Niger: Bamwe bashigikiye itembagazwa ry'ubutegetsi abandi bakaryiyamiriza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu amajana bakoraniye imbere y’Inama Nshingamateka ku murwa mukuru Niamey kugira bagaragaze ko bashigikiye igisirikare.
Banasavye kandi ko Uburusiya bugira ico bukoze, n’uko ingabo z’Abafaransa ziva muri ico gihugu ca Niger.
Abasirikare bo muri Niger muri Afrika y'uburengero ku wagatatu batangaje kuri televiziyo y'igihugu ko batembagaje ubutegetsi.
Bavuze ko basheshe ibwirizwa shingiro, bahagarika inzego zose kandi bugara imbibe z'igihugu.
Perezida wa Niger Mohamed Bazoum ku wa gatatu yapfunzwe n'abasirikare bo mu rwego rwari rusanzwe rucungera umutekano wiwe.
Bamwe mu bari um myiyerekano yo kuri uyu wa kane bari bafise amabendera y’Uburusiya. Ariko gushika ubu nta cerekana ko Uburisiya bufise uruhara mw’ifatwa ry’ubutegetsi n’igisirikare ryabaye muri ico gihugu.
Abari mu myirekano bakongereje umuriro ku cicaro c’umugambwe Parti Nigérien pour la Démocratie et le Socialisme (PNDS) wa prezida yakombowe.
Iyo myiyerekano y’abashigikiye itembagazwa ry’ubutegetsi yari yacerejwe n’imvura nyinshi yazindutse iragwa.
Impande zibiri...
Abanyagihugu ubu bari mu mpande zibiri zihushanye kuri iryo tembagazwa.
Bamwe bababajwe kandi bashegeshwe cane n’iryo tembagazwa. Mu gihe ryariko riraba ku wagatatu, amajana y’abashigikiye umukuru w’igihugu ntibatinye abo basirikare mu kwihereza amabarabara basaba ko abo basirikare basubira mu makambi.
Ariko baciye bashwiragizwa harashwe amasasu yo kubagabisha. Bavuga ko batazokwemera iryo fatwa ry’ubutegetsi ariko ntibizwi uko bazobikora.
Abandi bakirije yompi ivyakozwe n’igisirikare, bagiriza umugambwe uri ku butegetsi ibiturire no kudakora ibihagije kugira umutekano ugaruke hongere harangire intambara y’abagwana bitwaza idini rya Islam (Djihadist) imaze igihe kitari gito.
N’ubwo igisirikare cashigikiye abasirikare batembagaje prezida Mohamed Bazoum, gushika ubu ntibiramenyekana uwufashe ubutegetsi uwo ari we.
Inzego zose zijejwe umutekano zari zaserukiwe igihe hasomwa ku mboneshakure (television) mw’ijoro ryitereye itangazo ryo gufata ubutegetsi – ikimenyetso c’uko igisirikare cunze urunani mu gushigikira iryo fatwa ry’ubutegetsi.
Perezida Ndayishimiye mu biyamirije itembagazwa ry'ubutegetsi

Ahavuye isanamu, Getty Images
ONU, Reta Zunze Ubumwe za Amwerika, Ishirahanmwe ry'ibihugu vya Afrika y'Uburengero ECOWAS/CEDEAO n'Ubufaransa biyamirije iryo tembagazwa ry'ubutegetsi basaba ko perezida Mohamed Bazoum arekurwa, ONU na Amerika bamwemerera ubufasha bwuzuye.
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye mu butumwa yanditse kuri Twitter yavuze ko yiyamirije ashimitse itembagazwa ry'ubutegetsi muri Niger, asaba ko haba ituze n'isubizwaho ry'ubutegetsi bushingiye kw'ibwirizwa shingiro.
Ati: "Uburundi bwiyamirije ifatwa ry'ubutegetsi iryo ari ryo ryose ridaciye muri demokarasi".
Ishirahamwe ry'ubutunzi ry'ibihugu vo muri Afrika y'uburengero (CEDEAO/ECOWAS) ryavuze ko "ryiyamirije mu majambo akarishe ashoboka igerageza ryo gufata ubutegetsi ku nguvu".
Kw'izina rya CEDEAO, Perezida wa Bénin Patrice Talon yashitse ku murwa mukuru Niamey wa Niger mu butumwa bw'ubuhuza.
Talon yavuze ko "uburyo bwose" buzokoreshwa, nibiba ngombwa, mu gusubizaho iyubahirizwa ry'ibwirizwa shingiro, "ariko icifuzwa ni uko buri kintu cose gikorwa mu mahoro no mu bwumvikane".

Ahavuye isanamu, AFP
Imbere y'aho ku wa gatatu, isinzi ry'abantu yiraye mu mabarabara y'i Niamey mu gushigikira Bazoum.
Umunyamakuru wa BBC na we yabonye abasirikare bafise ibigwanisho vyinshi bashigikiye Perezida bari mu bice bikikije radio na televiziyo vy'igihugu.
Mw'itangazo ryo gutangaza ko abasirikare batembagaje ubutegetsi bavuze ko ivyo "bikurikiye gukomeza kwunyuka kw'umutekano, ndetse n'ubutunzi buhagaze nabi n'intwaro mbi".











