Inzara izura inzara muri Sudani mu gihe ibiganiro vy'amahoro ata co vyavuyemwo

Umukozi muvyo amagara y'abantu ariko arapima ubunini bw'ukuboko k'umwana wo muri Sudani mw'ivuriro ryo mw'ikambi y'agateganyo iri i Renk, muri Sudani y'Epfo, muri Ruhuhuma (2).

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Sudan ni co gihugu ca mbere kw'isi kiri mu kaga k'inzara
    • Umwanditsi, Alex de Waal
    • Igikorwa, Africa analyst

Inzara irabica bigacika muri Sudani.

Igisirikare ca Sudani (SAF) - kivuga ko ari co kiramutswa ico gihugu - caragize intambwe mu ntango y'iyi ndwi mu ntumbero yo kugabanya iyo nzara, mu kwemerera amakamyo 15 ya ONU kujabuka urubibe ico gihugu gihana na Chad, azaniye imfungurwa abashonje cane.

Amashirahamwe atanga imfashanyo yizeye ko iyo ngingo yuguruye umuryango ku bikorwa vyo gutabara vyinshi mu twigoro two kurokora ubuzima bw'amamiriyoni y'abantu.

Ariko baratinya ko koba ari uguhuma amaso abantu - igikorwa gito kandi kibaye giteba.

Mu ndwi zine ziheze, urwego rwa ONU rujejwe kugenzura ivyerekeye imfungurwa (IPC) rwavuze ko inzara irangwa mu bice vya Darfur, intara ya Sudani iri mu burengero.

Ibi nta we vyatangaje.

Akaga Sudani irimwo ni ko ka mbere gakomeye kw'isi haraciye amezi menshi. Abantu barenga igice c'abanye Sudani imiriyoni 45 barakeneye imfashanyo zihuta.

Abarenga imiriyoni 12 barateshejwe izabo, harimwo impunzi zababa imiriyoni zibiri ziri mu bihugu bibanyi - Chad, Misri na Sudani y'Epfo.

Bamwe mu bahinga muvyo imfungurwa baratinya ko abantu benshi boba bashika ku miriyoni 2.5 bashobora guhitanwa na kigoyi gushika mu mpera z'uyu mwaka.

Inzara nk'ikigwanisho

N'aho umuzi w'inzara irangwa muri Sudani ari ugukoresha nabi ubutunzi bw'igihugu, iragi ry'intambara z'urutavanako zabiciye bigacika hamwe n'uruzuba rwaturutse kw'ihindagurika ry'ibihe, iy'ubu ijanye n'uko ikoreshwa nk'ikigwanisho.

Intambara yadutse mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze hagati SAF irongowe na Gen Abdel Fattah al-Burhan hamwe n'umugwi witwara gisirikare (RSF) urongowe na Gen Mohamed Hamdan Dagolo, azwi kuritazirano rya "Hemedti".

Intambara yarazahaje abantu cane.

Gen Mohamed Hamdan Dagolo, azwi nka "Hemedti", mu 2022.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hemedti ni we arongoye umugwi witwara gisirikare wa RSF uriko utana mu mitwe n'igisirikare
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nka kurya kw'inzige zaraze, abagwanyi ba RSF baratemye baratongora ku mugwa mukuru Khartoum, batwara buri kintu cose gishoboka gishobora gusubira kugurishwa. Abo bagwanyi kandi barabomaguye inyubakwa za nkenerwa nk'ibitaro n'amashure.

Ivyo ni ko vyagiye biragenda aho hose RSF yagiye iraca.

Intara za Gezira na Sennar ziri ku nkengera ya Nil Bleu, uturere turangwamwo indimiro nyinshi zivomerwa, zarasambuwe cane.

Abantu bahaba bagiye guhura na kigoyi ubwa mbere muri kahise k'abahaba.

Inzara irabica bigacika i Darfur, cane cane i el-Fasher, igisagara kimwe rukumbi co muri ako karere kikiri mu minwe y'igisirikare n'abagishigikiye bo muri ako karere.

Mu gihe gikikujwe n'abagwanyi ba RSF, kironka ibintu vya nkenerwa bike bike biciye mu mabarabara aca ahabera intambara.

Mw'ikambi y'abateshejwe izabo ya Zamzam iri iruhande ya el-Fasher ni ho ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe (MSF) ryabonye ubwa mbere inzara ikabije.

Ku ruhande rwaco, igisirikare gikoresha umukenyuro wo kuguma gitera uturere turi mu minwe y'abagwanyi. Ico bagamije n'ukubuza ko hagira ibintu vyinjira aho bigaruriye, gutyo abashigikiye abagwanyi batinde baterwe n'agashavu, bamwe muri bo babave inyuma.

Uwo mukenyuro warakoze neza igihe igisirikare cariko kiragwana intambara ndende mu bumanuko bwa Sudani kuva mu 1983 gushika 2005. Abajenerari baricujije kuba bararetse ONU ikarungika imfashanyo, bavuga ko, yafashije abagwanyi igihe kirekire inafasha abo mu bumanuko gusaba kwikukira.

SAF ni yo igenzura ikivuko ca Port Sudan, ikivuko kimwe rukumbi n'umuhora ucamwo ibintu bivuye hanze y'igihugu.

Ikindi gikomeye gusumba, n'uko ONU yemera reta ya SAF ko ari yo irongoye igihugu.

Abasirikare ba SAF i Port Sudan bari mu munezero wo kwigina umusi wahariwe igisirikare mu ntango z'uku kwezi imbere y'ibiro vya gisirikare itariki 14 Myandagaro (8)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba SAF i Port Sudan bari mu munezero wo kwigina umusi wahariwe igisirikare mu ntango z'uku kwezi

N'aho ata ngabo za SAF zirangwa mu birometero 160 ku rubibe Sudani ihana na Chad - aharangwa urudandaza rw'ibigwanisho - abashingwamanza ba ONU basavye bashimitse ko amakamyo y'ishami ry'iryo shirahamwe ritanga imfungurwa kw'isi (PAM) ategerezwa kubanza kuronka uruhusha rwa reta yemewe mu kw'injira ku birometero bike uvuye mu gisagara ca Adré kiri ku rubube rwa Chad, uciye mu mabarabara y'umusenyi gushika i Darfur.

Kandi SAF yarakoresheje iturufu yo kuba reta yemewe ku buryo bwose bushoboka.

Urukurikirane rw'ikamyo za ONU zijanye imfashanyo i Darfur muri Sudani

Ahavuye isanamu, IOM / REUTERS

Insiguro y'isanamu, Uru rukurikirane rw'imodoka rwajabutse ruva muri Chad rwinjira i Darfur ku musi wa gatatu

Abashigikiye impande zishamiranye bagwanira kugira igihagararo mu karere

Ku musi wa gatanu, ibiganiro vy'amahoro vyabera i Geneve vyarangiye ata ntambwe igaragara itewe. Ivyo biganiro vyari vyatunganijwe na Suisse, Amerika na Arabia Saudite.

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze Ubumwe za Amerika Tom Perriello yari yateguye ivyo biganiro afise icizere kinini. Yashaka ko abo bajenerari babiri bahanganye bahura amaso ku yandi, hanyuma bashire umukono ku masezerano yo guhagarika intambara.

Ariko SAF irongowe na Gen al-Burhan yaranse kuvyitaba eka mbere nta n'ukurungika intumwa.

Yavuze ko RSF itegerezwa kubanza kuvana ingabo zayo mu micungararo y'abasivire - bave mu turere bigaruriye - nk'ibisabwa ubwa mbere kugira ibiganiro bibone gutangura.

Ivyo Perriello yari yizeye si ko vyabaye, biba ngombwa ko aganira n'abahari ahandi agahamagara kuri terefone - harimwo n'umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire Anthony Blinken - yizeye kugurura amabarabara kugira amabarabara ahite.

Yarashitse ku bintu bikwiye vyotuma avuga ko ibiganiro bitabaye impfabusa, kandi ko ivyo biganiro bishobora gusubira gutangura kw'itariki itaramenyekana.

Ariko abo baserukiye ibihugu vyabo barazi neza ko ata ntambwe bizotera gushika abashigikiye izo mpande zibiri - ku ruhande rwa RSF ni Reta zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE), SAF na yo ni Arabia Saudite na Misri - bumvikanye.

Gushika ubu, ukutumvikana hagati ya Arabia Saudite na UAE ku wotwara ako karere kuradindije utwigoro two kugarukana amahoro.

N'aho ivyo bihugu bibihakana, ivyemeza vyerekana ko UAE iha RSF amahera n'inkoho, mu gihe Arabia Saudite na yo ifasha SAF.