga kandi ko ririko ritegura gusubira kwugurura ibiro vy'ubuserukizi vyaryo i Kabul kugira ngo bihagararire ibikorwa vyo gutahukana abaryo vyongere bikurikiranire hagufi ko reta ya Afghanistan ishira mu ngiro ivyo yiyemeje mu bisata bitandukanye, harimwo ibijanye n'umutekano hamwe n'uburenganzira bwa kiremwamuntu.










