Ukraine na Russia: Uwari komanda wa Wagner yasavye ubuhungiro muri Norvège

Andrey Medvedev mu mwambaro w'akazi imbere yo gutoroka umurwi Wagner

Ahavuye isanamu, Gulagu

Insiguro y'isanamu, Andrey Medvedev mu mwambaro w'akazi imbere yo gutoroka umurwi Wagner

Na Matt Murphy

BBC News

Uwahoze ari umukomanda wa wa murwi wa gisirikare uzwi nka Wagner yasavye ubuhungiro muri Norvège/Norway inyuma yo gutoroka uyo murwi.

Andrey Medvedev w’imyaka 26 yajabutse urubibe yinjira muri Norvège ku wa gatanu, aho yaciye apfungwa n’abajejwe gucungera imbibe.

Aracapfungiwe mu karere ka Oslo aho akurikiranwa ku caha co kwinjira mu gihugu mu buryo buteye kubiri n’amategeko, nk’uko umushingwamanza wiwe Brynjulf Risnes yabibwiye BBC.

Risnes avuga ko umukiriya wiwe yavuye muri Wagner inyuma yo kwibonera ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine.

Igisata ca Norvège kijejwe gucungera imbibe cemeje kuri BBC ko uyu Murusiya yahagaritswe inyuma yo kujabuka urubibe rw’ibirometero 196 iki gihugu gisangiye n’Uburusiya, ariko ko kidashobora kuvuga vyinshi ku “mvo z’umutekano n’ibanga”.

Tarjei Sirma-Tellefsen, umukuru w’igipolisi mu ntara ya Finnmark muri Norvège, yavuze ko hari umugabo yahagaritswe n’abajejwe gucungera imbibe, anavuga ko yasavye ubuhungiro.

Ishirahamwe ryo mu Burusiya riharanira agateka ka zina muntu Gulagu, ari na ryo ryafashije Medvedev kuva mu Burusiya, riremeza umwidondoro wiwe.

Iri toroka ryiwe rizwi ko ari ryo rya mbere rimenyekanye ry’umwe mu basirikare b’uyo murwi atera aja mu burengero.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Vladimir Osechkin watanguje ishirahamwe Gulagu yabwiye BBC ko Medvedev yari yinjiye uyu murwi wa gisirikare muri Mukakaro (7) 2022 mu masezerano y’amezi ane, ariko akaba yaratorotse inyuma yo kwibonera ivyaha indiri n’indiri vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ivyaha vyo mu ntambara igihe yakorera muri Ukraine.

Avuga ko Medvedev yahoze ari ingabo mu gisirikare c’Uburusiya hanyuma akaja gupfungwa hagati ya 2017 na 2018 imbere yo kwinjira mu murwi Wagner.

Osechkin avuga ko yahavuye arungikwa muri Ukraine kurongora ingabo za Wagner, aho uyu murwi w’abacangero wamuzeza abasirikare bababa 30-40 buri yinga.

Muri videwo yashizwe ahabona na Gulagu iciye ku mbuga hwaniro zayo, Medvedev avuga ko yahunze akava muri Ukraine muri Munyonyo (11) amaze kuronka amakuru y’uko uyo murwi washaka kumwongerereza amasezerano y’igihe kirekire.

Inyuma y’amezi abiri yari amaze mu Burusiya mu kinyegero, yajabutse urubibe yinjira muri Norvège mu ndwi iheze.

Risnes avuga ko umukiriya wiwe yiboneye ivyaha vyinshi vyo mu ntambara igihe yarwana muri Ukraine, harimwo “igandagurwa ry’abatorotse” ryakorwa n’abajejwe umutekano hagati mu murwi Wagner.

Risnes ati: "Mu majambo make yumvise ko yahemukiwe aca ashaka kuvayo vuba bwango”.

Yizeye kandi ko Medvedev agiye muri Norvège ajanye ivyemezo bimwe bimwe vy’ivyaha vyo mu ntambara, kandi ko yipfuza gusangiza amakuru amashirahamwe atohoza amabi yo mu ntambara mu ndwi ziri imbere.

Ibiro vya Wagner i Petersburg

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kuva mu 2015, Wagner izwi ko yarungitse ingabo muri Syria, Libya, Mali na Centrafrique.

Mu kwishura kuri ivyo birego, uwatanguje umurwi Wagner Yevgeny Prigozhin aremeza ko Medvedev yahoze ari umusirikare wa Wagner.

Ariko mw’itangazo ryasohowe n’imwe mu makompanyi yiwe, avuga ko Medvedev yari afise ubwenegihugu bwa Norvège kandi ko yanarongoye ibatayo (bataillon) y’abasirikare bavuye muri ico gihugu c’akarere ka Scandinavia.

Prigozhin amwagiriza kandi ko "yahohotera impfungwa" kandi ko uyu yahora ari umukozi wiwe yari “umuntu mubi cane”. Risnes yabwiye BBC ko amajambo ya Prigozhin ari ibinyoma.

Abategetsi b’Ubwongereza bemeza ko umurwi Wagner ugize hafi 10% vy’ingabo z’Uburusiya muri Ukraine, kandi ko wagize uruhara rudasanzwe mu gufasha Moscou gufata igisagara ca Soledar mu karere ka Donbas kari mu buseruko mu ndwi iheze.

Ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo zawo zinjijwe zivuye mu busho bw’Uburusiya. Prigozhin – na we nyene yahoze ari impfungwa – yemerera abo yinjiza mu gisirikare ko mu gihe borwana amezi atandatu muri Ukraine bazoca bahabwa umwidegemvyo.

Imbere y’igitero kuri Ukraine, uyu murwi wari ufise abacangero bakeya. Hafi bose bari bazwi ko bari inararibonye zahoze mu gisirikare c’Uburusiya, harimwo na bamwe mu bahoze bari mw’ishami ry’ingabo zidasanzwe.

Kuva mu 2015, uyu murwi uzwi ko warungitse ingabo muri Syria, Libya, Mali na Centrafrique.