Igisirikare ca reta ya Sudan cagavye igitero gikomeye ku murwa mukuru Khartoum

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Frances Mao
- Igikorwa, BBC News
Igisirikare ca reta ya Sudan cagavye igitero gikomeye ku murwi ukomeye wa Rapid Support Forces (RSF) witwara nka gisirikare bamaze iminsi bahanganye mu ndyane zo hagati mu gihugu, gitera mu uduce two ku murwa mukuru cari caratakaje igihe indyane zatangura.
Mu gaturuturu k'uno munsi wa kane, igisirikare ca reta camijagiye amabombe ku birindiro vya RSF mu murwa mukuru wa Khartoum no muri Bahri haherereye mu buraruko bw'uwo mugwa mukuru.
Igihugu ca Sudan cagiye mu ntambara kuva mu kwa kane mu 2023 aho igirikare ca reta n'umurwi wa RSF batanguriye kurwanira cane ubutegetsi, ico ishirahamwe mpuzamakungu ONU/UN yise akaga gakomeye kuruta ahandi kw'isi.
Abantu barenga 150.000 barishwe muri izi ndyane mu gihe abarenga imiroyi 10 - bagize hafi ica gatanu c'abanyagihugu bose ba Sudan- bategetswe kuva mu mihana yabo.
Ababibonye bavuga ko ibisasu vy'indege bikomeye n'ingwano zikaze zabaye igihe ingabo za reta zajabuka ibiraro bibiri bikomeye vyo ku ruzi Nil- vyagabura uturere tugenzurwa na reta i Omdurman n'utundi tugenzurwa na RSF.
Kuva ingwano zaduka, abarwanyi b'umurwi witwara gisirikare bamye bagenzura umurwa mukuru hafi ya wose.
Ibikorwa vyo kuri uyu wa kane bisa nk'aho ari intambwe ya mbere ikomeye ya reta yo kwisubiza uduce tumwe tumwe.
Igitero cagabwe imbere y'uko umukuru wa gisirikare General Abdel Fattah al-Burhan aza kushikiriza ijambo mu nama y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku mugoroba w'uno munsi.
Onu yateye akamo ko gufata ingamba zihutirwa zo gukingira abanyagihugu no guhagarika ingwano.
Ingwano zikomeye kandi mbi kurusha izindi zabereye mu turere tubamwo abantu benshi cane. Impande zompi zagirizanya gusuka amabombe zidatoranije mu duce tubamwo abanyagihugu b'aba civil.
ONU yaragabishije ku munsi wa gatatu iti:"Indyane z'urutavanako ziri mu gihugu cose zateje amarushwa ku mamiriyoni y'abanyagihugu b'aba civil, bituma haba ikibazo c'abateshejwe izabo kiguma congerekana cane kw'isi".
Iryo shirahamwe ryavuze ko ica kabiri ca miriyoni 10 z'abantu bahunze imihana yabo ari abana, mu gihe n'imiburiburi imiriyoni 2 basavye ubuhungiro mu bihugu bibanyi.
Yise kandi Sudan "ingorane yo kubura ivyo kurya ikomeye cane kurusha ahandi kw'isi". Hari ubwoba bwo kugwirirana kw'inzara kubera ko abantu batashoboye kuja kurima.
Harabaye no kugabisha ko hashobora kuba harabaye jenocide yakorewe abanyasudani batari abarabu mu karere k'uburengero bwa Darfur.
Ikiza ca kolera na co kiriko kirarandagata mu gihugu cose aho mu kwezi guheze abantu barenga 430 bishwe n'iyo ngwara yoroshe kuvura, nk'uko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwabimenyesheje ku wa gatatu.
Ariko gushikana ubuvuzi mu turere tubangamiwe ni ingorabahizi kubera indwano zihabera.










