Umukuru wa Wagner Prigozhin yari mu ndege yakorotse – Uburusiya

Yevgeny Prigozhin

Ahavuye isanamu, Reuters

Umukuru w'umugwi Wagner, Yevgeny Prigozhin, yari ku rutonde rw'abari mu ndege yakorotse ikica abari muri yo bose, nk’uko bivugwa n’urwego rw’Uburusiya rujejwe indege zisanzwe.

Imbere y’aho, Grey Zone, urubuga rwa Telegram rukorana na Wagner, rwari rwatangaje ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Embraer yarashwe n’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere mu ntara ya Tver, mu buraruko bwa Moscou.

Iyo ndege, yariko iva Moscou ija St Petersburg, yari irimwo ingenzi indwi n’abayigendesha batatu.

Prigozhin yateye umugumuko waburijemwo mu gisirikare c’Uburusiya mu kwezi kwa Ruheshi (6).

Grey Zone yavuze ko ababa muri ako karere bumvise urwamo kabiri imbere y’uko indege ikoroka kandi babona imirongo ibiri y’imyotsi.

Itororokanirizo ry’amakuru Tass rya reta y'Uburusiya ryavuze ko iyo ndege yatse umururo isetse hasi, yongerako ko ibiziga bibiri bimaze gutorwa.

Iyo ndege yakorotse imaze mu kirere umwanya udashika inusu y’isaha, nk’uko Tass yavuze.

Uwo mugabo w'imyaka 62 yarateye umugumuko ku wa 23-24 ukwezi kwa Ruheshi, avana ingabo ziwe muri Ukraine, afata igisagara ca Rostov on Don kiri mu bumanuko bw'Uburusiya, aca akangisha gushika i Moscou.

Ivyo yabikoze haheze amezi hari icuka kibi hagati yiwe n'abategetsi b'igisirikare c'Uburusiya ku bijanye n'intambara muri Ukraine.

Ivyo vyarangijwe n'umwumvikano watumye ingabo za Wagner zishobora kwimukira muri Belarus canke zikaja mu gisirikare c'Uburusiya.

Prigozhin ubwiwe yaremeye kwimukira muri Belarus ariko biboneka ko yashobora gutembera ata nkomanzi, aho yabonetse mu Burusiya akanavugwa kandi ko yagendeye Afrika.

Ifoto yerekana indege iriko irasha

Ahavuye isanamu, Reuters

Ariko benshi mu bakurikirana ibintu n'ibindi mu Burusiya bavuga ko yari ''ikiziga kigendagenda'' kuva habaye uwo mugumuko.

Bikiba, Perezida Putin yavuze ko kwihanga inzego z'igihugu zijejwe kwivuna abansi ari ubuhemu n'inkota isogoswe mu mugongo, mu butumwa bwa video ku wa 24 ukwezi kwa Ruheshi.

Umwumvikano ntiwasigura ko ataco yinona.

''Kwihora'', ku bw'umuyobozi w'ikigo c'iperereza ry'abanyamerika CIA, William Burns, ''ni ivyo kurya Putin ashima gutanga bihoze [bikanye]'' - canke amajambo nk'ayo.

Ariko, ivyo vyose, nta cemeza ko Prigozhin n'abo bakorana hafi boba bahizwe n'ibigirankana.

Ariko, kubera uko ibintu vyari bimeze, ibivugwa, hamwe vyoba vyo, ko yahitanywe n'isanganya, bizotuma hibazwa vyinshi.