Intsinzi y'aba Taliban muri Afghanistan isigura iki ku barwanyi biyitirira Islam muri Africa

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Na Catherine Byaruhanga
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC News muri Afrika
Igihe Afghanistan ifatwa n'aba Taliban, wabaye umunezero mwinshi ku mirwi y'abarwanyi biyitirira idini rya Islam muri Afrika.
"Imana niyo nkuru (Allah akbar)", niko ikinyamakuru gifitaniye isano na al-Shabab yo muri Somalia canditse, kivuga kw'ifatwa ry'ubutegetsi n'aba Taliban.
Ahandi, umukuru w'umurwi wegamiye al-Qaeda, Jamaat Nusrat al-Islam wal-Muslimin (JNIM) wo muri Mali, yatanze ubutumwa ubwa mbere kuva mu 2019 akeza aba Taliban.
"Turiko turatsinda", niko Iyad Ag Ghaly yavuze, agereranya ivanwa ry'ingabo mvamakungu muri Afghanistan n'ingingo y'Ubufaransa yo kugabanya abasirikare babwo mu karere ka Sahel muri Afrika.
Si imirwi yiyitirira idini rya Islam muri Afrika yonyene ibona ko hari ivyabaye muri Afghanistan bisa n'ibishobora kuba muri Afrika.
Kuva muri Somalia mu buseruko bwa Afrika gushika muri Nigeria mu burengero, ibinyamakuru vyasohoye, amakuru abanyagihugu nabo baca ku mbuga hwaniro, berekana impungenge bafise.
Nimba hari akamo ibihugu vya Afrika vyoterwa mu gihe bisanzwe bigendera cane ku mfashanyo y'amakungu mu ntambara n'abarwanyi biyitiriria Islam, itsinzi y'aba Taliban muri Afghanistan ishobora kubibera icigwa.
Ubwoba muri Mali
Kuva 2012, Mali - kimwe mu bihugu binini vyo ku mugabane wa Afrika - ihanganye n'imirwi itari mike y'abarwanyi biyitirira Islam mu turere two mu buraruko no hagati.
Mu ntumbero yo kwisubiza utwo turere, igendera ku ngabo z'Ubufaransa n'iza ONU.
Ariko, Abanyamali bamwe bamwe hamwe n'Abafaransa bamwe bamwe ntibabona neza iyi ngingo y'iki gihugu cahoze gitwara Mali gikoloni yo kurungika ingabo muri iki gihugu.
Mu kwa gatandatu, Ubufaransa bwatangaje ko bugiye kugabanya igitigiri c'ingabo zabwo, hagati ya 2500 na 3000 gushika mu ntango z'umwaka uza.
Hari amakenga ko ingabo za Mali zitazoshobora guhangana n'aba barwanyi biyitirira Islam, na rirya zisanzwe ata n'inyigisho za gisirikare zihagije kandi zifise n'ibikoresho bike.

Ahavuye isanamu, AFP
Bouraima Guindo, arongoye ikinyamakuru Le Pays co muri Mali, avuga ati: "Abantu benshi bafise ubwoba kuko ibintu bishobora kugenda nk'uko vyagenze muri Afghanistan".
"Izi ngabo mvamakungu ni nkenerwa cane kubera mu gihe ejo zogenda, ibintu vyoyangara cane rwose".
Nk'uko n'ibindi binyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga, ikinyamakuru Le Pays gisaba abategetsi b'ico gihugu gukora uko bashoboye kwose bagakomeza igisirikare.
Igihe kiriko kirarangira muri Somalia
Hari kandi impungenge muri Somalia, ahaboneka cane ko ivyabaye muri Afghanistan ari vyo bishobora kuzoba kuri ico gihugu,
Somalia yari imaze imyaka iharurwa muri mirongo idafise ubutegetsi irangwamwo n'intambara, imbere y'uko yiganzirwa n'umuhari al-Shabab ufitaniye ubucuti na al-Qaeda hagati y'imyaka ya 2000.
Reta ishigikiwe n'amakungu imaze igihe irondera kugarukana ubutegetsi mu gihugu cose ifashwe mu mugongo n'ingabo za Afrika zagiye kugarukana umutekano muri ico gihugu zirungitswe n'Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano.

Ahavuye isanamu, SOMALI ARMY / HANDOUT
Intumbero ni ukurandurana n'imizi abarwanyi b'uwo muhari bongera baha n'akaryo reta gushinga inzego.
Ariko' nk'uko vyari bimeze muri Afghanistan, abategetsi baragirizwa kurya ruswa.
Mu ntango z'uno mwaka kandi, harabaye imishamirano ikomeye ku mugwa mukuru biturutse kw'iyunguruzwa ry'amatora, aho impande zimwe zimwe z'abajejwe umutekano zanarasanye.
Iki kibazo cateje amadidane ku bijanye n'integuro yo kwubaka igihugu ca Somalia.
Ilham Gassar, umuhanuzi wa poritike muri ubu butumwa bwa ONU muri Somalia, avuga ko abagiraneza mpuzamakungu bitayeho cane cane gusambura al-Shabab, bibagira umugambi wo kwubaka igihugu gifise inzego zikomeye.
Uyu mupfasoni avuga ati: "Ntibigeze bitaho gufasha umunyasomalia muto muto ngo agire ubuzima bwiza, be no gushiraho ivyotuma ubutegetsi burama".
Mu mpera z'uno mwaka, vyari bitegekanijwe ko reta ya Somalia ifata mu minwe ibikorwa vyo gucungera umutekano, ariko ibi bisa n'ibiri kure nk'ukwezi kubera ingabo zayo ziboneka ko ata bushobozi zifise.
Samira Gaid, arongoye ikigo Hiraal Institute ca Somalia gikurikiranira hagufi ibijanye n'umutekano, avuga ko ingabo za Somalia ata n'integuro zifise zikwiye zo guhagarika igitero c'aba barwanyi ugereranije n'iza Afghanistan.
Uyu mupfasoni ati: "Inzego zijejwe umutekano za Somalia nta bice 0.005% vy'uburyo bwahawe inzego zijejwe umutekano za Afghanistan".
"Nta mfashanyo zihagije zabonetse mu ntumbero yo kwubaka inzego zijejwe umutekano za Somalia. Somalia iracari mu bihano vy'ibirwanisho yafatiwe, vyumvikana ko ata bushobozi dufise bwo kugura ibirwanisho nk'ivyo abanya Afghanistan bari bafise".
Ariko rero n'intumbero muri Somalia yarahindutse, aho ubu icitaweho ari igihe n'ingene bazokura izi ngabo mvamakungu mu gihugu.
Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya waramaze gutangura kugabanya amafaranga watanga, kandi reta nta n'umwanya wo kwitunganya kugira ngo ishobore kwibako igisigaranye.
Inyishu ziciye mu biganiro vyaporitike
Nk'uko vyagenze muri Afghanistan, imirwi y'abarwanyi biyitirira idini rya Islam muri Afrika yariyongereye mu bihugu vyarangwamwo ubutegetsi bujegajega, ata vya nkenerwa vy'ibanze bifise nk'amashure n'ibijanye n'amagara y'abantu, hamwe n'ibibazo bijanye n'ubukene.
Ibi vyose ni vyo vyatumye havuka umurwi w'abarwanyi biyitirira Islam mu karere ka Cabo Delgado muri Mozambique, bikaba kandi ari na vyo abarwanyi bagenderako muri Afrika y'Uburengero mu kurondera abarwanyi bashasha no kurondera ko abanyagihugu babashigikira.
Hamwe hamwe, aba barwanyi babonetse ahubwo bafasha abanyagihugu mu vya nkenerewa no mu bijanye no gutunganiriza abanyagihugu mu bijanye n''ubutungane, ivyatumye babizigira.

Ahavuye isanamu, AFP
Ubu muri Afrika abantu bariko babona ko inyishu za gisirikare zonyene ubwazo zidashobora kurangiza ikibazo c'imirwi y'intagondwa, bakabona ko hakwiye gukorwa ibishoboka vyose kugira ngo haboneke inyishu iciye muri poritike - kumbure bibaye ngombwa hakaba ibiganiro n'aba barwanyi.
Ariko umuhinga mu bijanye n'umutekano Fulan Nasrullah avuga ko vyoba ibintu bibabaje cane mu gihe hogira umurwi n'umwe wa ki Islam wokwigarurira igihugu na kimwe.
Ati: "Abantu ntibakwiye gufata Afghanistan co kimwe Afrika, canke imirwi ya ki Islam ya Afrika bakayifatira hamwe n'ivyabaye muri Afghanistan - ibintu si bimwe, gusa hariho bike ihuriyeko".
Imirwi irwanira muri Afrika y'Uburengero si ihuriro riri hamwe nk'aba Taliban, ni uruvangatirane rw'imirwi yitwara gisirikare itandukanye, usanga rimwe na rimwe ifise intumbero zimwe ariko atari kenshi.
Hanyuma kandi kubona hari imwe usanga iri inyuma ya al-Qaeda iyindi inyuma ya Etat Islamique (IS) vyatumye abari muri yo barasana.
Nasrullah avuga ko imirwi ya ki Islam ya Afrika y'Uburengero "ivuka mu bihugu bigoyagoya, kandi iyo mirwi ubwayo iranagoyagoya gusumba ivyo bihugu".
Ivyigwa twohakura
Haracari kare cane kumenya inkurikizi z'ivyabaye muri Afghanistan kuri poritike ya Afrika. Ariko ibiganiro vyaratanguye ku kungene ingabo z'ibihugu vya rutura zogenda ntibahe inkurikizi.
Comfort Ero, ava mw'ishirahamwe the International Crisis Group, avuga ko hari "ivyigwa vyihutirwa" dushobora kuhakura.
Uyu mupfasoni avuga ko hari "ingorane idahera y'amareta yagirizwa kurya ibiturire, afashwe mu mugongo n'amakungu ku rugero runini cane, aho usanga mbere atanashigikiwe hagati mu gihugu, rero iyo ayo makungu ayakuyeko amaboko, duca dusigara dufise ibihugu magoyagi bidashoboye kwitunga".
Mu gihe amakungu ariko arabona ibintu biteye ubwoba vy'abantu bagerageza guhunga bava muri Afghanistan, umupfasoni Gaid avuga ko yizeye ko "abagiraneza mpuzamakungu bazokwicara bakiyumvira" kugira ngo ibibazo nk'ibi ntibizohave biba mu bihugu nka Somalia.
Ati: "Vyoba ari ibintu bitangaje cane, ariko kandi ndizeye ko bazobanza kwiyumvira neza imbere yo kugenda".











