Biden yashigikiye ingingo ya US yo kuva muri Afghanistan, aba Taliban bobo bishimira intsinzi

Joe Biden yaraye ashikirije ijambo ari mu biro vy'umukuru w'igihugu

Ahavuye isanamu, US pool

Insiguro y'isanamu, Joe Biden yaraye ashikirije ijambo ari mu biro vy'umukuru w'igihugu

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika atsimbataye ku ngingo yiwe yo kuvana ingabo za Amerika muri Afghanistan - ingingo yatumye aba Taliban basubira kwigarurira ubutegetsi,.

Mw'ijambo yaraye ashikirije igihugu haciye umusi umwe gusa intambara yari imaze imyaka 20 irangiye muri Afghanistan, Perezida Biden yavuze ko kuguma muri Afghanistan utari wo muti.

Yarashimiye ingabo ku gikorwa bateguye co guhungisha abantu barenga 120.000 bashaka guhunga ubutegetsi bw'aba Taliban.

Uyu muhari ugendera ku vyiyumviro vy'idini rya Islam babandanya bigina ico bita intsinzi.

Ingabo mpuzamakungu zirongowe na Amerika zinjiye muri Afghanistan mu 2001, zomora aba Taliban inyuma y'ibitero vyo ku wa 11 z'ukw'icenda 2001 vyagirijwe al-Qaeda - umuhari w'intagondwa wari ufise icicaro muri ico gihugu co muri Aziya.

Perezida Biden aranegurwa cane - haba mu gihugu canke no mu ncuti za Amerika - akagirizwa ko yahurudutse mu kuva muri Afghanistan, ivyatumye ingabo za Afghanistan zigishijwe zigahabwa amafaranga na Amerika nyene mu kiringo c'imyaka itari mike zikubitwa mu buryo butari bwitezwe.

Abarwanyi b'aba Taliban zigaruriye igihugu cose mu misi 11 gusa - bakaba bafashe umugwa mukuru Kabul ku wa 15 z'ukwa munani.

Perezida Biden yarungitse ingabo hafi 6.000 gufata ikibuga c'indege kugira ngo zihagararire ibikorwa vyo guhungisha Abanyamerika n'abandi banyamahanga, hamwe n'abanya Afghanistan bakoranye n'ingabo mpuzamakungu.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barisutse ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Kabul barondera kwurira indege zariko zirahungisha abantu.

Mw'ijambo ry'ejo ku wa kabiri, Perezida Biden yashimiye ingabo kuri iki gikorwa co guhungisha abantu benshi mu kiringo gito, aca yemera ko azobandanya n'utwigoro two gutahukana Abanyamerika bakiri muri Afghanistan bipfuza kuvayo- bose hamwe bakaba bashika hafi 200.

Umusirikare wa Amerika aramukanya n'umwana yariko ahungishwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Ariko, uyu mukuru w'igihugu ca Amerika yashigikiye yivuye inyuma ingingo yiwe yo gutahukana ingabo.

Biden ati: "Ntabwo nari kubandanya intambara idahera. Intambara muri Afghanistan ubu irarangiye".

Avuga ko Amerika itari ikeneye ingabo ku rubuga kugira ngo yirwanire.

Umwihwezo w'umunyamakuru Anthony Zurcher akorera muri Amerika ya ruguru

Joe Biden yagerageje "kurangiza uruyogoyogo" inyuma y'ukwezi kwaranzwe n'akajagari n'ubwicanyi muri Afghanistan, inyuma kandi y'imyaka 20 Amerika yita ku rutare ngo yigarurire ico gihugu yongere icubake gushasha.

Hamwe hamwe, yasa n'uwiregura, avuga ko Abanyamerika bagabishijwe incuro 19 zose ko bova muri Afghanistan imbere y'uko ingabo za Amerika zitahukanwa mu kwa munani. Yagirije abategetsi ba Afghanistan, incuti za Amerika zagendera kuri yo, ko "baranzwe n'ibiturire n'ugusesagura ubutunzi".

Yagirije kandi ubutegetsi bwa Trump ko mu biganiro bwarimwo n'aba Taliban bwateye igikumu ku masezerano adatomoye yo gukura ingabo muri Afghanistan.

Avuga ko Amerika ata nyungu zikomeye ifise muri Afghanistan, anagerageza no kwerekana isura nshasha ya poritike mpuzamakungu, ko idategerezwa gushingira ku kurungika ingabo zayo mu mahanga, ahubwo ko itegerezwa gushingira ku migenderanire myiza n'ugufashanya n'amakungu kugira ngo ihangane n'abakeba bayo nk'Uburusiya n'Ubushinwa.

Abanyamerika baboneka ko bashigikiye ko ingabo zivanwa muri Afghanistan, ariko abenshi ntibishimiye ingene Biden yavyifashemwo.

Abategetsi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche/White House, bizeye ko, uko imisi izogenda, ariko igihugu kizogenda cishimira igikorwa cakozwe n'umukuru w'igihugu cabo bakanibagira ibivugwa ku kungene vyagenze.