‘Twishwe n’intuntu be n’umuruho’ - Abarimyi b’ipampa mu Burundi

“Jewe n’ubu sindahembwa. Nje kubaza bambwira ngo amafaranga yanje yarasohotse. Ariko ntibambwira umuntu yayatwaye.

“Ubu imyaka irinjiranyemwo. Ngira nshore irindi pampa kandi ntararonka n’ay’irya mbere."

Iyi ni imyidogo ya Xaverie Niyonsaba, umwe mu barimira ipampa mu kiyaya kinini cane ca Mbaza Miduha, kiri ku mupaka Uburundi busangiye na Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Uyu, co kimwe n’abandi barimyi bagenziwe batazwi igitigiri bakorera muri ico kiyaya c’Imbo (intara ya Cibitoke) no mu kiyaya ca Gihanga (intara ya Bubanza), bavuga ko bamaze amezi cumi n’abiri batararihwa amafaranga y’ipampa bashoye mu mwaka uheze wa 2023.

Bemeza ko babayeho mu buzima butoroshe, bakavuga ko mbere bamwe muri bo basigaye batunzwe no guca ingero.

Felisita agira ati: “Turi mu madeni atagira ukwo angana. Mu mwaka wa 2023, kugira abana bashobore kuja kw’ishure twafashe amadeni. Kugira turonke agahuzu n’utundi twa nkenerwa, naho nyene twafashe amadeni.

“Rero nk’ubu uwutarahembwa bashobora no kumushira mu gasho kubera rya deni atarariha. Twebwe twafata aya madeni tubabwira ko duca turiha kw’ipampa, none raba irindi tugira turishore tukivuga kwa kundi nyene”.

Ushitse mu kiyaya ca Mbaza Miduha, ku mutumba Rukana, komine Rugombo, intara ya Cibitoke, uhura n’abarimyi bavuye gushwabura ipampa. Bamwe baba baryiremetse ku mutwe, abandi baboheye imizigo yaryo ku makinga.

Akuya kaba kabarenze na rirya ari mu gihe c’ici, igihe c’izuba ryinshi. Umuruho uragaragara ku maso. Bagenda mu migwi migwi atawuvugisha uwundi.

Kubera baririmira kure cane y’imihana yabo, bamwe bagenda bajanye abana babo bakanatekera n’impamba.

Bamwe mu bagore co kimwe n’abagabo, bikora ku makinga kugira ngo bashobore kwimbura no gutahana ipampa ryinshi rishoboka. Kenshi abagore basunika amakinga bakoresha ubuhinga budasanzwe kugira bashobore gutwara ipampa ryinshi ariko kandi n’abana babo bakiri bato ntibasigare.

Hari nk’uwo usanga ariko arasunika ikinga ririko nk’imifuko ibiri yuzuye ipampa, ugasanga yateretse akana kiwe - k’imyaka nk’ibiri n’igice canke itatu - hejuru kuri nya mizigo yagashiriyeko ibiti kagenda kifadikije kugira ntigakoroke.

Umwe muri bo yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: “Ni ubuzima butoroshe. Busaba kwihangana cane”.

Uwubavugishije wese bamubwira ingorane bafise gusa.

Jeanne Nduwayo avuga ko iryo bamaze umwaka wose batarahemberwa barishoye mu kw’indwi kwa 2023, akavuga ko bitevye, bari guca batangura kubahemba mu mpera z’ukwezi kw’umunani, uwo mwaka nyene, ariko ko barindiriye barabura.

Ati: “Ubwanwa bwarafutse umunwa”.

None muri rusangi umurimyi w’ipampa abayeho gute?

Felisi amaze imyaka itari mike aririma. Avuga ko ibintu bimeze nabi cane, aho avuga ko ritakibashoboza kwitunga.

Ati: “Udufaranga baduhereza ku kilo ni duke cane. Baduha 900 ku kilo. N’ipantaro yo kwambara uhakwa kuyibura. Igitenge c’umugore ntakirimwo. Udukoresho tw’abana ntaturimwo. Emwe nta kigenda nukuri.

“Twasaba y’uko botwongera, bakatudugiriza. Bakaduha nk’ibihumbi nka bibiri basi”.

Mu kiganiro abashikiranganji bagiranye n’abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu kw’igenekerezo rya 28 ruheshi uwu mwaka, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Prosper Dodiko yamenyesheje ko ingorane zose z’abarimyi b’ipampa azizi.

Yavuze ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira ako gahembo k’abanyagihugu baheraniwe kaboneke vuba. Uyu mutegetsi avuga kandi ko bariko bariga n’ibijanye n’igiciro c’ipampa kugira barabe ingene bokiduza.

Yavuze ati: “Iruhande y’ipampa, turazi ko COGERCO igurisha n’ibindi nk’imbuto. Ivyo rero vyumvikana y’uko ubu tugiye gusubira kubiharura kugira turabe koko ko amahera ava mw’ipampa agaruka agasahiriza umwenegihugu.

“Ntitwobabwira rero igiciro tuzoshirako, ariko turabemereye y’uko duhejeje kubiharura tuzobagira nk’abandi barimyi barima ibindi biterwa koko igiciro kikaba igikura akuya umurimyi”.

Uko imyaka igenda ni ko abarimyi b’ipampa bagenda badebukirwa. Indyane zitandukanye Uburundi bwaciyemwo muri kahise, izimba ry’ubuzima, guhembwa nabi, n’igwirirana ry’abantu, vyatumye bagenda baheba ico giterwa buke buke bagisubiriza n’umuceri, ibigori, imyumbati, amasaka n’ibindi.

Amatongo yahoze agenewe iki giterwa yaragabanutse cane. Yavuye ku ma hegitari ibihumbi 9, ubu akaba ashitse ku bihumbi bitatu.