Kubera iki Russia yishimiye coup d’Etat ya Burkina Faso?

Ahavuye isanamu, AFP
Itembagazwa ry’ubutegetsi riherutse muri Burkina Faso ryatumye haboneka urwaruka ruzungagiza amabendera y’Uburusiya mu mabarabara y’umugwa mukuru, Ouagadougou – ikintu gitegerezwa kuba cararyoheye Abarusiya.
N’aho bari igitigiri gito, vyatumye haba abibaza ko hoba hari Abarusiya bafise uruhara mu vyabaye vyatumye Kapiteni Ibrahim Traoré afata ubutegetsi muri ico gihugu cugarijwe n’indyane ziterwa n’abarwanyi biyitirira idini rya Islam.
Yevgeny Prigozhin, umutunzi ruhebwa yegereye Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, akaba ari na we yashinze umurwi Wagner – umuhari w’abacangero urangwa mu bihugu bitari bike vya Afrika – yarakeje uyu mutegetsi wa gisirikare, amufata nk’ “intwari y’igihugu ciwe kandi ikerebutse”.
"Abanyagihugu ba Burkina Faso bari bazingamitswe n’abakoloni bivye abanyagihugu bakabakorera n’amahano, bakigisha kandi bagafasha imirwi y’ibisuma vyateje amarira mu bantu”.
Aha ariko avuga ibi atunga urutoke Ubufaransa bwahoze butwara gikoroni iki gihugu - mu gihe abo bose bakirije yompi iri tembagazwa ry’ubutegetsi muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero, hampande yo kuzungagiza amabendera y’Uburusiya, barateye ibigo vy’Ubufaransa, harimwo n’ibiro vy’ubuserukizi vyabwo.
Iyi migumuko yabaye nk'igihuhusi mu karere kose, mu kwongera kwerekana ingene ibihugu bitari bike vya Afrika vyahoze bikoronijwe n’Ubufaransa vyanka iki gihugu.
Mu kiringo kingana hafi imyaka 10, Ubufaransa bwabandanije bufasha ibisirikare vyo mu karere ka Sahel - akarere karangwamwo imvura nke cane kari mu bumanuko bw’ubugaragwa bwa Sahara karimwo na Burkina Faso – mu ntumbero yo kurwanya inyeshamba z’imihari yiyitirira idini rya Islam, imwe muri yo ifitaniye ubucuti na al-Qaeda canke umuhari wiyitirira Reta ya ki-Islam (Etat Islamique/Islamic State).
Ariko buherutse gukura akarenge mu gihugu kibanyi ca Mali, naco nyene cahoze gikoronizwa n’Ubufaransa, bivanye n’imigenderanire yatosekaye hagati yabwo n’abategetsi ba gisirikare bagirizwa ko babandanya biyegereza Uburusiya mu kurondera imfashanyo yo kurwanya izi nyeshamba.
Sergei Markov yahoze ari umuhanuzi muri Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu w’Uburusiya), ntaca ku ruhande mu gushikiriza ingene abona ibintu: "Abantu bacu barafashije umutegetsi mushasha [wa Burkina Faso].
"Ikindi gihugu ca Afrika kigiye kuvavanura n’Ubufaransa kugira gikorane n’Uburusiya”.
Ku muhinga mu vyerekeye poritike y’isi, Dr Samuel Ramani, ibi biratandukanye n’ivyahora bivugwa n’Uburusiya ku migumuko ya poritike muri ako karere.
Dr Ramani wo mu kigo Royal United Services Institute (Rusi), ikigo ciga ku bijanye n’ivy’umutekano no kwivuna abansi, avuga ati: "Mu zindi coups d’Etat, Uburusiya bwagerageje kwigira nk’ubwungukira mw'ihinduka ry’ubutegetsi butari buvyiteze.
"Muri iki gihe, Uburusiya bwashizemwo inguvu nyinshi mu gushigikira itembagazwa ry’ubutegetsi, ibi bikaba vyatumye abantu bibaza ko Uburusiya bwagize uruhara mw’itegurwa”.
Aha umuntu aca abona wa murwi Wagner, naho Uburusiya bubandanya buhakana ko aba bacangero ataho bahuriye na reta, kandi ata n’icemezo cerekana ko Uburusiya bubifisemwo uruhara.
Umwanya muto inyuma y’aho Capt Traoré afatiye ubutegetsi, yaciye atomora neza ko yipfuza gukorana n’iyindi ncuti nshasha mu kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam zigisibije mu gihugu kuva mu 2015.
Benshi babona ko aha yashaka kuvuga Uburusiya.
Ariko n’aho intumbero nyamukuru ari ugutuza izi nyeshamba, avuga ko yiteguriye gukorana na Amerika canke ikindi gihugu cose cipfuza gufasha mu kugarukana umutekano mu gihugu.
Amerika yama itegura imyimenyerezo ikomeye n’ibihugu vya Afrika y’uburengero ijanye no kurwanya iterabwoba – ariko muri uno mwaka Mali na Burkina Faso ntivyari muri kino gikorwa ciswe Operation Flintlock.
Dr Ramani ati: "Nibaza ko Burkina Faso ishaka gukwepa umutego Mali yaguyemwo”. Avuga ko abategetsi ba gisirikare muri Mali banse urunuka Abanyamerika n’Abanyabulaya kuva bafashe ubutegetsi mu 2020.
Avuga ati: "Ubu barigaruriwe rwose n’Uburusiya kandi bagendera kuri bwo”.
"Iyo Abarusiya bamaze kwinjira ntibashobora kuhava. Ibi vyarabaye kandi no muri Centrafrique”.
Umurwi Wagner ukorera muri Centrafrique kuva mu 2018, abakozi bawo bakaba bagirizwa ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, harimwo ubwicanyi bw’ikivunga, iyicarubozo, kunyuruza abantu hamwe no gusambanya ku nguvu.
Dr Sorcha MacLeod, umwigisha wungirije muri kaminuza ya Copenhagen akaba n’umuyobozi w’umurwi w’ishirahamwe ONU ujejwe ingene abacangero bakoreshwa, avuga ko bishobora kugorana kurengutsa imirwi nka Wagner.

Ahavuye isanamu, AFP
"Iyo umaze kwinjiza aba bacangero, reta ishobora kwisanga mu ntambara kandi ata ruhara iyifisemwo.
"Aha rero uca ubona ko vyoroshe guhakana ko ataruhara ufise…kandi ibi rero bifise ingaruka mbi iyo ushatse kurondera uwo uvyegekako n’uwubibazwa”.
Hejuru y’ivyo, ego baba bahari, ariko si ukuvuga ko wama ubaronkako ivyo wari witeze, nk’uko abivuga.
"Iyo abantu nk’aba binjijwe mu ntambra, imara igihe kirekire kandi hari ivyago vyinshi vy’uko hashobora kuba ivyaha vyo mu ntambara.
"Ikiriho ni uko iyi mirwi ata karusho izana mu kurangiza intambara. Bobo bironderera amahera gusa”.
Amerika iravyemera, ikavuga ko abacangero b’Abarusiya bariko biyimbira ubutare muri Centrafrique, Mali na Sudan mu ntumbero yo gushigikira intambara ya Moscou muri Ukraine.
Mu majambo atomoye yo kugabisha, uwuserukira Amerika muri ONU yavuze ko Afrika iriko irishura bikomeye.
Linda Thomas-Greenfield yabwiye umubonano w’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ati: "Hagukorera mu muco no gukomeza umutekano, Wagner inyunyuza ibihugu ikoreramwo bitegerezwa kuriha ivyo ubakorera mu nzahabu, diyama, imbaho n’ubundi butunzi kama – uku niko Wagner ikora mu kwiyegeraniriza amatungo”.
"Turazi ko ubu butunzi bwaronswe biciye mu nzira mbi bukoreshwa mu gushigikira intambara za Moscou muri Afrika, mu burasirazuba bwo hagati no muri Ukraine".
Ibi bishobora gusigura igituma Capt Traoré agumana amadidane ntashake guherezako mu gukorana n’Uburusiya.
Dr Ramani ati: "Nibaza ko Traoré agerageza kwinengesera mu kwerekana ko ashobora gukorana n’impande zompi”.
"Ariko ibi nyene bisigura ko ugukorana n’Uburusiya uko ari kwo kwose kuzoba ari hafi y’urupfu ku Bufaransa no ku burengero. Abanyamerika n’abafaransa ntibashobora gukorana n’Abarusiya.
"Ibi ni vyo bishira Traoré mu madidane – aherezeko mu gukorana n’Uburusiya? Canke akine ikarata zose, hanyuma yisange abuze n’uruhande na rumwe nyarwo akorana narwo”.
Ni mu gihe uburakari bwerekanywe n’urwaruka rwa Burkina Faso rwari mu myiyerekano bwerekana ko aba bategetsi bashasha bategerezwa gushira imbere igikorwa co kurwanya izi nyeshamba.
Umutegetsi umwe wo mu karere yavuze mu ndwi iheze ko Burkina Faso yari "hafi yo gutembagara " kubera umutekano muke.
Hagati aho, hari ibibazo ku bijanye n’ubushobozi abarwanyi ba Wagner bashobora kugira muri Burkina Faso.
N’aho abarwanyi bawo bamaze ikiringo kidashika umwaka muri Mali, ibimenyetso vya mbere si vyiza na rirya ibitero vy’inyeshamba biriko biriyongera, kandi bakagirizwa ihonyangwa ry’agateka ka muntu.
Igihugu kiriko kiriha izina nk’icibare nyamukuru c’indyane za Sahel, kikaba ari co kirangwamwo igitigiri kinini gusumba ibindi c’ibitero vy’inyeshamba gushika ubu muri uno mwaka wa 2022.
Vyongeye, 2022 uboneka ko ari wo mwaka wabayemwo ubwicanyi burenze urugero muri Burkina Faso na Mali kuva izi nyeshamba zitanguye intambara.
Dr Ramani ati: "Wagner ni abahinga bo guteza akajagari. Ariko kwitwa umurwi ushobora kurwana intambara, si ikirenga, cane cane mu turere dushasha kandi tutoroshe”.
Ariko aracemera ko abategetsi ba gisirikare mu karere ka Sahel bashobora guhitamwo gukorana n’abacangero b’Abarusiya kubera Ubufaransa bwananiwe no guhagarika indyane.
Hampande y’iki, Uburusiya ni incuti idasaba vyinshi.
Dr Ramani avuga ati: "Uburusiya buboneka ko ari incuti itivanga mu buzima bw’ibindi bihugu iyo hari ibibazo vy’agateka ka muntu n’intwaro rusangi”.
"Eka ntibunagerageza kugutegeka ingene ubaho – ibi navyo bikaba biboneka ko ari vyo ubutegetsi bushaka gutwaza umukazo bwishakira”.










