Intambara yo muri Ukraine: ‘Akabi k’Uburusiya ntawokizera’, niko Zelensky abwira ONU

Volodymyr Zelensky asaba amakungu kugira urunani kugira ahagarike igitero c’Uburusiya ku gihugu ciwe

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Volodymyr Zelensky asaba amakungu kugira urunani kugira ahagarike igitero c’Uburusiya ku gihugu ciwe
    • Umwanditsi, Na James Landale i New York & Jaroslav Lukiv i Londres
    • Igikorwa, BBC News

"Akabi ntawokizera," niko umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky yabwiye inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, anasaba amakungu kugira urunani kugira ahagarike igitero c’Uburusiya ku gihugu ciwe.

Mw’ijambo ry’ibigumbagumba i New York, Perezida Zelensky yavuze ko ari ngombwa ko Uburusiya, igihugu gitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, buhagarikwa “mu gikorwa cabwo co gukwegakwegera isi mu ntambara ya nyuma”.

Yagirije kandi Moscou gukoresha ibintu vyose nk’ikirwanisho, kuva ku mfungurwa gushika ku masoko ntanganguvu.

Igitero c’Uburusiya ciyamirijwe n’ibihugu bitari bike.

Mw’ijambo ryibanze ahanini ku kaga gatewe n’Uburusiya kw’isi yose, avuga ko izindi ngorane rusangi, nk’ihindagurika ry’ikirere, zishobora gutorerwa umuti neza mu gihe Moscou izoba yarasubijwe inyuma.

"Mu gihe Uburusiya buriko bukwegera isi mu ntambara ya nyuma, Ukraine iriko ikora ibishoboka vyose kugira ngo inyuma y’igitero c’Uburusiya ntihazogire ikindi gihugu ico ari co cose kizokwubahuka gutera ikindi”, niko Perezida Zelensky yabwiye abategetsi bari bitavye ino nama ngarukamwaka ya ONU.

Avuga kandi ko mu bisanzwe Uburusiya “budafise uburenganzira bwo gutunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara”.

"Gufata ibintu vyose ukabigira ikirwanisho bitegerezwa guhagarikwa, ivyaha vyo mu ntambara bitegerezwa guhanwa, abantu bakuwe mu gihugu ku nguvu bategerezwa gutahukanwa, kandi uwateye igihugu ategerezwa gusubira iwe.

"Dutegerezwa kugira urunani kugira tubishikeko, kandi tuzobikora”, niko Zelensky avuga.

Yagirije kandi Moscou gukora “ihonyabwoko” mu kunyuruza abana ba Ukraine.

Muri Ntwarante (3), Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) yasohoye umutahe wo guhagarika Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ku vyaha yagirizwa vyo kunyaga abana ba Ukraine akabatwara mu Burusiya.

Moscou yamye ihakana ivyo yagirizwa na Ukraine – ariko abahinga batari bake n’amashirahamwe mpuzamakungu arashira ahabona ivyemezo bibandanya vyiyongera vyerekana ko Uburusiya bwakoze ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine.

Umukuru w’igihugu ca Ukraine abandanya agabisha ku “masezerano yo mu rufuri” mu kugerageza kurangiza intambara - intambara nini ku mugabane w’Ubulayi kuva ku ntambara ya kabiri y’isi yose – habanje kuba ukwiyemeza ibintu bitabereye.

Ariko ikintu nyamukuru kwabaye ukugabisha amakungu ko ingaruka z’iyi ntambara zizoba kuri buri wese.

Avuga ko intumbero y’Uburusiya kwari ugufata Ukraine akayihindura “ikirwanisho co kubarwanya, co kurwanya amategeko mpuzamakungu”.

Inzira y’amahoro yari amaze amezi aririmba, nk’uko abivuga, nta kamaro igirira haba kuri Ukraine canke no kw’isi yose.

Rero ubutumwa bwari butomoye kandi bwerekeye cane cane ibihugu - vyinshi muri vyo bihurikiye mu citwa “igice c’Ubumanuko bw’isi” (Sud global/Global South) harimwo Brezili n’Ubuhindi - gushika ubu vyari bikiri ntahompagaze.

Perezida Zelensky yagiriza Uburusiya gukoresha ibintu vyose nk’ikirwanisho, kuva ku mfungurwa gushika ku masoko ntanganguvu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Perezida Zelensky yagiriza Uburusiya gukoresha ibintu vyose nk’ikirwanisho, kuva ku mfungurwa gushika ku masoko ntanganguvu
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibihugu bitari bike mbere vyaratsimbataje imigenderanire na Kremlin mu vyo ubutunzi.

Ibihugu vy’uburengero bimaze igihe vyita ku rutare vyihetse kuri ONU mu kugerageza gutorera umuti ibibazo vy’ibi bihugu mu bijanye n’iterambere hamwe n’ihindagurika ry’ikirere.

Imbere y’uko ashikiriza ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu ca Ukraine yishimiye ijambo rya Joe Biden, aho uno mugenziwe wa Amerika yagabishije ko hashobora kuba ingaruka mbi zikomeye mu gihe igitero c’Uburusiya kitohagarikwa.

Biden ati: "Uburusiya bwibaza ko amakungu azoteba akaruha maze akareka Ukraine igakubagurwa ata nkurikizi. Ari nka hamwe tworeka Ukraine igasamburwa, ubwo hoba hari igihugu ico ari co cose coba cizigiye ko gifise ubwigenge?”

Hagati aho, umukuru w’igihugu ca Irani Ebrahim Raisi – igihugu gifashisha Uburusiya indege z’intambara zitagira abadereva (drone) kandi Moscou ifata nk’incuti y’amagara – yagirije Washington gusongera isibe mu ntambara yo muri Ukraine.

"Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirakokeza indyane muri Ukraine mu ntumbero yo gucuvya ibihugu vya Bulaya. Iyi ni integuro y’igihe kirekire, kandi birababaje”, niko yabwiye abari mw'ikoraniro i New York.