Coup d’Etat Burkina Faso: uwabogojwe avugwa ko ariko ategura igitero co kwihora

Abasirikare ku wa gatandatu bariko bahikiriza ijambo ku mboneshakure y'igihugu

Ahavuye isanamu, Radio Télévision du Burkina

Uwitangaje ko ari we mukuru w’igihugu wa Burkina Faso avuga ko uwo yabogoje, haciye imisi ibiri ubu, ariko arategura kwivuna.

Col Ibrahim Traoré yagiriza kandi igisirikare c’Ubufaransa ko ari co kinyegeje Lt Col Paul-Henri Damiba muri kimwe mu birindiro vyabwo – ariko Ubufaransa burahakana ko ata ruhara bubifisemwo.

Inkoho zarumvikanye ku mugwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou nijoro ku wa gatandatu, za kajugujugu zikaba zazunguruka ikirere c’iki gisagara.

Abari mu myiyerekano barakije umucanwa hanze y’ubuserukizi bw’Ubufaransa – igitero Paris yiyamirije “yivuye inyuma”.

Ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe imigenderanire bwabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko umutekano w’abantu babwo ari co kiza imbere ya vyose, kandi ko buguruje ikigo c’ubutabazi i Ouagadougou.

Imbere y’aha, ababibonye bavuga ko ingabo zugaye amabarabara mu micungararo y’igisagara kandi ko n’amaduka yari yuguruye yaciye yugarwa mu nyuma.

Mu gisagara kigira kabiri c’iki gihugu, Bobo-Dioulasso, hari amakuru avuga ko umwugariro w’ikigo c’Ubufaransa (Institut Francais) waturiwe n’abari mu myiyerekano.

Itembagazwa ry’ubutegetsi ku wa gatanu ryatangajwe ku mboneshakure y’igihugu, bukaba bwari ubugize kabiri igisirikare c’iki gihugu gifata ubutegetsi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Muri ibi bihe vyompi, abatembagaza ubutegetsi bavuga ko babikora kubera umutekano w’igihugu uba ugeramiwe.

Burkina Faso igenzura ibice biri msi ya 60% vy’ubutaka bwayo, nk’uko abahinga babivuga, kandi ko inyeshamba zirwanya reta zakomeje umurego.

Kuva mu 2020 abantu barenga umuriyoni barataye izabo kubera indyane.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika risaba ko ubutegetsi bushingiye kw’ibwirizwashingiro busubizwa ijambo bitarenze mu kw’indwi 2023, rikaba ryemeranya n’ishirahamwe ry’akarere CEDEAO/ECOWAS ko gutembagaza ubutegetsi bwa Lt Col Damiba biteye "kubiri n’ibwirizwashingiro".

Imbere y’aha, CEDEAO yari yatangaje ko “bitabereye” ko aba basirikare bagumutse bafata ubutegetsi mu gihe igihugu cariko gikora ibishoboka vyose kugira ngo ubutegetsi busubire mu minwe y’abasivire.

Uwundi yiyamirije iri tembagazwa ry’ubutegetsi ni António Guterres, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ku ncuro ya kabiri mu masaha 24 gusa, abateguye iri tembagazwa ry’ubutegetsi basohoye irindi tangazo ku mboneshakure y’igihugu riteweko igikumu n’umukuru wabo Col Ibrahim Traoré.

Muri ryo bavuga ko Lt Damiba yariko ategura igitero co kwivuna kubera bobo bipfuza gukorana n’izindi ncuti mu kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.

Iri tangazo ntiryerekana izi ncuti zindi, ariko abaharanira uburenganzira bwa muntu bavuga ko ingabo zo mu gihugu kibanyi ca Mali zikorana numurwi w’abacangero b’Abarusiya uzwi nka Wagner, n’aho ibi bihugu vyompi bibhakana.

Ku mugoroba wo ku wa gatanu, ahagatiwe n’abasirikare bari bigumuye kandi bambaye ibitambara vyirabura bibafuka mu maso, intwazangabo yasomye itangazo ku mboneshakure y’igihugu avuga ko birukanye Lt Damiba, bagatembagaza reta kandi bagahagarika n’ibwirizwashingiro.

Iri tangazo kandi ryasomwe kw’izina ry’intwazangabo ya gisirikare yitwa Col Traoré, avuga ko biyamiriza ukunanirwa kwa Lt Col Damiba guhangana n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.

Ati: "Abanyagihugu bacu bari mu mahano atagira izina, kandi babandanya bababara”.

Nta vyinshi bizwi kuri Col Traoré, intwazangabo ya gisirikare y’imyaka 34 yarongoye urugamba rwo kurwanya umurwi w’abarwanyi biyitirira idini rya Islam uzwi nka Cobra.

Itagazo ryiwe ryo ku wa gatanu ryamutangaje nk’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza wa Burkina Faso.