'Ivyo twari twiteze mu gitero ca Ukraine co kwivuna umwansi vyaranse' - umutegetsi mu gisata c'umutekano

- Umwanditsi, Na Jessica Parker
- Igikorwa, BBC News, Kyiv
Ivyari vyitezwe mu gitero ca Ukraine co kwivuna umwansi ntivyabaye, nk’uko bivugwa n’umutegetsi wo mu gisata co kwivuna abansi.
Ariko Oleksiy Danilov asanzwe ari mu bagize Inama y’Igihugu ijejwe Umutekano no Kwivuna abansi, ashimangira ati: "Ibi ntibisigura ko intsinzi itazoba ku ruhande rwacu".
Ukraine muri kino gihe iriko iragerageza kuraba ingene ibihugu vy’Uburengero vyorekura imfashanyo nshasha, cane cane Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Danilov arizeye ko nibura imfashanyo ntoya ya gisirikare izoruhira “kuboneka”.
Uno munyamabanga w’Inama y’Igihugu ijejwe Umutekano no Kwivuna abansi yavuze ibi mu kiganiro cihariye yagiranye na BBC.
Mu kwa gatanu, imbere y’uko iki gitero gitangura, yari yabwiye BBC ko amezi yari imbere yari agiye kuba “ay’amahirwe adasanzwe”.
Mu kugaruka kuri ano majambo, yavuze ati: "Mu kwa gatanu, buri munyagihugu wese wa Ukraine yashaka ko intambara irangira vuba.
"Hariho ivyizigiro, ariko ntivyagenze uko twari tuvyiteze.
"Kuba tumaze imyaka ibiri turwanira igihugu cacu ni intsinzi tumaze kuronka".
Ingabo za Ukraine zari ziteze kwisubiza uturere twigaruriwe n’Uburusiya mu gitero cabwo co mu kwa kabiri 2022, hamwe no kuzibira inzira Uburusiya bucishamwo uburyo bujanwa muri Crimée/Crimea.
Ariko kubera Uburusiya bwiganziye ikirere kandi bukaba bwarakomeje ibirindiro vyabwo vyo kwivuna, utwigoro twazo ntaco twashitseko mu gihe igihe c’ubukonje burenze urugero camaze gushika.
Danilov aremera ko bagize ivyizigiro birenze urugero.
Ati: "Rimwe na rimwe abantu barakora amakosa. Ntushobora kwama uri hejuru ya bose mu buzima bwawe bwose”.
Avuga ko ibintu “bimeze nabi cane “ ku rugamba, anavuga ko “ibitabo” vya kera vy’intambara – harimwo n’ivya OTAN/NATO – “bikwiye gusubizwa mu bubiko”.
Avuga ati: "Nta ntambara nk’iyo turimwo mu gihugu cacu yigeze ibaho – haba mu kinjana ca 20 canke mu ca 21”.
Ingendo y’uguta umwikomo kuri aba na bariya yaramaze kwiganzira ibiyago vy’abanyagihugu ku kungene incuti n’abahanuzi mvamakungu – canke ingabo za Ukraine - bafise amakosa ku vyabaye mu mezi aheze.
Danilov yaranse kugira ico avuze ku bijanye n’igihe hashobora kubera ibindi bitero vyo kurondera kubohoza ubutaka.
Ati: "Ndashobora kuvuga neza ko tutazohagarika. Tuzobandanya turwanira ubwigenge bwacu, intahe yacu y’ukwikukira."
Iciyumviro c’uko Ukraine yotsimbataza ibirindiro vyayo vyo kwivuna muri kino gihe c’ubukonje casubiye kugarukwako cane.
Bizwi ko Uburusiya buriko burugariza igisagara ca Avdiivka kandi ko buriko busatira kugira bwigarurire akarere ka Marinka kari hafi y’iki gisagara mu ntara ya Donetsk.
Amerika gutevya imfashanyo yayo ‘si umukenyuro’
Danilov afise icizere cinshi ko imfashanyo ya Amerika mu vyo kwivuna abansi ishobora kwemezwa, nubwo ishobora kutagera ku rugero Ukraine yipfuza.
Imfashanyo ifise agaciro k’imiriyaridi iri mu kaga k’amaporitike yo guterana amajambo hagati y’imigambwe mu gihugu, mu gihe umwanya uriko urarangira imbere y’uko inama nshingamateka na nkenguzamateka zija mu karuhuko ka Noweli.
Akarwi gatoya k’Abarepubulika mu nama nshingamateka na nkenguzamateka bafise amadidane ku bijanye no kurungika ayandi mahera.
"Bishitse tukaronka ingabire imbere ya Noweli, vyotunezera."

Ahavuye isanamu, Reuters
Yongerako ati: "Ariko bishitse igateba, ntvyari bikwiye kuvamwo akaga”.
Abajijwe nimba Ukraine yotsindwa muri ino ntambara ari nka hamwe Amerika yohagarika imfashanyo, yaranse kuvuga ko ibi bishoboka, kubera “ukuri kuri ku ruhande rwacu”.
"None Putin azoturimbura amakungu arorera? Azokwica abana bacu, abagore bacu, abatama bacu? None amakungu yose azoraba ibi ahumirije?
"Aho twoca twibaza ikibazo tuti, tuba kw’isi nyabaki’?”
Danilov arahakana ko hari icuka kibi hagati ya Perezida Volodymyr Zelensky n’umukuru w’igisirikare ca Ukraine Valeriy Zaluzhny.
"Si nemeza ko ibintu nk’ibi biriko biravugwa mu binyamakuru uno musi ari ivy’ukuri".











