Equatorial Guinea: umuperezida wa mbere kw’isi amaze imyaka myinshi yatsinze amatora

Perezida Teodoro Obiang Nguema yafashe ubutegetsi mu in 1979

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Teodoro Obiang Nguema yafashe ubutegetsi mu in 1979

Na Sam Hancock

BBC News

Umuperezida wa mbere kw’isi amaze igihe kirekire ku butegetsi yatsindiye ikiringo kigira gatandatu muri Guinée Equatoriale kugira ngo abandanye n’intwaro yiwe ifatwa ko ari iy’agahotoro.

Teodoro Obiang Nguema Mbasogo w’imyaka 80, yatsinze ku majwi hafi 95%, nk’uko bitangazwa n’abategetsi inyuma y’imisi itandatu aya matora abaye.

Icegera c’umukuru w’igihugu Teodoro Nguema Obiang Mangue, uyu akaba ari n’umuhungu wiwe, avuga ati: "Ibivuye mu matora bisubiye kwerekana ko turi mu kuri. Tubandanya kuba umugambwe ukomeye”.

Hari bamwe mu batavuga rumwe na reta bahiganywe na we, ariko nta n’umwe yari yiteze gutsinda.

Perezida Obiang arifatiye mu minwe iki gihugu co muri Afrika yo hagati gitunze igitoro, aho abagize umuryango wiwe bafise ibibanza bikomakomeye muri reta yiwe.

Yashitse ku butegetsi mu 1979 atembagaje ubutegetsi kandi na we nyene yagiye ahakwa kenshi kubogozwa.

Amaze gushika ku butegetsi asubiriye se wabo Francisco Macias Nguema, yarazanye impinduka nkeya ariko yakoze ibishoboka vyose kugira umuryango wa Nguema wifatire igihugu mu minwe.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi ntibihanganirwa kandi ntiboroherwa na gato kubera ata binyamakuru vyigenga bihari, mu gihe ibihari bigenzurwa na reta canke n’incuti zayo.

Perezida Obiang afatwa ko, inyuma yo guhakana ivyo yagirizwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu n’ubusuma bw’amatora, afise intumbero yo gukoresha iki kiringo ciwe kigira gatandatu kugira ngo asubirane icizere mu makungu.

Mu kw’icenda, reta yarakuyeho igihano c’urupfu, ingingo yashimagijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Guinée Equatoriale ifise kahise abayinegura bavuga ko karanzwe n’ubusuma bw’amatora.

Ico ukeneye kumenya kuri Guinée Equatoriale

Mu 1968, Guinée ya Espagne (Spanish Guinea) yaronse intahe y’ukwikukira ica iba Guinée Equatoriale, Francisco Macias Nguema aca aba umukuru w’igihugu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko abakuru b’iki gihugu babiri - Francisco Macias Nguema hamwe na Teodoro Obiang Nguema – ari bamwe mu bakuru b’ibihugu bahonyanga agateka ka zina muntu muri Afrika.

Iki gihugu gikoresha iki-espagnol, igifaransa n’igiportugal catoye igitoro mu 1996, ariko abenshi mu banyagihugu bangana imiriyoni 1.4 nta nyungu bakironkamwo, mu gihe ubukene bukizura inzara.