Afghanistan: Umukuru w'ingabo za US ntabona neza nimba 'ba ruburakigongwe' b'aba Taliban bazohinduka

Jenerali Mark Milley

Ahavuye isanamu, US Pool

Insiguro y'isanamu, Jenerali Mark Milley arashimagiza igikorwa ingabo za Amerika zakoze muri Afghanistan

Umukuru w'ingabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko aba Taliban ari "umuhari ruburakigongwe" akavuga ko bitaboneka neza nimba bazohinduka.

Jenerali Mark Milley avuga ariko ko "bishoboka" ko muri kazoza Amerika ishobora kuzokorana n'aba barwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Islam mu bikorwa vyo kurwanya imirwi y'iterabwoba.

Ingabo za Amerika zavuye muri Afghanistan ku wa 31 z'ukwa munani, ikimenyetso c'uko intambara ya Amerika yari imaze imyaka 20 kuva mu 2001 igihe zikora igitero co kwomora aba Taliban irangiye.

Uyu muhari ubu niwo ugenzura igihugu cose ukaba urindiriye gutangaza reta nshasha.

Gen Milley yari kumwe n'umunyamabanga ajejwe kwivuna abansi wa Amerika Lloyd Austin, mu kiganiro ca mbere bagize kuva ingabo za nyuma zivuye muri Afghanistan.

Perezida Joe Biden wa Amerika aranegurwa cane ingene yavyifashemwo, aho yagirizwa guhuruduka mu gutahukana ingabo, ivyatumye ubutegetsi bwa Afghanistan butembagazwa.

Umuvuduko udasanzwe w'aba Taliban mu kwigarurira igihugu watumye haba igikorwa kidasanzwe co guhungisha ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyamahanga hamwe n'abanya Afghanistan bakorana n'ingabo mvamakungu.

Mu kiganiro cabo nijoro ku wa gatatu, aba bategetsi bompi barashimagije ingabo zakoreye muri Afghanistan hamwe n'igikorwa kidasanzwe co guhungisha abantu benshi mu mwanya muto.

Abajijwe ibijanye n'uko bakoranye n'aba Taliban mu guherekeza ku kibuga c'indege abashaka guhunga , Austin yishuye ati: "Hari ibintu bike twakoranye n'aba Taliban, kandi ni ivyo - kugira ngo dushobore guhungisha abantu benshi bashoboka".

Yongerako ati: "Mu ntambara ukora ivyo utegerezwa gukora kugira ngo ugabanye ingaruka mbi ku gikorwa ujejwe no ku ngabo, ntutegerezwa gukora ivyo ushaka".

Avuga ko bishoboka ko muri kazoza Amerika ikorana n'aba Taliban mu kurwanya umurwi IS-K wegamiye Etat Islamique/Islamic State, uherutse kwiyemerera ko ari wo wakoze igitero giheruka mu micungararo y'ikibuga c'indege mu ndwi iheze kigahitana abarenga 170, harimwo abasirikare 13 ba Amerika.

IS-K ni wo muhari w'intagondwa mubi cane kandi uteye umudugararo gusumba iyindi mihari yose yiyitirira idini rya Islam muri Afghanistan. IS-K irafise ibintu bikomeye utandukaniyeko n'aba Taliban, kuko ibagiriza ko bahemutse bagata urugamba.

Hagati aho, Austin avuga ko ataco ashobora kuvuga ku vyo yibaza ku bijanye n'ingene bashobora kuzokorana muri kazoza. Ariko yongerako y'uko abategetsi "bazokora uko bashoboye kwose kugira ngo tubandanye dukurikiranira hagufi IS-K, tumenye neza uyo muhari, hanyuma mu gihe tuzoshakira muri kazoza, bakabazwa ivyo bakoze".

Abantu barenga 123.000 nibo bashoboye guhungishwa muri Afghanistan.

Amerika ivuga ko hari Abanyamerika bari hagati ya 100 na 200 bakiri muri Afghanistan.

Icegera c'umunyamabanga wa reta ajejwe ibibazo vya poritike Victoria Nuland avuga ko bariko bihweza "uburyo bwose bushoboka" bw'ukungene bovana muri ico gihugu Abanyamerika basigayeyo hamwe n'abo bose bakoranye na Amerika.

Hagati aho, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza Dominic Raab avuga ko atazi neza Abongereza boba basigaye muri Afghanistan, ariko ko bashobora kuba ari bake.

Aba Taliban barishimiye itahukanwa ry'ingabo mvamakungu, ubu ikibaraje ishinga kikaba ari ugushinga reta.

Icegera c'umukuru w'ibiro vya poritike vy'aba Taliban muri Qatar, Sher Abbas Stanekza, yabwiye igisata ca BBC candika mu rurimi rw'igi Pashto ko reta nshasha ishobora gutangazwa mu misi ibiri iri imbere.

Avuga ko abagore bashobora guhabwa ibibanza ku nzego zo hasi, ariko atari ku nzego nkuru.

Avuga ko abakoreye reta mu myaka 20 iheze badashobora gushirwa muri reta nshasha.