DRC: Umunani mu bitoje mu kibanza ca prezida basaba ko ivyavuye mu matora bifutwa

Ahavuye isanamu, X(TWITTER)
Abakandida umunani mu bitoje mu kibanza ca prezida muri Republika ya Demokrasi ya Congo basaba ko ivyavuye mu matora yo mu kwezi kwa Kigarama (12) bifutwa kuko yabayemwo ubusuma.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu, Anzuluni, Diongo, Fayulu, Katumbi, Kikuni, Matata, Mukwege na Sesanga bavuze ko babisavye inyuma y'aho abitoza CENI iteshereje agaciro intsnzi y'abashingamateka 82, inafuta ivyavuye mu matora yose mu karere ka Yakoma (Nord-Ubangi).
Martin Fayulu agira ati:"Kuba ivyavuye mu matora kuri abo bantu 82 vyafuswe vyerekana ko ubusuma bwabaye mu gihugu cose.
"Ibi vyerekana ko habaye ubusuma bukabije, na cane cane ko bigaragara ko abari bafise imashini zo gutora bose ari abo mu ruhande rumwe rwa Tshisekedi kandi bafise n'amabanga muri reta".
Yabandanije avuga ko bitangaje kubona CENI yemera ko habaye ubusuma mu matora y'abashingamateka gusa kandi amatora yabereye rimwe hakoreshejwe n'agakarata kamwe ko gutora.
Kw'izina ry'abari bitoje bose, Martin Fayulu yavuze ko ubwo busuma bw'amatora bwerekanye ko hariho ugukorana hagati y'umugambwe uri ku butegetsi, inzego za reta hamwe na CENI.
Abandanya asigura ko ari co gituma CENI yananiwe kwishura ku bibazo nkoramutima, bijanye n'ibiro vy'amatora vyuguruye, igitigiri c'imishini zo gutora zakoreshejwe, amakarata y'amatora yasohowe hamwe n'imashini zo gutora zahawe Union sacrée.
Abo bakandida bitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu basavye kandi ko abagize akanama ko gutegura amatora CENI n'abo bakoranye bashikirizwa ubutungane.
Hagati aho, amanyanga yibonekeje mu matora yatumye CENI ifuta ivyavuye mu matora y'abashingamateka n'inzego zo hasi i Masimanimba (Kwilu) na Yakoma (Nord-Ubangi)
CENI yafuse ivyavuye mu matora mu turere tumwe tumwe
Ubusuma bwibonekeje mu matora bwatumye CENI ifuta ivyavuye mu matora y'abashingamateka n'inzego zo hasi i Masimanimba (Kwilu) na Yakoma (Nord-Ubangi).
Iyo nkuru yamenyekanye ku musi wa gatanu, mu gihe CENI ivuga ko ivyegeranyo vy'amatohoza yakozwe vyerekana ko mu matora y'abashingamateka benshi mu bahiganirwa ivyo bibanza bagiye mu busuma, kubera ivyo, intsinzi yabo ikaba yabaye impfabusa.
CENI kandi yavuze ko amatohoza yakozwe n'abakozi b'ayo yabonye ko habaye ukurenga ku mategeko agenga amatora hamwe no guhungabanya umutekano hamwe hamwe muri utwo turere.
Hagati aho, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro irabandanya kwumviriza urubanza rwo guhakana ivyavuye mu matora yo kw'itariki 20 z'ukwezi kwa Kigarama (12) mu 2023, rwashinzwe na Theodore Ngoy, yitoza ku giti ciwe mu matora ya prezida.
CENI iza yaramaze kumenyesha ko uwatahukanye intsinzi mu matora ya prezida ari prezida Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo, ivyo abo bariko barahiganwa bamirira kure.










