Ingabo za Ukraine ziracari mu gisagara ca Bakhmut

Ahavuye isanamu, Reuters
Abasirikare ba Ukraine baracacungereye igisagara ca Bakhmut, gushika ubu ntibarahabwa itegeko ryo gukurayo igitigiri kinini c'abasirikare.
Umuhanuzi mukuru mu biro vya prezida, Mikhail Podolyak, na we yemeje ko ingabo za Ukraine zitarava Bakhmut. "Ni vyo, hariho ingorane - barasambuye ikiraro, bikaba vyarafashije mu gukwiragira muri Bakhmut.
Podolyak yongerako ati:"Ariko hari ibindi binashoboka, ugukwiragira hose kurabandanya."
Ibiro bijejwe iperereza vy'Ubwongereza bivuga ko igisirikare ca Ukraine gicungereye ico gisagara, ariko ko bahanganye cane n'ingabo z'Uburusiya, kandi hariko haraba intambara mu mabarabara.
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko intambara ziriko zirabera hanze y'igisagara gato, na yo igisagara ubwaco kikiri mu minwe y'ingabo za Ukraine.
Hari hagabishijwe ko hashobora kuba ibitero vyo mu kirere mu ntara nyinshi za Ukraine, hakaba humvikanye ibintu biturika bibiri mu gisagara ca Zaporozhye.
Ubutegetsi bwa gisirikare bwo muri ako karere bwavuze ko amarokete yatewe ava mu ntara ya Crimee zaguye "mu kigwati gito" mu ntara ya Zaporozhye.






