Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki DR Congo ishaka ko ingabo za EAC zikura meza
- Umwanditsi, Na Ian Wafula & Kenneth Mungai
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
Ingabo z’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko zarungitswe guhagarika indyane muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo zategetswe gukura meza inyuma y’amezi 11 zitanguye ibikorwa.
Reta ya Congo ivuga ko itazokwongereza ikiringo c’ingabo za Afrika y’Ubuseruko (EACRF) inyuma y’amezi atari make Kinshasa (umugwa mukuru wa Congo) yidoga ko ataco ziriko zirakora.
Iyi ngingo yo kutongereza ikiringo c’izi ngabo ije mu gihe imishamirano hagati ya M23 n’imirwi ishigikiye reta yasubiye kwaduka mu karere k’ubuseruko bwa Congo karangwamwo umutekano muke.
None igikorwa c’ingabo z’akarere cari icahe?
Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC) – ugizwe n’ibihugu indwi – warungitse ingabo zawo muri DR Congo mu mwaka uheze inyuma y’aho hasubiye kwaduka intambara hagati ya M23 n’igisirikare ca reta (FARDC). Ingingo yo kurungika izi ngabo yafashwe inyuma y’aho Congo yinjiriye muri uno muryango
M23, umuhari umaze imyaka irenga cumi ushinzwe, warigaruriye uturere tutari duto two mu buseruko, uvuga ko wakoze ibi mu kurondera gukingira inyungu z’Abatutsi uvuga ko bageramiwe n’imirwi y’Abahutu bafashwe mu mugongo na reta.
Uburundi ni bwo bwatanguye kurungika ingabo mu kwa munani kw’umwaka uheze wa 2022, muri bine vyarungitse ingabo zavyo muri ico gihugu, bukurikirwa na Kenya, Sudani y‘Epfo na Uganda, Kenya ikaba ari yo izirongoye.
Ingabo za EAC zishimangira ko inshingano yazo ari uguhagararira ivanwa ry’imirwi y’inyeshamba mu turere yari yarigaruriye.
Ariko, reta ya Congo n’abanyagihugu baba mu turere turangwamwo intambara bashaka ko izi ngabo zirwanya M23 mu buryo bwa gisirikare.
Izi ngabo zarungitswe kugira ngo zikorane n’ingabo z’ishirahamwe mpouzamakungu ONU zari zisanzwe ziri mu gihugu. Izi ngabo za ONU zizwi nka MONUSCO, zigenda zibonwa nabi cane kubera zananiwe no guhagarika indyane mu myaka 25 yose zimazeyo. Perezida Félix Tshisekedi avuga ko ashaka ko Monusco iba yavuye mu gihugu gushika muri Kigarama uno mwaka.
Mw’itangazo iheruka gusohora, EAC ivuga ko ingabo zayo zari ziyemeje gukorana na reta vya hafi cane kugira ngo abataye izabo batahe n’abasivire nabo bakingirwe neza.
Zari zimaze kwongererezwa ibiringo incuro zibiri kuva zirungitsweyo.
None ni kubera iki Congo ishaka ko izo ngabo zitahukanwa?
Kuva zirungitswe, izi ngabo za EAC zagumye zinegurwa na Reta ya Congo hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.
Perezida Tshisekedi yahavuye afata iya mbere mu kuzinegura. Yidoga avuga ko izi ngabo “ataco zikora”, aho yanazigabishije ko mu gihe zitohangana na M23 zikayirwanya zopfuma ziva mu gihugu.
Haradutse kandi n’imyiyerekano yo kwiyamiriza izi ngabo za EAC hamwe n’iza Monusco. Imwe muri iyi myiyerekano ni iyabaye muri Nyakanga (9) aho abarenga 40 bishwe.
Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bisubiramwo umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Patrick Muyaya avuga ati: "Ubutumwa buratomoye: ingabo za EAC zitegerezwa kuba zavuye muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo gushika ku wa 08 Kigarama (12) nk’uko vyumvikanyweko, kubera zitashoboye gutorera umuti ikibazo, cane cane ca M23".
Ingabo za EAC zashitse kuki?
Kuva zinjiye mu buseruko bwa Congo, ingabo za EAC zivuga ko zahagarariye ivanwa ry’imirwi y’inyeshamba mu duce yari yarigaruriye nka Karuba, Mushaki, Kilorirwe na Kitchanga.
Hagati aho, kugarukana umutekano wuzuye vyabonetse ko bitoroshe. Izi ngabo zarahuye n’ibibazo vy’uburyo.
Ku wa kabiri, umusirikare umwe wa Kenya yarishwe ahitanywe n’igisasu ca muzinga mu gitero cakozwe n’inyeshamba. Ni we musirikare wa Kenya wa mbere yishwe muri izi ngabo.
Mu ntango z’uku kwezi, EAC yavuze ko ingabo zayo zahuye n’ibibazo vyo kubonwa nabi kubera amajambo ya propaganda akwiragizwa n’imirwi y’inyeshamba.
None ni kubera iki intambara yasubiye kwaduka?
Imihari y’inyeshamba itari mike irica igakiza muri aka karere k’ubuseruko bwa Congo gatunze ubutare bwinshi.
Inyuma y’agahengwe kari kamaze amezi atandatu, intambara zarasubiye kwaduka hagati ya M23 n’inyeshamba zishigikiye reta, zizwi nka Wazalendo, muri uku kwezi.
Reta ya Kinshasa yagiriza M23 ko yanse gushira ibirwanisho hasi no kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara. Ku ruhande rwayo, M23 yagiriza ingabo za reta ko ari zo zatanguje intambara.
Igisirikare ca Congo coco kivuga ko cabandanya cubahiriza ihagarikwa ry’intambara, ariko bamwe barabihakana, bakavuga ko abasirikare n’abarwanyi bashigikiye reta barwaniriza hamwe umuhari M23.
Muri iyi ntambara yasubiye kwaduka, abasivire nibo bahagirira ibibazo – aho mu ndwi iheze honyene abantu nibura 60 bishwe mu bitero vyo muri Teritware ya Rutshuru y’intara ya Kivu ya Ruguru, nk’uko umutegetsi w’akarere abivuga.