Afghanistan: Abamenyeshamakuru bavuze uko bakubiswe n'aba Taliban

Journalists from the Etilaatroz newspaper, Nemat Naqdi, 28, a video journalist, left and Taqi Daryabi, 22, video editor undress to show their wounds sustained after Taliban fighters tortured and beat them while in custody after they were arrested for reporting on a women's rights protest in Kabul, Afghanistan, Wednesday, Sept. 8, 2021

Ahavuye isanamu, MARCUS YAM/LOS ANGELES TIMES/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Umumenyeshamakuru w'ikinyamakuru Etilaatroz yakubiswe hakoreshejwe intsinga

Muri Afghanistan bamenyeshamakuru bavuga ko bakubiswe, barapfungwa n'aba Taliban igihe bariko baragerageza kwegeranya amakuru yerekeye imyiyerekano.

Ifoto ziriko zirakwiragizwa ku mbuga hwaniro zerekana abamenyeshamakuru babiri b'ikinyamakuru Etilaatroz bafise imiramu inyuma yo guhagarikwa ku mugwa mukuru i Kabul.

Umwe muri bo, Taqi Daryabi, yabwiye BBC ko yajanywe ku gituro c'igipolisi aho yasunaguwe yongera arakubitwa.

Ku musi wa gatatu, Abamenyeshamakuru ba BBC barankiwe gufata amasanamu.

Daryabi ari kumwe n'uwufata amasanamu Nematullah Naqdi, barakurikiranye imyiyerekano y'abapfasoni i Kabul kuri uyu wa gatatu.

Mu nyuma, bajanywe ku gituro c'igipolisi aho bavuga ko bakubiswe hakoreshejwe inkoni, intsinga z'amatara hamwe n'indembo. Inyuma y'amasaha make, bararekuwe n'aba Taliban ata nsiguro zitanzwe.

Yabwiye umumenyeshamakuru wa BBBC i Kabul, Secunder Kermani ati:"Banjanye mu kindi cumba baca bambohera amaboko i mugongo. Naciye nigira inama yo kutabagwanya kuko nibajije ko bashobora guca bankubita gusumba. Naciye ndyama hasi kuburyo nkingira isura.

"Umunani muri bo baciye baza batangura kunkubita --- bakoresheje inkoni, indembo z'igipolisi hamwe n'intsinga - ikintu cose bari bafise mu minwe. Ibi bikomere vyo mu maso vyavuye ku migere y'ibirato bankubise.

"Nataye ubwenge hanyuma baca barahagarika. Baciye banjana mu yindi gorofa ahari agasho baca bansigayo."

Daryabi yavuze ko yataye ubwenge inyuma yo gukubitwa, hanyuma inyuma y'amasaha nk'abiri yaciye arekurwa.

"Sinari nkibasha gutambuka ariko baguma batubwira ngo tunyaruke. Nababara cane gose."

Nematullah Naqdi yavuze ko abagwanyi b'aba Taliban bagerageje kumutwara kamera agitangura gufata amasanamu y'abari mu myiyerekano.

Naqdi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ati:"Umwe mu ba Taliban yamponyoye mu mutwe aca afyonyorera isura yanje kw'isima. Bankubise mu mutwe ... niyumviriye ko bashaka kunyica."

Yabajije igituma bariko barakubitwa, baca bamwishura:"Ugira imana ko udaciwe umutwe."

Itororokanirizo ry'amakuru rya Tolo rivuga ko umumenyeshamakuru waryo afata amasanamu yahagaritswe arapfungwa n'aba Taliban mu kiringo c'amasaha atatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ata ho ryegamiye rya CPJ rivuga ko abamenyeshamakuru 14 ari bo bafashwe mu nyuma baza kurekurwa muri iyi misi ibiri iheze.

Umuhuzabikorwa w'ishirahamwe CPJ mu karere ka Aziya Steven Butler agira ati:"Aba Taliban ntibatevye kwerekana ko ivyo bari bemeye ko bazoreka abimenyeshamakuru vyigenga bigakora mu bwigenge rwari uruhendo."

"Dyhamagarira aba Taliban kwubahiriza ivyo bemeye, guhagarika gukubita no gupfunga abamenyeshamakuru bari mu kazi kabo, no kureka ibimenyeshamakuru bikore mu bwigenge ata bwoba."

Journalists from the Etilaatroz newspaper, Taqi Daryabi, 22, video editor, left, and Nemat Naqdi, 28, a video journalist, right grimace as they sit on their wounds sustained after Taliban fighters tortured and beat them while in custody after they were arrested for reporting on a women's rights protest in Kabul, Afghanistan, Wednesday, Sept. 8, 2021

Ahavuye isanamu, MARCUS YAM/LOS ANGELES TIMES/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Abamenyeshamakuru bakomeretse Taqi Daryabi, i bubamfu, na Nematullah Naqdi Naqdi

Mu ntango z'iyi ndwi,aba Taliban, bigaruriye igihugu cose ca Afghanistan mu kiringo c'indwi zitatu, bamenyesheje abagize reta bose b'abagabo bagiye kurongora ico gihugu.

Kuva ico gihe, baciye babuza imyiyerekano, bavuga ko itemewe kiretse habonetse uruhusha bwo mu bushikiranganji bw'ubutungane.