Munyemana yagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda yasabiwe umunyororo wo guherayo

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles
Sosthène Munyemana, umuganga w'Umunyarwanda yagirizwa ivyaha vya jenoside, yasabiwe igihano c'umunyororo w'ubuzima bwiwe bwose (burundu) n'umushikirizamanza muri Sentare isubiramwo imanza i Paris, mu Bufaransa.
Munyemana, w'imyaka 70, yari amaze indwi zitandatu aburana urubanza yunguruje, inyuma y'umunyororo w'imyaka 25 yari yaciriwe na Sentare y'abanyagihugu (cour d'assise) y'i Paris mu 2023, yagiwe n'ivyaha vya jenoside n'ivyaha bikorewe zina muntu (crime contre l'humanité).
Sosthène Munyemana mu ntahe y'ejo ku wa kabiri yasa n'uwutekanye.
Yinjiye muri sentare asa n'uwudafise ubwoba, yambitswe amapingu, akikijwe n'abajandarume bamucungera.
Uyu mugabo azwi ko ari umuganga w'inararibonye mu kuvura abagore bibungenze n'indembe, ubu ari mu karuhuko k'izabukuru.
Imbere y'abari baje kwumviriza urubanza rwiwe, Munyemana yagaragara atekanye, rimwe na rimwe akamwenyura gatoya , nk'uwizigiye cane.
Ababuranira ababuze ababo muri jenoside yo mu 1994, barimwo abaserukira amashirahamwe arenga atanu nka Ibuka, CRF (Collectif des Rwandais de France), FIDH (Fédération Internationale des Droits de l'Homme), Collectif des Parties Civiles pour le Rwanda n'ayandi, nibo bahawe ijambo ubwa mbere. Mu masaha arenga atatu, bagumye bashimika ku basaba ubutungane bwuzuye.
Basavye ko abacamanza batatu bazoca urwo rubanza hamwe n'inyankamugayo zatoranijwe, gufata umwanya mu co bise "kwiha iteka no kuruhura imitima y'ababuze ababo".

Umwe mu bashingwamanza yagize ati: "Naho hari abavuga ko Munyemana yafashije bamwe kurokoka, ntibihindura ukuri kw'uko yari mu babaye kw'isonga ry'itegurwa rya jenoside. Gukiza umuntu umwe ntibifuta amaraso y'abandi benshi bazize genocide."
Umushikirizamanza ni we yakurikiye, aho yamusabiye igihano ruhasha c'umunyororo wo guherayo.
Umushikirizamanza, mu kiringo c'amasaha atatu, yagarutse ku ruhara rwa Munyemana mu gihe ca jenoside yo mu 1994 ahahoze ari Perefegitura ya Butare mu bumanuko bw'Urwanda.
Yavuze ko Munyemana atari gusa umuganga, ahubwo yari umuntu w'icubahiro afitaniye ubucuti n'abategetsi bakomeye, harimwo Jean Kambanda, yahoze ari Umushikiranganji wa mbere w'Urwanda, nawe yaciriwe umunyororo wo guherayo.
Yagirije Munyemana ko yari "mu bagize uruhara mu gutegura no gushigikira jenoside", asaba ko yocirirwa umunyororo wo guherayo, kugira ngo "ababuze ababo baruhuke ku mutima".
Intahe yo kuri uno wa gatatu ni yo yitezwe cane.
Hitezwe ko abashingwamanza bunganira Munyemana, hamwe na Munyemana ubwiwe, bahabwa ijambo rya nyuma. Bitegekanijwe ko urwaciwe ruzomenyekana ku mugoroba w'ejo ku wa kane.
Bitegekanijwe ko urwo rubanza ruzoba rumwe mu zikomeye cane muri kahise k'ubutungane mu Bufaransa rwabonetsemwo ivyabona 200 harimwo 69 bavuye hanze y'Ubufaransa.













