Abo umurongo ukaze mu bibanza bikomeye muri reta y'aba Taliban

Mullah Mohammad Hassan Akhund

Ahavuye isanamu, Supplied

Insiguro y'isanamu, Aba Taliban basohoye iyo foto ya vuba y'umushikiranganji wa mbere wabo mushasha w'imfatakibanza Mullah Mohammad Hassan Akhund

Aba Taliban batangaje abagize reta mfatakibanza muri Afghanistan, baca banamenyesha ko ico gihugu kigiye kugengwa n'amategeko ya Islam.

Iyo reta, igizwe n'abagabo gusa, irimwo abakuru bakuru mu ndongozi z'aba-Taliban bamwe bazwi cane mu bitero ku ngabo z'abanyamerika mu myaka 20 iheze.

Reta izoba irongowe na Mullah Mohammad Hassan Akhund, umwe mu bashinze uwo muhari, nawe asanzwe ari ku rutonde rw'abatemerwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu azoba umugabo atinyitse cane aronderwa na FBI arongoye umugwi w'abagwanyi ba Haqqani.

Aba Taliban bigaruriye igihugu nka cose mu ndwi zitatu ziheze, birukanye abari batowe n'abanyagihugu.

Amerika ifise impungenge

Itangazwa ry'abagize reta n'intambwe ikomeye igana ku butegetsi bw'aba Taliban. Ubwo butegetsi buzohangana n'ibibazo bikomeye , hadasigaye inyuma ico gukomeza no guha amaragamo ubutunzi bw'ico gihugu hamwe no kwemerwa mu makungu.

Kare aba-Taliban bari bavuze ko bashaka gushinga reta irimwo impande zose . Ariko abashikiranganji bose batangajwe ku wa kabiri basanzwe ari indongozi zizwi z'aba-Taliban , kandi nta mugore n'umwe arimwo.

Reta Zunze ubumwe za Amerika zivuga ko ''zifise impungenge" inyuma y'aho aba Taliban bashiriye ahabona abagize reta yabo y'abashikiranganji b'abagabo gusa kandi irimwo abantu bafitaniye isano n'ibitero ku ngabo z'Abanyamerika.

Ubushikirangani bw'imigenderanire bwa Amerika buvga ko buriko burihweza iryo tangazo ryo ku wa kabiri.

Umukenguzamateka wa Amerika Lindsey Graham yavuze ko iyo reta mfatakibanza ari umurongo "w'abamenanzugi hamwe n'abanyamacuniro". N'umwe mu bakuru b'aba Republicans yiyamirije ingingo bavuga ko "itiyumviriwe neza" yo kuva muri Afghanistan yafashwe na prezida w'umu Democrat Joe Biden.

Itangazo rya Washington rivuga iki?

Mw'itangazo ku wa kabiri, ubushikiranganji bw'imigenderanire (State Department) bwavuze buti: "Twabonye ko urutonde rw'amazina yatangajwe rugizwe gusa n'abasanzwe ari abanywanyi b'aba Taliban canke abo bakorana kandi ata mugore arimwo.

"Turatewe impungenge kandi na kahise ka bamwe bamwe muri bo."

Ribandanya rivuga ko ''Amerika izofatira aba-Taliban ku vyo bakora, atari ku majambo."

Itangazo rivuga ko Amerika "Izofatira aba-Taliban ku vyo biyemeje" vyo gutanga inzira itekanye ku banyamahanga n'abanya-Afghanistan bafise ivyangombwa vyo kugira ingendo, harimwo no ''kwemerera indege ubu ziteguriye kuva muri Afghanistan".

Ribandanya rivuga riti: ''Twibukije kandi ko twiteze ko aba-Taliban bazokora ibishoboka kugira ubutaka bwa Afghanistan ntibukoreshwe mu kubangamira ibindi bihugu".

''Isi iriko ibirabira hafi."

Abashikiranganji babwiwe kugendera kw'itegeko rya Sharia

Itangazo ryitirirwa indongozi kizigenza y'aba-Taliban Mawlawi Hibatullah Akhundzada ryabwiye reta gushira mu ngiro itegeko rya Sharia.

Iryo tangazo ryasohotse mu rurimi rw'icongereza rivuga ko aba-Taliban "bashaka imigenderanire ikomeye kandi imeze neza n'ababanyi n'ibindi bihugu ishingiye ku kwubahana no kuvugana" - ariko harimwo kugabisha ko bazokwubahiriza amategeko n'amasezerano mpuzamakungu "adateye kubiri n'itegeko rya Islam n'ayandi mateka y'igihugu".

Hibatullah Akhundzada ntarigera aboneka ahagaragara. Ubu nibwo butumwa bwa mbere buvuye kuri we bugiye ahabona kuva aba-Taliban bigaruriye ubutegetsi mu kwezi guheze.

Hassan Akhund, umushikiranganji wa mbere mushasha w'imfatakibanza , yarabaye umushikiranganji w'imigenderanire kuva mu 1996 gushika mu 2001, igihe uwo mugwi wari ku butegetsi. Azwi cane cane mu burongozi bw'idini muri uwo mugwi kurusha mu ruhande rwa gisirikare.

Igenwa ryiwe ribonwa nko guheberanira, inyuma y'ivyavuzwe ko hoba harabaye gusubiranamwo hagati y'indongozi z'aba-Taliban z'umurongo woroshe na bagenzi babo b'umurongo ukaze.

Zabihullah Mujahid press conference
Insiguro y'isanamu, Umuvugizi w'aba Taliban yamenyesheje abagize reta mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Umuvugizi w'aba Taliban, Zabihullah Mujahid, yagize ati:"Turazi ko abanyagihugu bari barindiranye igishika reta nshasha. Turishuye ku cipfuzo c'abo."

Sarajuddin Haqqani, umushikiranganji mushasha w'intwaro yo hagati mu gihugu, ni we arongoye umugwi w'abagwanyi uzwi kw'izina rya Haqqani ufitaniye ubucuti n'aba Taliban, ukaba ari na wo uri inyuma y'ibitero vyahitanye abantu benshi muri ico gihugu cari kimaze imyaka 20 mu ntambara.

Bitandukanye n'aba Taliban, umuhari wa Haqqani wose wiswe umuhari w'iterabwoba ukorera mu mahanga na Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Abandi bagenywe harimwo Mullah Yaqoob nk'umushikiranganji wo kwivuna abansi, Amir Khan Muttaqi, uwo imigenderanire n'amakungu hamwe n'abari mu bashinzwe umuhari w'aba Taliban Mullah Abdul Ghani Baradar na Mullah Abdul Salam Hanafi nk'ivyegera.

Yaqoob n'umuhungu w'uwashinze uwo muhari akaba yaranabaye umuyobozi wawo wo mu rwego rwo hejuru Mullah Omar.

Baradar yigeze gutwara ibiro vy'uwo muhari bijejwe politike, anahagararira ishirwa ry'umukono ku masezerano yo kuva muri ico gihugu na Amerika.

Abajijwe impamvu ata mupfasoni n'umwe arimwo, Ahmadullah Wasiq, wo mu mugwi ujejwe imico mu ba Taliban, yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC Secunder Kemani ko abagize reta bose bataragenwa.