Ukraine: Menya aba basirikare batarota bava ku rugamba intambara idaheze

Jimmy
    • Umwanditsi, Na Mark Urban
    • Igikorwa, BBC News, Ukraine

Akazi katagira iherezo, umuntu akaba afise imisi cumi gusa y’akaruhuko, impfu n’inkomere nyinshi – ku basirikare ba Ukraine muri inite (unite/Unit) imwe, ubuzima bwo ku rugamba ntibworoshe na gato, nk’uko ikiganiro ca BBC, Newsnight, cavyiboneye ubwaco.

Ahagaze hagati y’ibihomoka vy’inzu zabomaguritse, "Jimmy", umusirikare amaze imyaka mu kazi, aravuga ingene yarucitse: "Ndi umuntu afise amahirwe…nk’uko ndabibona, intambara irashobora gukunda abantu canke ikabanka”.

Abasirikare biwe bibaza ko kubona Jimmy akiri kumwe nabo, n’aho yagize ibikomere vyinshi, vyerekana ko ari umuntu afise imigisha.

Inite yiwe, Birigade ya 24 (24th Mechanised Brigade), ifise kahise karekare, kandi ni umwe mu mirwi igize igisirikare ca Ukraine kuva kera, urwana n’Uburusiya kuva mu 2014.

Ariko kuva iyi ntambara yaduka, muri Ruhuhuma (2) 2022, igisirikare cariyongereye incuro zirenga zitatu, igihugu cose carahagurutse cinjira mu gisirikare, kandi n’ino inite ya Jimmy yarahindutse ku buryo ata muntu yoba akiyimenya.

Muri Myandagaro (8) twamaze indwi zibiri turi kumwe n’iyi Birigade ya 24th, ubu ikorera muri Donbas, akarere kahoze karangwamwo amahinguriro menshi mu buseruko bwa Ukraine, ikaba igenzura akarere k’urwasiro hagati ya Bakhmut na Horlivka.

Hanyuma twagiye iwabo mu burengero bwa Ukraine aho iyi birigade yahora icumbitse imbere y’uko intambara itangura, ari naho benshi mu banyamuryango biwe bakiba.

Jimmy – igisirikare ca Ukraine kidusaba gukoresha amatazirano ku basirikare tukirinda gukoresha amazina nyayo - arongoye ikompanyi (mu bisanzwe abasirikare bababa 120), ikibanza yafashe kuva mu mwaka uheze. Umusirikare umwe yambwiye ko atamukomanda n’umwe muri 15 bose barongoye amakompanyi akiri hahandi, bose bakaba baradugijwe canke barapfuye.

Igihe intambara yari yegereje, iyi Birigade ya 24, yari ifise abasirikare barenga gato 2.000, ibatayo zitatu zigenda zikurakuranwa rimwe na rimwe ku rwasiro mu buseruko bwa Ukraine.

N’aho igisirikare ca Ukraine ari gake kivuga ibijanye n’ibitigiri, amasoko ambarira ko ubu iyi kompanyi yaduze ikagera ku 7.000, ikaba igizwe n’amabatayo atanu y’ingabo zirwanira hasi, zine zikoresha vya muzinga, imwe ikoresha ibimodoka vy’intambara hamwe n’ayandi atari make agizwe n’abasirikare batabara.

Igihe igihugu gihamagarirwa kwinjira mu gisirikare, iyi inite yakiriye ibihumbi vy’abakorerabushake hamwe n’abarikiri. "Yurii", umushoramitahe wo mu myaka ya 20 ava i Kyiv, ni umwe muri aba bashasha bafise impano.

N'aho Yurii ari umusirikare asanzwe, umusirikare umwe avuga ko ari nk'uko ari we abarongoye
Insiguro y'isanamu, N'aho Yurii ari umusirikare asanzwe, umusirikare umwe avuga ko ari nk'uko ari we abarongoye
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu ntango Yurii yahawe inkoho arungikwa ku rugamba, haciye amezi make, yarungitswe mu murwi mushasha, ikompanyi ikoresha amadrone yo muri birigade ya 24.

Yicaye ku meza mu kibuga gikiniramwo abana hafi y’urwasiro, yatweretse amadrone mashasha be n’ibiturika yikorera, ibi bikamufasha we n’abasirikare bari kumwe kuyerekeza ku mamodoka, inyubakwa canke imyobo Abarusiya baba binyegejemwo.

Yurii avuga ko mu ntango nyina wiwe atashaka ko yinjira mu gisirikare, ariko amaze gutangura kurungika amadrone mu myobo Abarusiya binyegejemwo, “ [nyina wiwe] yaciye yigarura”, aramwishimira.

Nk’uko amasezerano yabo y’akazi abivuga, abakorerabushake - bari kumwe n’abarikiri – ntibashobora kuva mu gisirikare kandi bategerezwa gukora gushika intambara iheze. Aho nyene, bafise imisi cumi yonyene y’akaruhuko mu mwaka.

Yurii ni umuntu adasanzwe muri ino birigade ya 24 kuko umushahara w’amadorari 3.195 y’Abanyamerika ahembwa ni muto cane ugereranije n’amafaranga yari kuronka mu buzima busanzwe.

N’ubwanwa bwinshi kandi aboneka nk’umuntu w’umunyamitahe, Yurii yambwiye ingene ikompanyi itegerezwa kugira ubwenge bwinshi gusumba Abarusiya kubera umwansi afise amadrone menshi cane.

Umusirikare umwe yambwiye ati: "N’ubwo Yurii ari mu basirikare basanzwe, mu bisanzwe ni we arongoye iyi inite. Iyi ntunganyo nshasha ni kimwe mu bitandukanya integuro z’igisirikare c’imbere ya 2022 n’igisirikare kiriko kirarwanya Abarusiya muri kino gihe.

Ikindi ni uko bashoboye kwiregangiza imyaka hamwe n’ibindi vyose vyari guhava bibangamira abakorerabushake imbere ya 2022. Twaganiriye n’umusereja afise iritazirano rya "Hryb" (bisigura ikizinu) yahawe gukoresha igikoho ca muzinga.

Ni umugabo akuze, w’imyaka 52 neza na neza, amaze imyaka irenga 30 mu gisirikare. Yomenya iki ku bijanye n’intambara na none?

Umuryango wa Hryb wararize awubwiye ko yafashe ingingo yo kuja ku rugamba
Insiguro y'isanamu, Umuryango wa Hryb wararize awubwiye ko yafashe ingingo yo kuja ku rugamba

Nk’uko biboneka, ibi bikoho bizwi kw’izina rya Akatsiya ni ivya kera cane ku buryo ari co kimwe n’ico Hryb yigeze gukoresha mu gihe yari mu gisirikare c’Abasoviyeti mu Budagi bw’Ubuseruko mu ntango z’imyaka ya 1990.

Ibi vya muzinga twiboneye bariko bararasa vyakozwe mu myaka 40 iheze, ababikoresha bakaba bavyita Babushka (Nyokuru mu Kirundi). Ni nde wundi yari kuba azi ibi bikoresho vya kera nka Sokuru Hryb?

Ntivyoroheye umuryango wiwe kwakira ingingo yiwe yo kuja kwitangira igihugu. Hryb asigura ati: "Bararize amosozi abaguma mu nda. Bavuga ko bari kundindira, ko bankunda”.

Inyuma y’amajambo yavuzwe mw’ikoraniro riheruka, ngo “igihe cose bizofata”, hari ibihumbi amajana n’amajana vy’imiryango y’abanya-Ukraine babandanya ubuzima mu ngorane, bari mu bwoba ariko bafise umwizero, mu gihe intambara irengeje amezi 18 ata cizere c’uko yoba iriko irarangira.

Mu kigo c’igororero i Lviv c’abasirikare bafise ibikomere vyahinduye ubuzima bwabo, navuganye na bamwe mu bakomeretse bukebuke ku ngorane bagira iyo babwiye abagore babo ko bashaka gusubira ku rugamba.

Umusirikare yakomeretse agbisha ko Ukraine itazi neza igitigiri c'abagiriye ingorane ku rugamba
Insiguro y'isanamu, Umusirikare yakomeretse agabisha ko Ukraine itazi neza igitigiri c'abagiriye ingorane ku rugamba

Pavlo, umwe mu bakomeretse, yambwiye ati: "Abahungu benshi, abo barokotse ariko bagatakaza ingingo imwe y’umubiri, batakaje kandi imiryango yabo”.

Araganira kandi n’umuryango wiwe kuri iki kibazo, akavuga n’umubabaro ati: “ [Umugore] yibaza ko nahejeje ico nategerezwa gukora”.

Uwundi mugabo yakomerekejwe n’igisasu gitegwa mu kuzimu mu gitero co kwikura umwansi kw’izosi giheruka, ambwira ko Abanya-Ukraine bataramenya igitigiri c’abantu bamaze kumererwa nabi gushika ubu.

Igitigiri c’abapfuye, abacitse ingingo, n’abafashwe mpiri gishobora kuba kandi kiriko kigira ingaruka kw’ishaka ry’abantu ryo kwinjira mu gisirikare. Iyinjizwa mu gisirikare ni ikindi kibazo Ukraine idashaka gutangira ibiharuro nyezina.

Ibikoho vyo mu bwoko bwa howitzer vyakoreshwa mu gisirikare c'Abasoviyeti mu myaka ya 1990
Insiguro y'isanamu, Ibikoho vyo mu bwoko bwa howitzer vyakoreshwa mu gisirikare c'Abasoviyeti mu myaka ya 1990

Hagati aho, mu bagabo twashoboye gufata amashusho bari mu myimenyerezo ahitwa Yavoriv hamwe n’uwundi murwi wari hafi y’urwasiro, benshi bari mu myaka ya 40, abandi bakeya nabo muri 50. Abasirikare batubwiye ingene hari uguhiganwa gukomeye hagati y’amabirigade atari make arwanira kwinjiza abakiri bato.

Muri Myandagaro kandi niho vyaboneka ko, inyuma yo kwirukana abasirikare bari bajejwe kwandika abinjira mu gisirikare, abagabo baharurwa mu bihumbi batanga ibiturire kugira bashobore gukwepa canke bagatorokeshwa hanze y’igihugu kugira ngo ntibinjire mu gisirikare.

Bamwe muri aba biyandikisha ku gushaka kugira baje ku rugamba, benshi muri bo ni abatakaje ubuzi bwabo biturutse ku bibazo vy’ubutunzi vyandurutse kuri iyi ntambara, bagakwegwakwegwa n’umushahara wisununuye baronka iyo bari ku rugamba.

Nayo ku bijanye no kwiganzura Uburusiya muri iri ci, kugira ngo bisubize ubutaka bwigaruriwe n’Uburusiya, ivyari vyitezwe vy’uko ingabo za Ukraine zari gushobora gushikako vyari vyinshi kumbure muri Pentagon (ibiro vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) gusumba uko aba basirikare bo muri Birigade ya 24 babibona.

Jimmy yatubwiye ati: "Ikiriho gusa ni uko intsinzi yoroshe atayiriho. Turiko turitegurira intambara y’igihe kirekire”.

Iyindi ntwazangabo yo muri ino birigade, umukomanda w’umwe mu mabatayo yayo, yayigereranije n’intambara yo muri Vietnam, ibi bigasigura ko ishobora kumara imyaka myinshi.

Hanyuma uko intambara ibandanya, niko n’ivyononekara bibandanya vyiyongera. Abapfira ku rugamba ni ikibazo gikomeye cane rwose muri Ukraine, kuko gutangaza ibitigiri ari ikintu giteye kubiri n’amategeko.

Ariko Pentagon iherutse kugereranya ko Abanya-Ukraine 70.000 bamaze kwicwa muri ino ntambara, abenshi muri bo bakaba bari mu gisirikare.

Mu mwihwezo wacu ku makuru acishwa ku mbuga hwaniro no mu makuru yo mu bubiko, ibiharuro ngereranyo vyacu vyo kwitondera bishobora kuba vyerekana ko iyi Birigade ya 24 imaze gutakaza abashika 400 bose hamwe.

Abababa 120 muri aba bapfuye mu ntambara zatanguye kuva mu 2014 gushika mu ntango za 2022, abandi nabo basigaye bakaba bapfuye kuva Uburusiya butanguye iki gitero.

Abaharurwa muri mirongo, canke mbere no mu majana barafashwe mpiri, iki kikaba ari ikindi kibazo kitoroshe ku bategetsi, kubera urugero rwo guhanahana impfungwa rwabaye ruto gushika ubu.

Umugore w’umwe mu mpfungwa y’intambara yatubwiye ko abasirikare 22 bonyene bo muri Birigade ya 24 ari bo bamaze kugaruka gushika ubu kandi ko n’ibisata vya reta amaze kwandikira vyamuhaye ubutumwa bumwe: “Ni ukurindira”.

Ugutahukana impfungwa z’intambara ni kimwe mu bibazo vyinshi bizoganirwako mu gihe inkoho zizoba zimaze kunuma. Ariko uburakari bw’abanyagihugu bashavuriye Uburusiya ku vyo buriko burabakorera bituma batakaza abantu n’ibintu, gutuma bigorana ko abanyaporitike ba Ukraine bemera guhagarika intambara canke gutera igikumu ku masezerano y’amahoro babona asa n’ayadatomoye.

Mw’itongo ry’abapfuye riri ku nkengera za Lviv, twajanye na Natalia Nezhura igihe yari agiye gushira amashurwe ku mva ya musazawe Andrii. Asigura ati: "Ntaco ntakoze kugira ndamubuze kuja ku rugamba”.

Natalia aca arira iyo yibutse ingene yagerageje kwumvisha musazawe ko atoja mu gisirikare ariko bikanka
Insiguro y'isanamu, Natalia aca arira iyo yibutse ingene yagerageje kwumvisha musazawe ko atoja mu gisirikare ariko bikanka

Yaciye aturikisha ararira igihe yambwira ukungene yumva ababaye kubona atashoboye kubishikako.

Yari yanyegeje impapuro zo kwinjira mu gisirikare za Andrii, hanyuma, amaze kubona ko ibi vyanse, yakoresheje ikimenyane kugira ngo apfume amuronderera akazi ko kwigisha inkoho ku kibuga c’imyimenyerezo ca Yavoriv, "ariko impera n’imperuka, abahungu hafi bose bahavuye barungikwa ku rugamba”.

Andrii yishwe mu ntango z’uno mwaka, igihe ingabo zimwe zo muri Birigade ya 24 zarungikwa kurwanira muri Bakhmut.

Ikiganiro cacu cabereye hagati y’amabendera ahungabana y’ingabo nyinshi ziri muri iri tongo ry’abapfuye rya gisirikare i Lviv, aho twaharuye imva zirenga 2.000.

Abiyumvira ko izi mpfu n’umubabaro bishobora gutera inyota y’amahoro bashobora kwisanga bariko bararota ku murango.

Ndamubajije ingene iyi ntambara ikwiye kurangira, Natalia yanyishuye ati: "Nshaka kubona Abarusiya bose bapfuye, ndabanka n’umutima wanje wose.

“Wovuga gute ivy’amahoro mu gihe batwiciye abantu benshi”?

Mu myaka itari mike, igisirikare ca kera carashoboye guhagararira igihe c’agahengwe katoroshe n’imishamirano yagiye yaduka hagati yaco n’Abarusiya.

Ariko ubu bose bumva ko iyi ntambara ibaraba, kandi ivyiyumviro twabonye mu basirikare n’imiryango ya Birigade ya 24 birerekana ingene igihugu cose muri rusangi kimeze magabo kandi ko intsinzi itagabanije ari co conyene abanya-Ukraine bashaka.