Ukraine yabohoje ibigwati muri Kherson vyari mu minwe y’Abarusiya
Ingabo za Ukraine zabohoje ikigwati gikomeye co mu ntara ya Kherson iri mu bumanuko, bituma abasirikare b’Uburusiya bongera gusubira inyuma vyihuta.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Kyiv bwasohoye videwo yerekana brigade ya 35 y’abasirikare barwanira mu mazi iduza ibendera rya Ukraine mu kigwati ca Davydiv Brid, mu gihe hari ayandi makuru avuga ko ibindi bigwati bitari bike vyo mu micungararo biriko birafatwa.
Ingabo z’Uburusiya ziramaze kwirukanwa mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, ubu naho zikaba zisubizwa inyuma no mu bumanuko.
Uku gutsindwa kw’ingabo z’Uburusiya kwaje mu gihe Perezida Vladimir Putin yari yiteze gutera igikumu kw’itegeko-bwirizwa ryihagira intara zine za Ukraine, mu gihe intambara zikibica bigacika muri izo zine zose.
Iyi ngendo yo kwihagira ubutaka bwa Ukraine iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu, mbere Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ata gaciro ifise.
Perezida Joe Biden yaravuganye na Zelensky ejo ku wa kabiri amwemerera ko Amerika idashobora na gato kwemera ko Uburusiya bwihagira ubutaka bwa Ukraine.
Bavuganye kandi ku mfashanyo ya Amerika ingana n’imiriyoni 625 z’amadorari y’abanyamerika, zirimwo n’inkoho zo mu bwoko bwa Himars zirasa vya muzinga.
Uburusiya buracagenzura igisagara ca Kherson, umugwa mukuru w’intara, mu bumanuko. Ariko uko bukeye uko bwije buboneka ko buriko buratakaza akarere ko mu buraruko bw’uruzi Dnieper, canke Dnipro nk’uko abanya-Ukrane barwita.
Mu masaha 48 aheze, ingabo za Ukraine zarasatiriye zija mu bumanuko, mu burengero bw’uru ruzi, bituma ingabo z’Uburusiya ziheba ibirindiro bitari bike mu buraruko bwa Kherson zigasubira nyuma.
Zelensky avuga ko ingabo za Ukraine zasatiriye “ku muvuduko munini kandi ukomeye” mu bumanuko bwa Ukraine zibohoza “uturere tutari duke” muri ino ndwi yonyene.
Buciye ku mbuga hwaniro, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Ukraine bwanditse buti: "Ibendera rya Ukraine ryasubiye guhungabana mu kigwati ca Davydiv Brid".
Abanyagihugu bahaba bafashe amashusho y’abasirikare ba Ukraine bariko barakizura muri ico kigwati.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mw’ijambo yaraye ashikirije ku mugoroba w’ejo ku wa kabiri, Zelensky yavuze ko ibigwati vya Lyubimivka, Khreshchenivka, Zolota Balka, Bilyaivka, Ukrainka, Velyka Oleksandrivka na Mala Oleksandrivka navyo nyene vyabohojwe, kandi ko atari ivyo gusa.
Icegera c’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe intwaro yo hagati Yevhen Enin avuga ko ibisagara n’ibigwati 50 vyabohojwe, abanyagihugu bababa 3.500 na bo nyene baravanwa "mu minwe y’umwansi" muri Kherson, ariko ntiyavuze igihe ibi vyabereye.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu nyuma bwavuze ko ingabo z’Uburusiya zacitse intege zica zitangura kugerageza kubomora ibiraro kugira ngo zigabanye umurindi w’ingabo za Ukraine.
Umutegetsi wo muri Kherson yashizweho na Kremlin, Kirill Stremousov, yabwiye abanyagihugu ati: "Nta mpamvu yo kugira ubwoba".
Ntivyashotse vyemezwa ko ibigwati biri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Davydiv Brid navyo nyene vyisubijwe, mbere n’umuvugizi w’igisirikare c’Uburusiya ntiyigeze avuga ivyo gutakaza muri aco karere.
Ariko ku makarata yerekana ubutaka bugenzurwa n’Uburusiya, vyaboneka neza ko butakigenzura ibigwati vya Arkhanhelske na Velyka Oleksandrivka mu buraruko bushira ubuseruko bw’iyi ntara, hamwe na Dudchany ku nkengera y’uruzi Dnieper.
Umwanditsi wo ku rubuga ngurukanabumenyi rw’igisirikare c’Uburusiya Rybar avuga ko igisirikare cafashe ingingo yo gusubira inyuma kubera cari guhava cugaranwa.
Icegera c’umukuru w’igisagara ca Kherson yahunze, Roman Holovnia, avuga ati: "Uduce dutuwemwo n’abantu tutari duke twarasambuwe – uduce tumwe tumwe nta nzu n’imwe igihagaze”.
Yongerako y’uko abanyagihugu bo muri ico gisagara barindiriye ingabo za Ukraine, kuko bazi ko ziriko zirasatira.
Ku bantu 320.000 baba muri ico gisagara imbere y’intambara, 100.000 bonyene nibo basigayeyo, nk’uko Holovnia abivuga.
Ingabo za Ukraine zimaze amayinga zitera amayira Uburusiya bukoresha mu gushikana vya nkenerwa ku rugamba mu karere ka Kherson, zisambura ibiraro vyari bisanzwe ari na bike kuri urwo ruzi. Ariko mu bumanuko izi ngabo zigenda bukebuke.
Kherson yafashwe n’ingabo z’Uburusiya mu kanya isase mu ntango y’intambara, igihe zinjira muri iyo ntara ziturutse mu karere ka Crimée/Crimea kigaruriwe mu 2014.
Ukraine yateye intambwe zikomeye i Kharkiv mu buraruko bushira ubuseruko be no muri Donetsk, aho ku wa gatandatu zigaruriye igisagara gikomeye ca Lyman.
Iki ni igisagara kiri mu ntara ya Donetsk ariko gifatwa ko ari irembo ryo kwinjira muri Luhansk, intara igice kinini cayo kiri mu minwe y’Uburusiya.
Umunyamakuru wa BBC Orla Guerin ari i Lyman, avuga ko hasigayeyo abasivire bakeya ubu, mu gihe ibiziga vy’ingabo z’Uburusiya bitari bike mu mwambaro wa gisirikare wazo bikirambaraye hanze y’igisagara.
Kherson, Luhansk, na Donetsk ziri mu ntara zigaruriwe n’Uburusiya mu buryo buteye kubiri n’amategeko, ariko biriko biboneka ko Vladimir Putin yihuse kuririmba intsinzi mu birori vyo ku wa gatanu vyo gutera igikumu kw’itegeko ryemeza ko Uburusiya bwihagiye izi ntara.

Umwanditsi wo ku mbuga ngurukanabumenyi w’umurusiya yasohoye ibishingantahe vy’abagabo babiri avuga ko ari abarwanyi bo mu nyeshamba za Luhansk zifashwe mu mugongo n’Uburusiya, bavuga ko hahatswe gato ngo bazibirirwe hafi ya Lyman mu ndwi iheze.
Umwe muri aba bagabo yitwa Mikhei avuga ati: "Twaravuye muri Lyman, ariko twavuyeyo uku nyene – ata n’urusasu dutwaye, ata na kimwe. Vyose vyaraturiwe. Incuti n’abagenzi bacu bose baguyeyo”.
Uburusiya gushika ubu bumaze kwinjiza ingabo nshasha zirenga 200.000 kuva Perezida Putin atanze integeko ryo kwinjiza abandi mu kwezi guheze, nk’uko umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu abimenyesha.
Mu ntango bategura kwinjiza abantu 300.000, ariko iki gikorwa cagiye gihura n’ingorane z’amakuru avuga Abarusiya bagerageza guhunga iyi ngingo canke bahabwa ibikoresho ata kigenda iyo binjiye.
Igihugu ca Kazakhstan conyene kivuga ko Abarusiya barenga 200.000 bamaze kwinjira ku butaka bwaco mu ndwi zibiri ziheze.











