Ubushinwa bwarungitse ikigendajuru ku ruhande rw’ukwezi rwinyegeje
- Umwanditsi, Na Jemma Crew
- Igikorwa, BBC News
Ubushinwa bwarungitse ikigendajuru kijejwe kwegeranya ibipimo vyo ku rundi ruhande rw’ukwezi, igifatwa nk’igikorwa ca mbere kw’isi.
Rokete itagira abantu yikoreye ikigendajuru Chang'e-6 yahagurutse ku kibanza kirungikirwako ibigendajuru, Wenchang Space Launch Center, ejo ku mugobora.
Ubu butumwa bw’imisi 53 bufise intego yo kuzana kw’isi ivu ryo ku kwezi ripima ibiro bibiri kugira ngo ryigwe.
Iki kigendajuru kizogerageza kwirasa kivuye ku ruhande rw’ukwezi rutarabana n’isi.
Uru ruhande rukunze kwitwa uruhande rw’umwijima kubera rudashobora kuboneka uri kw’isi, atari kubera rudashikirwa n’imishwarara y’izuba.
Abahinga bizeye ko ibi bishobora kworosha igikorwa co kwegeranya ibintu bishobora gutanga umuco ku kungene ukwezi kwabayeho.
Ge Ping, icegera c’umukuru w’igiko c’Ubushinwa kijejwe kwiga ibirere n’ukwezi, Lunar Exploration and Space Engineering Center, yabwiye abanyamakuru imbere y’uko iki kigendajuru kirungikwa ati: "Chang'e-6 kizokwegeranya ibipimo vyo ku rundi ruhande rw’ukwezi ku ncuro ya mbere".
Uru rugendo rwitiriwe icahoze citwa Imana y’ukwezi, ikintu kizwi cane mu migani y’ivya kera mu Bashinwa.
Iki kigendajuru citezwe kuzogwa mu kiyaha South Pole-Aitken Basin, ikiyaya kinini cane gifise ubwaguke bw’ibirometero 2500.
Ikigo c’Ubushinwa kijejwe ibirere (China National Space Administration) kivuga ko iki kigendajuru kizoheza kigegeranya ivu n’ibivunji vy’ibibuye, hanyuma bikore ubushakashatsi kuri vyo.
Iki kigo kivuga ko iki kigendajuru kizokoresha ikindi kigendajuru gitanga amakuru ciswe Queqiao 2 kugira ngo gishobore gushikana amakuru kw’isi.
Irungikwa ry’iki kigendajuru ni bwo butumwa bwa mbere muri butatu butagira abantu Ubushinwa butegura kurungikiwa ku kwezi muri iyi myaka cumi.

Ahavuye isanamu, AFP

Ahavuye isanamu, AFP
Ikigendajuru Chang'e-7 kizorondera gushikira amazi yo ku ruhande rw’ubumanuko bw’ukwezi, hanyuma Chang'e-8 na co kikazogerageza kwerekana ingene vyogenda mu kwubaga ikigo c’ubushakashatsi gitegekanijwe kwubakwa ku kwezi (Station de recherche lunaire internationale/International Lunar Research Station).
Ic’imbere y’aha, Chang'e-5, cashoboye kuzana kw’isi urunyigimbe rw’ikirunga rwari rumaze igihe gito kibuvanye ku kwezi, igihe kigaruka ku wa 20 Kigarama 2020.
Iki kikorwa caraye gikozwe ni iyindi ntambwe mu mugambi w’Ubushinwa wo kugenzura ikirere, aho buhiganwa na Amerika.
Mu myaka itanu iheze, Ubushinwa bwabaye igihugu ca mbere cashikanye ikigendajuru ku ruhande rw’inyuma rw’ukwezi.
Gushika mu 2030, Ubushinwa butegekanya kuzoba bwashikanye abahinga babwo ku kwezi, kandi ko buzoba bwashikanye ibigendajuru vyabwo ku mibumbe ya Mars na Jupiter kugira ngo bizokwegeranye ibipimo.
Ibikorwa vyo kwubaka iki kigo c’ubushakashatsi ku kwezi bitegekanijwe kuzokorerwa hamwe n’ibigo vy’Uburusiya. Amasezerano y’umwimvikano amaze imyaka itari mike yarateweko igikumu n’ikigo Roscosmos, ariko nta nteguro yari bwashirwe ahabona.











