Amerika ivuga ko Uburusiya bushobora kuba bwarungitse igisasu gisambura ibigendajuru

Ahavuye isanamu, Roscosmos via Reuters
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko Uburusiya bwarungitse ikigendajuru mu ndwi iheze kizwi ko gishobora gusambura ibindi bigendajuru.
Jenerali de Brigade Pat Ryder , umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi avuga ati: "Uburusiya bwarungitse ikigendajuru mu nzira yo hasi izunguruka umubumbe w'isi [orbite] tubona ko gishobora kuba ikirwanisho co kurwanya ibindi bigendajuru".
Avuga ko kiri muri orbite imwe n'ikigendajuru ca Amerika, akongerako ko Amerika ibandanya ikurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda, kandi ko yiteguye gukingira inyungu zayo.
Uburusiya ntaco burashikiriza ku mugaragaro kuri iki kibazo.
Uburusiya na Amerika - ibihugu bibiri rutura kw'isi - biherutse guterana amajambo muri ONU ku vyerekeye ikirere, aho buri ruhande rwagiriza urundi ko rugomba kugira ikirere ikibanza carwo ca gisirikare.
Ku wa kabiri w'iyi ndwi, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire Maria Zakharova yavuze ko Amerika iriko irondera guhindura ikirere "nk'urubuga rwo guhangana gisirikare".
Abahinga batari bake bamaze igihe bagabisha ko ikirere gishobora kuba kigiye kuba urundi rwasiro muri ino si igendera ku buhinga bwa none.
Jenerali Ryder avuga ko Amerika ibona ko iki kigendajuru c'Uburusiya gishobora "gutera ibindi bigendajuru biri muri orbite y'umubumbe w'Isi".
"Uburusiya bwarungitse iki kirwanisho gishasha muri orbite imwe n'ikigendajuru ca reta ya Amerika.
"Dufise inshingano zo kwama twiteguye kwivuna no gukingira ikirere n'inyungu zacu ziri mu kirere".
Eka n'umuvugizi w'igisata ca Amerika kijejwe ikirere na we nyene yabwiye itororokaniro ry'amakuru Reuters ko iki kigendajuru gishobora kuba ari "ikirwanisho gifise ubushobozi bwo gutera ibindi bigendajuru biri muri orbite y'umugabane w'Isi yo hasi".
Uno muvugizi avuga ko iki kigendajuru - Cosmos 2576 - carungitswe ku wa 16 Rusama (5) kivuye ku kigo c'Uburusiya ca Plesetsk kirungikirwako ibigendajuru, mu buraruko bwa Moscou.
Mw'itangazo ryaco, ikigo c'Uburusiya Roskosmos kijejwe ibirere kivuga ko iki kigendajuru carungitswe ku wa 17 Rusama "ku nyungu z'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya".
Ubu budasa hagati y'ibihe/imisi carungikiweko bushobora kuba buva ku budasa bw'amasaha, aho Moscou iri imbere amasaha atatu ugereranije n'isaha mpuzamakungu ya GMT.
Yaba Uburusiya canke Amerika, nta zindi nsiguro bitanga.
Ariko abahinga mu vy'ikirere bavuga ko Cosmos 2576 iboneka ko iri kuri orbite imwe n'ikigendajuru ca Amerika USA 314.
Kuva butanguje intambara yuzuye kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, Uburusiya bubandanya bugabisha ko ibigendajuru vya Amerika bifasha Amerika bishobora guterwa.
Mu kwa kabiri, ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika vyaremeje ko Uburusiya bwariko burahingura ikirwanisho gishasha co mu kirere "giteye ubwoba", ariko ko butari bwakirekure.
Ibi vyabaye inyuma y'aho umushingamateka w'Umurepubulikani atangiye ubutumwa budatomoye neza bwo kugabisha ko umutekano w'igihugu ushobora kuba ugeramiwe, ivyatumye haduka ibihuha vyinshi.
Icegeranyo cashizwe ahabona n'ikigo Center for Strategic and International Studies gifise icicaro i Washington DC mu mwaka uheze, cavuga ko Uburusiya buriko buhingura ibirwanisho bitari bike vyo gusambura ibigendajuru (ASAT), harimwo igisasu ca misire cageragerejwe ku kugendajuru capfuye co ku gihe c'ubutegetsi bw'Abasoviyeti muri Munyonyo 2021.













