Umurwanyi wa Wagner arashira ahabona ivyabaye mu migumuko yo kwiyonkora kuri leta

Inyuma y'indwi zitatu ziheze umugwi w’abacangero witwara gisirikare wa Wagner ukoze imigumuko yamaze akanya gato yo kwiyonkora kuri leta, abantu baracafise ibibazo kurusha inyishu ku vyabaye neza na neza kw’itariki 23 na 24 z’ukwezi kwa gatandatu n’ico kazoza kabikiye abo bacangero n’umukuru wabo Yevgeny Prigozhin.
Abarwanyi ba Wagner ni gake bavugana n’ibinyamakuru, ariko igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya carashoboye kubonana n’umwe mu ntwazangabo ntoya, amwemerera kutuyagira ivyamushikiye, mu gihe twomwemerera ko tutotangaza umwirondoro wiwe.
Igihe Yevgeny Prigozhin yimurira ingabo ziwe mu gisagara ca Rostov kiri majepfo y’uburusiya, Gleb- siryo zina ryiwe- yisanze mu mirwano hagati.
Gleb yari intwazangabo nto mu gisirikare, yagize uruhara mu mirwano yabereye mu gisagara ca Bakhmut kiri mu buseruko bwa Ukraine.
Yari aruhutse n'ingabo yari ayoboye, bari mu birindiro vyo mu karere ka Luhansk kigaruriwe, aca aronka ubutumwa bwo guhamvya umurwi w'abarwanyi ba Wagner wariko urava muri Ukraine.
Ubwo butumwa bwashitse mu gaturuturu ko ku wa 23 z'ukwa gatandatu, buvuye ku ntwazangabo ya Wagner, Gleb adashaka kuvuga izina ku mvo z'umutekano wiwe, yakorera ku mabwirizwa ava kuri Prigozhin n'urwego nyobozi rw'intwazangabo rwa Wagner.
"Ni ukuja mu kazi bikwiye," niko yabwiye. "Turakora umugwi, tuje hanze."
Gleb avuga ko ata n'umwe yabwiwe iyo umurwi wariko utera uja ariko yatangajwe n'uko "twariko turaja kure y'ahabera intambara".
Avuga ko abarwanyi ba Wagner ata ntambanyi n'imwe bagize igihe bajabuka imbibe z'uburusiya baja mu karere ka Rostov.
Ati: "Sinigeze mbona abacungereye umupaka, ariko inyamiramabi zijejwe uruja n'uruza ku mabarabara baraturamutsa ku nzira zose twacamwo."

Urubuga hwaniro rwa Telegram rwegamiye umugwi wa Wagner rwatangaje ko abarinzi bo ku mupaka wa 'Bugayevka' bashize ibirwanisho hasi igihe abarwanyi ba Wagner bashika kuri bariyeri (barriere/checkpoint).
Izo mbuga hwaniro zerekanye isanamu n'ibigirankana yerekana abantu baharurwa muri za mirongo badafise ibirwanisho biyoberanyije.
Mu gihe bariko baregereza Rostov-on-Don, abarwanyi bahawe amategeko yo kuzunguruka inyubakwa zose zikoreramwo igisata c'ubucamanza zo mu gisagara no gufata ikibuga c'indege ca gisirikare.
Umurwi wa gisikare wari urongoye na Gleb wategetswe kugenzura inyubakwa ikoreramwo abajejwe igendereza rya gisikare mu karere ka Rostov Oblast.
Bariko baregera iyo nyubakwa, vyasa nkaho yari yugawe hose kandi ata muntu ayirimwo. Baratembereje akadege katagira umudereva kuraba ko hoba hariyo igikakaza, hanyuma inyuma y'igice c'isaha, umuryango umwe warugurutse abantu babiri barasohoka baza kw'ibarabara.
"Bavuze ngo, bagabo, reka twumvikane'," Gleb aja ku muriri. "Ndavuga nti, 'Ni igiki kihari mushaka ko twumvikanako? Iki ni igisagara cacu.'
"Twemeranyije kudasotorona. Baza barasohoka kunywa itabi rimwe na rimwe.."
Abanyamakuru bo muri Rostov batangaje inkuru zisa nk'izo ku vyashikiye izindi nyubakwa za leta zegereye aho no mu tundi duce two mu gisagara.
Abarwanyi ba Wagner batangura kugurutsa utudege tutagira abadereva hejuru yazo hanyuma bagaca bazizunguruka.
Nta numwe yari yemerewe gusohoka mu gisagara ariko abazana ibifungurwa vyaguzwe bari bemerewe kubizanayo.
Nta nsiguro
Murico gihe cose ivyo vyariko biraba, umuyobozi wa Wagner, Yevgeny Prigozhin, yari ku cicaro gikuru c'igisirikare c'uburusiya mu karere k'amajepfo, kubonana n'icegera c'umushikiranganji w'Uburusiya wo kwivuna abansi, Liyetena-Jenerali Yunus-bek Yevkurov, n'icegera c'umugaba w'ingabo , Liyetena-Jenerali Vladimir Alexeyev.
Prigozhin yabasaba ko bomushikiriza umugaba mukuru w'ingabo, Valery Gerasimov hamwe n'umushikiranganji wo kwivuna bansi Sergei Shoigu.

Muri uwo mwanya nyene Prigozhin yari mu nama, hari uwundi murwi w'abarwanyi ba Wagner wariko uraza.
Gleb yabwiye abanyamakuru ko umurwi yarimwo wari urongowe n'uwashinze umurwi wa Wagner, Dmitry Utkin, yahoze ari intwazangabo idasanzwe, atari asanzwe azwi na bose.
Uyu murwi wari kw'ibarabara rikuru uja Voronezh, kandi vyaraboneka ko wariko utera uja i Moscou, nk'uko Gleb abivuga.
Twarabajije rero Gleb ico bari bagiye gukora muri ako kanya, imigambi ya Prigozhin yari iyihe, yifuza gukora iki?
"Nta kintu na kimwe twari tuzi," niko yavuga. "Vyose twabimenyera kuri Telegram nk'uko namwe mwabimenye."
Uko umusi wegera imbere, amashusho y'ivyariko birabera i Rostov yakwiye isi yose. Abantu baratangajwe n'ukubona ababa muri iyo micungararo n'abamenyeshamakuru batwenga banaganira n'abarwanyi ba Wagner, badakunda kuja ahabona, bari bigaruriye igisagara cabo.
"Bari abaciriwe ibihano vyo gufungwa," Gleb niko avuga.
Asigura ko umurwi w'impfungwa canke abaciriwe ibihano vyo gupfungwa binjijwe mu murwi wa Wagner mu mwaka uheze. Ati: "Nta numwe yababujije, nta numwe abanezwe".
Kugira bashireho abarwanyi nka Gleb, binjijwe igisirikare imyaka imbere y'ingwano yo muri Ukraine, amategeko ngenderwako yari atomoye neza.
Yabwiye BBC ko, mu minsi iheze, igihe akazuba kaba gatanguye kwaka inyuma y'igihe c'imbeho nyinshi c'i Buraya, intwazangabo zo hejuru zababwiye ko uwuzohirahira akavugisha abamenyeshamakuru azoca ''azimanganywa'' bisigura kwicwa. Abahoze ari abarwanyi ba Wagner batubwiye uko nyene.
Ku mugoroba wo kuwa 24 z'ukwa gatandatu, Gleb yahamagawe n'umwe mu bamukurira, amubwira ata nsiguro n'imwe amuhaye ko we n'abo arongoye bategezwa gusubira ku birindiro i Luhansk.
Bariko barasubira mu birindiro vyabo, bagenda barakurikira amakuru kuri Telegram.
Basomye amakuru ko Prigozhin yahawe ibihano, hanyuma ivyo bihano bigakurwaho kandi ko ategerezwa kuja i Belarus.
Hanyuma kandi ko abarwanyi ba Wagner batazobazwa ku bijanye n'uruhara bagize mu migumuko yo kwiyonkora kuri leta, kubera ivyo bakoze mu ntambara y'Uburusiya muri Ukraine, nkuko vyashikirijwe n'umunyamabanga ashinzwe gutanga amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Dmitry Peskov.

Kuri Gleb n'abo yari ayoboye, kazoza kabo ntikaboneka neza. Babwiwe kuguma ku birindiro vyabo i Luhansk hanyuma barindire ayandi mategeko.
Abasangwa, abo yita abategetsi bo muri Republika ya Luhansk, abashigikiye abashaka kwiyonkora ku Burusiya bari mu buseruko bwa Ukraine, barashaka kumenya vyinshi ku migambi yabo ya kazoza, ku bizoshikira ibikoresho n'ibirwanisho vyabo, niko avuga.
Twabajije Gleb igituma atagenda. Yavuze ati "Amasezerano yanje y'akazi ntarahera"
Igituro gikurikira: Belarus
Kuva aho imigumuko ya Wagner ihereye, harabaye impinduka nyinshi zitari zitezwe ku vyabaye.
Ibi vyabaye mu minsi nk'itanu inyuma y'imigumuko, Prezida Putin yarabonanye n'intwazangabo nkuru 35 za Wagner i Kremlin.
Abo 35 nta wuzi neza abo ari bo .
Intwazangabo zibiri zizwi ku mashusho bitirirwa mu guhamagarana azwi nka 'Zombie' na 'Lotus' zifatwa nk'abari ku ruhande rw'abamenyeshamakuru bashigikiye ingwano y'Uburusiya.
Bavugiye ku mihora ya Telegram yegereye umurwi Wagner hanyuma bashikiriza ico biyumvira ku bizokurikira .
"Twarungitswe mu biruhuko twese gushika mu ntango z'ukwezi kw'umunani," Lotus niko avuga, izina ryiwe ry'ukuri ni Anton Yelizarov.
"Ku binyerekeye, sinigeze ndonka akanya ko gutembera ku mweha n'umuryango wanje kuva mu myaka itanu iheze, abandi bagabo ubu bariko baritaho imiryango yabo ," niko yavuze ku muhora wa Telegram.
" Ingingo yafashwe n'akanama k'intwazangabo n'uguha umwe wese akaryo ko kuruhuka imbere y'igikorwa gikomeye kiturindiriye.
Yelizarov yavuze ko iki 'gikorwa gikomeye' gikeneye ko baza barahinduranya abarwanyi ba Wagner bari mu turere yita ko turi 'kure na kure''.
Birashoboka ko yavuga ku turere nka Republika ya Afrika yo Hagati (Central African Republic/République centrafricaine) aho abacangero b'Abarusiya barenga kuri 600 batahukanywe n'indege.
Ibi bije inyuma y'imyidogo myinshi y'imiryango y'abarwanyi ba Wagner bavuga ko ababo babuze ingene bataha bagumye mu bihugu vya Afrika umwaka urenga naho bari barasinye amasezerano y'akazi y'amezi yari ayo atandatu gusa.

Yelizarov yavuze no kubijanye na Bеlarus n'imigambi yo kwimurirayo abarwanyi bamwe ba Wagner.
Avuga ati: "Ica kabiri kandi kigoye ni ingene tuzokwinjira muri Belarus.
"Dukeneye gutegura ibirindiro, aho bazogirira imyimenyerezo, gukorana n'abayobozi bo hasi n'abo hejuru mu gihugu, gukorera hamwe n'abajejwe umutekano bo muri Belarus hamwe no kurondera uburyo".
Intwazangabo ya kabiri 'Zombie' yavugiye kuri Telegram ku bijanye na kazoza ka Wagner.
Ati: "Ntiduhuzwa n'amasezerano y'akazi gusa ariko duhuzwa n'iciyumviro kimwe co kurwana.
"Ntitubikora kubera tubifitiye umwanya ahubwo tubikorera kugirira umumaro igihugu catuvyaye".
Umumenyeshamakuru wo ku mboneshakure ashinzwe ivya propagande Vladimir Solovyev yasanishije 'Zombie' nk'uwahoze ari umurwanyi kabuhariwe yitwa Boris.
Zombie avuga ati: "Benshi babita abacangero ariko ivyo si ukuri. Turakunda igihugu kurusha abandi.
"Turwana tutizigama. Umuyobozi nawe araduhuza nk'uko akazi kaduhuza."
Zombie yarabajijwe ko we n'abagenzi biwe bazokwinjira mu gisirikare ca Leta nk'uko babisabwe na Prezida Putin.
Yishura ati: "Nifuza kugumana n'abarwanyi banje mu gisirikare cigenga canke kuryoherwa ndi imuhira ndaba imboneshakure, kandi niko n'abandi bavyiyumvira".
BBC yabajije ico kibazo nyene Gleb, aho yiyicariye i Luhansk n'ingabo ziwe.
Yavuze ko ata muntu n'umwe azi yoba yarasinye amasezerano y'akazi n'ubushikiranganji bwo kwivuza abansi gushika ubu.










