Yari nde Yevgeny Prigozhin atatinyaga kunegura igisirikare ca Russia?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inkuru iriko iravugwa cane ubu kw'isi ni urupfu rwa Yevgeny Prigozhin vyemejwe n'abategetsi b'Uburusiya ko yari mu ndege yakorotse kuwa gatatu mu Burusiya.
Umurwi w’abacangero wa Wagner yari akuriye mu mezi aheze waravuzwe cane inyuma y’aho umuntu wayo yahoze ari umukomanda asabiye ubuhungiro muri Norvege, avuga ko yahunze urugamba muri Ukraine amaze kwibonera ivyaha vyo mu ntambara.
Vyabaye ngombwa ko umukuru w’uyu murwi, Yevgeny Prigozhin, asohora itangazo ryo kwiyama ibivugwa n’uyo mugabo, ariko rero ibi ntibibuza kumwigako na rirya hariko haraboneka ibindi vyemezo.
Ng’ibi ibizwi kuri ino ncuti ya Putin yari irongoye uyu murwi uzwi ko ufise 10% y’ingabo zose z’Uburusiya ziri muuri Ukraine.

Yevgeny Prigozhin (canke Evgueni Prigojine mu gifaransa) w’imyaka 62 yatanguye kumenyekana cane igihe yari afise amakompanyi agurisha imfungurwa hamwe n’amazu y’uburiro, n’igihe yaba ari we ajejwe gutanga ibinyobwa n’ibifungurwa mu makoraniro canke ibirori vyabera muri Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya).
Isanamu yiwe izwi cane ni iyo igihe agaburira umukuru w’igihugu c’Uburusiya. Yaciye ahabwa izina ry’iritazirano ngo “umuboyi wa Putin”.
Yevgeny Prigozhin na Vladimir Putin bompi bava muri St Petersburg, igisagara kigira kabiri c’Uburusiya, kandi ubucuti bwabo ni ubwa kera cane, kumbure kuva mu myaka ya 1990, igihe Putin yakora mu biro vy’umukuru w’igisagara ca St Petersburg akama aja gufungura mu nzu y’uburiro ya Prigozhin, yari izwi cane mu bategetsi.

Ahavuye isanamu, AFP
Urudandaza rw’indya rwa Prigozhin rwarakomeye, gushika aho atangura kugiriranira amasezerano na reta, akagaburira amashure, ibigo vy’amashure y’imicuko (maternelle/kindergarten) rimwe na rimwe n’igisirikare – amasezerano yari afise agaciro k’imiriyaridi zitatu z’amadorari y’Abanyamerika, nk’uko vyerekanwa n’igendereza ry’ishirahamwe rirwanya igiturire, Anti-Corruption Foundation, ryashinzwe na wa munyaporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Putin, Alexei Navalny.
Amakuru y’ibinyoma
Mu myaka ya 2010, amakuru atari make y’igendereza ry’abamenyeshamakuru yarerekanye isano ryari hagati ya Yevgeny Prigozhin n’umurwi wo muri St Petersburg wari ujejwe gutanga amakuru atari yo, umurwi wari uzwi nka “uruganda rwa kavyonzi”.
Uru ruganda rwavuga ko rwari urwo gucura amakuru yo gusibanganya abanyaporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi no kwerekana isura nziza ya Kremlin.
Mu 2016, nk’uko vyerekanwa n’igendereza ryagiye gukoreshwa mu nyuma n’umuhanuzi adasanzwe Robert Mueller, uru ruganda rwaragize uruhara mu bikorwa vy’Uburusiya vyo kugerageza kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika. Ico gihe Prigozhin yarahakanye ko ata sano yari afitaniye n’uru ruganda.
Ariko muri Munyonyo (11) mu mwaka uheze, igihe muri Amerika hariko haraba amatora yo hagati muri manda, yariyemereye ko yagerageje kwivanga muri poritike ya Amerika.
Mu butumwa bwacishijwe ku rubuga n’igisata ciwe kijejwe kumenyesha amakuru, Prigozhin yavuze ati: "Twarivanze (mu matora ya Amerika), turiko turayivangamwo, kandi tuzokwama tuyivangamwo. Mu bwitonzi, ata kwihenda, mu buhinga kandi mu buryo bwacu, kuko turazi kubikora”.
Prigozhin yongerako ati: "Mu gihe nyaco mu bikorwa vyacu, tuzobakuramwo amafyigo n’igitigu ica rimwe”.
Ibikorwa vya Wagner
Mu kiringo c’imyaka itari mike, Yevgeny Prigozhin yarahakanye ko ata bucuti afitaniye n’uyu murwi wa gisirikare wa Wagner, mbere akaba yaranitwariye abamenyeshamakuru bavuga ko ari we yawutanguje.
Wagner yatanguye kwibonekeza mu buseruko bwa Ukraine mu 2014 igihe wafasha inyeshamba zishaka kwiyonkora zishigikiwe n’Uburusiya kwigarurira ubutaka bwa Ukraine no gushinga amarepubulika abiri yiyonkoye, mu ntara za Donetsk na Luhansk.
Kuva mu 2014, Wagner imaze kugira uruhara mu ntambara zitari nke kw’isi, cane cane muri Syria no mu bihugu bitari bike vya Afrika.
Bivugwa ko uyu murwi ufasha mu vya gisirikare hanyuma nawo ugaca uhabwa ibiva mu butunzi kama.
Nk’akarorero muri Syria, uyo murwi wavugwa ko wari ucungereye ibibanza vya reta vyacukurwamwo ibitoro hanyuma nawo ugahabwa igice c’amafaranga yinjiza.
Muri Libya, Wagner yararwanye ku ruhande rwa Jenerali Haftar ashaka gutembagaza reta y’ico gihugu ishigikiwe na ONU, maze izo nyeshamba zigahembwa mu mafaranga avuye mw’igurishwa ry’igitoro c’ico gihugu.
Muri Centrafrique, uyu murwi w’abacangero uri ku ruhande rwa reta ihari mu guhangana n’inyeshamba.
Muri Nyakanga (9) umwaka uheze, inyuma y’amezi atandatu Uburusiya butanguye igitero kuri Ukraine, Yevgeny Prigozhin yahise yemera ko yashinze Wagner kuko vyagaragaye ko ari umwe mu mirwi ya gisirikare y’Uburusiya ikora bigashimwa muri iyo ntambara.
Itangazo yacishije mu gisata ciwe kijejwe kumenyesha amakuru, ari naco cemeje iri tangazo kuri Reuters, Prigozhin avuga ati:
"Jewe ubwanje narogeje ibirwanisho vyari bishaje, nditorera jewe nyene imyambaro ntamenwa (gilets pare-balles/bulletproof vests), hanyuma nca ndondera abahinga bashobora kubimfashamwo.
“Kuva ico gihe, ku wa 01 Rusama (5), umurwi w’intwari zikunda igihugu waciye uvuka, ari wo mu nyuma wahavuye witwa Ibatayo ya Wagner”.
Nk’incuti idahemuka ya Perezida Putin, Yevgeny Prigozhin ni umwe mu bantu bake cane bakuru bakuru bubahuka kunegura uburongozi bw’igisirikare c’Uburusiya muri Ukraine.
Yarashigikiye umukuru wa Tchétchénie/Chechnya, Ramzan Kadyrov, igihe anegura akanasuzugura umwe mu bajenerali bakuru b’Uburusiya, Alexander Lapin, ku kungene yari yananiwe muri Ukraine.
Kadyrov yavuze ko Lapin yari akeneye kwakwa amapete akaba umusirikare asanzwe hanyuma akarungikwa ku rugamba. Prigozhin yashimagije Kadyrov ku kungene atarya umunwa, mu kwandika ati "Ramzan, uri igihangange!”

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu bisanzwe, Yevgeny Prigozhin nta ruhara afise mu nzego z’Uburusiya. Nyamara, uruhara afise ruragaragara.
Abahinga ba gisirikare babwiye BBC ko ubuhinga buhanitse bw’ibirwanisho abarwanyi ba Wagner bakoresheje muri Libya butashobora kuboneka kw’isoko kandi ko bwashobora kuboneka gusa biciye mu migenderanire n’ubutegetsi yo ku rwego rwo hejuru.
Muri Ntwarante (3) umwaka uheze, inyuma gato y’aho Uburusiya butanguriye igitero kuri Ukraine, abategetsi ba Amerika bavuze ko abarwanyi b’abacangero nibura 1,000 barungitswe mu buseruko bwa Ukraine.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru muri Ntwarante, John F. Kirby ajejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pengaton), yavuze ati: "Turazi ko ari yo bari, kandi turazi ko bashaka kwongereza igitigiri cabo hariya muri Ukraine”.
Mu nyuma, Prigozhin yaciye atangura kuzunguruka amabohero y’Uburusiya arondera impfungwa ajana kurwana muri Ukraine. Ibi ntivyari gushoboka ata ruhusha rutanzwe n’inzego zo hejuru.
Yahimirije impfungwa kwinjira mu murwi mu kuzibwira ko igihugu cari kububaha – kandi rimwe na rimwe akazibwira kwirinda gukora ivyaha vyo mu ntambara, nk’ugufata ku nguvu.
Ati: "Ntunywe inzoga, ntunywe ibiyayuramutwe, ntufate ku nguvu [abagore], witware neza”.
Yemerera impfungwa ko abemera kwinjira bazokenera gusa kumara amezi atandatu yonyene ku rubuga rw’intambara hanyuma bace barekurwa – bakurweko icaha kandi bace bitahira.
Mu misi iheze, umwe muri izi mpfungwa yari yagiriwe n’icaha c’ubwicanyi, yarasubiye muhira avuye ku rugamba.
Hagati aho, igisirikare ca Ukraine kivuga ko Wagner ikoresha abantu bayo nk’ikimazi kandi ko igitigiri kitari gito c’abarwanyi bayo baherutse kwicwa ubu bwa vuba mu ntambara zikomeye mu bisagara vya Soledar na Bakhmut biri mu buseruko bwa Ukraine.










