Ukraine ivuga ko yabonye igiturire mw’igura ry’ibirwanisho

Ahavuye isanamu, RFE
- Umwanditsi, Na George Wright
- Igikorwa, BBC News
Igisata kijejwe igendereza ca Ukraine kivuga ko cabonye igiturire mu gisirikare mw’igura ry’ibirwanisho kingana n’imiroyini 40 z’amadorari y’abanyamerika.
SBU (igisata kijejwe igendereza ca Ukraine) ivuga ko intwazangabo nkuru zitanu mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’umwe mu basanzwe bagurisha ibirwanisho, bariko barakorwako amatohoza.
Ivuga ko abategetsi b’urwego rujejwe kwivuna abansi bateye igikumu ku masezerano yo kugura ibisasu vya muzinga 100.000 mu kwa munani 2022.
Irihwa ryavyo ryabaye imbere, aho hari n’amwe muri ano mahera yarungitswe hanze, ariko ntihagira n’ikirwanisho na kimwe cinjira.
Igiturire ni imwe mu nzitizi zikomeye zibuza Ukraine kwinjira muryango w’Ubumwe bwa Bulaya.
SBU ivuga ko amatohoza "yashize ahagaragara" abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’abarongoye ikigo Lviv Arsenal kigurisha ibirwanisho, "bivye imiriyaridi hafi 1.5 z’ama-hryvnias mw’igura ry’ibisasu vya muzinga ".
"Nk’uko amatohoza avyerekana, abahoze be n’abakiri mu ndongozi nkuru z’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’abarongoye amakompanyi afitaniye isano nabwo bafise uruhara mw’inyuruzwa ry’amahera", ni ko SBU ivuga.
SBU ivuga ko nubwo aya masezerano yo kugura ibirwanisho yateweko igikumu amezi atandatu inyuma y’aho Uburusiya butangurije intambara kuri Ukraine, "nta rusasu na rumwe" rwigeze rwinjira.
Umwe mu bikekwa yarahagaritswe igihe yariko agerageza kuva muri Ukraine ubu akaba ari mu gasho, nk’uko SBU ibivuga.
Umushikirizamanza mukuru wa Ukraine avuga ko amafaranga yibwe yafashwe kandi ko azosubizwa mu kigega c’igisata co kwivuja abansi.
Ukraine imaze imyaka itari mike ihanganye n’ibibazo vy’igiturire.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yari yiyemeje kurwanya ruswa nka kimwe mu bikorwa nyamukuru vyiwe igihe ashika ku butegetsi mu 2019.
Ibi birego bije mu gihe Abarepubulika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika batariko barorohereza Perezida Joe Biden ku mfashanyo yindi ashaka kurungikira Ukraine.
Muri Myandagaro (8), Perezida Zelensky yarirukanye intwazangabo zari zijejwe kwinjiza ingabo mu gisirikare mu ntumbero yo guhagarika ingeso y’aho hari bamwe bariko bemererwa gutoroka kugira ntibinjizwe mu gisirikare.
Mu rutonde rw’ingene ibihugu birya ibiturire kw’isi mu 2022, ishirahamwe Transparency International rirwanya igiturire ryashize Ukraine ku mwanya wa 116 kuri 180.
Ariko utwigoro two kurwanya ibiturire turiko turazana akarusho. Ni kimwe mu bihugu cumi gusa vyaduze ku rutonde rwa Transparency International mu kurwanya igiturire, kurenga ibibanza 28 mu myaka cumi gusa.










