Intambara yo muri Ukraine: ubwo hoba hari intambwe mu gitero co kwivuna Uburusiya?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Frank Gardner
- Igikorwa, BBC Verify
Intwazangabo nkuru z’igisirikare ca Ukraine zivuga ko zameneye mu birindiro vya mbere vy’Uburusiya mu bumanuko.
Twaragize umwihwezo kugira turabe koko intambwe ingabo za Ukraine zoba zimaze gutera, hamwe n’ibimenyetso vy’uko hoba hari aho zimaze kumenera ku rubuga rw’intambara.

Ukraine yatanguye igitero gikomeye co kwivuna mu ntango z’ukwa gatandatu mu ntumbero yo kwirukana ingabo z’Uburusiya mu turere zigaruriye. Yatanguriye ibitero mu bice bitatu ku rwasiro rw’ibirometero 965.
Akarere ko mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Zaporizhzhia gushika ubu niko kirumara gusumba.
Mu gihe vyobagendera neza, igitero amaja mu kiyaga Azov gishobora gukata amayira Uburusiya bukoresha mu gushikana uburyo ku rubuga rw’intambara, amayira afatanya igisagara ca Rostov-on-Don mu Burusiya na Crimée/Crimea muri Ukraine.
Nta ntambwe nini iraterwa kuri uru ruhande, kiretse akarere ko mu micungararo y’ibigwati vya Robotyne na Verbove mu ntara ya Zaporizhzhia, nk’uko vyerekanwa muri iyo karata yo hejuru.
Mu gihe Ukraine yoramuka iciye iyi nzira nkuru icishwamwo uburyo, Uburusiya buzokwisanga bidashoboka ko bugumana ibirindiro vyabwo binini cane muri Crimea bwigaruriye mu 2014.
N’aho hari inzitizi zikomeye, ubu biremezwa neza ko ingabo za Ukraine zashoboye kumenera mu birindiro vy’Uburusiya ku rwasiro rwo mu bumanuko.
Twashoboye guhinyuza amareresi icenda yahanahanywe ku mbuga hwaniro yo ku rwasiro rwo hafi ya Verbove.

Ane muri aya mavidewo yerekana ingabo za Ukraine ziriko ziratobora ibirindiro vy’Uburusiya mu buraruko bwa Verbove.
Hagati aho, aya yerekana ingene ziriko zirinjira, si ayerekana ko Ukraine yashoboye kwigarurira aka karere.
Gushika ubu, igisirikare kirwanira ku butaka ni co gitera intambwe, nta vya bimodoka vy’ntambara tubona biriko birinjira bica mu myanya isigwa n’ingabo z’Uburusiya kugira ngo bigumye ubutaka bwigaruriwe.
Ni igiki kibuza Ukraine gusatira ku muvuduko munini?
Haraciye igihe kinini Moscou yamenye ko iki gitero cariko kirategurwa kandi yamaze amezi atari make yubaka ibirindiro vya mbere bikomeye kw’isi vyo guhangana n’umwansi mu buryo budasanzwe.
Uku niko biboneka ubirabiye mu kirere: imirongo y’imitego igenda yinjiranamwo, imigende, imyobo n’uturere twuzuye amamine, igice kimwe kimwe cose gikikujwe na vya muzinga.

Uturere tunini twuzuye amamine twaradindije isatira rya Ukraine.
Utu turere turamananye cane hamwe hamwe mbere ugasangamwo amamine atanu atezwe ku metero kwadarato.
Igitero ca mbere ca Ukraine co mu kwa gatandatu carondera gutobora, carangiye nabi mu mwanya urume rumara, ibimodoka vy’intambara vya none vyatanzwe n’uburengero vyononekaye kandi vyaturiwe. Eka n’ingabo za Ukraine zirwanira ku butaka vyagenze uko nyene, zaguye mu kantu kandi nyinshi zikaba zarahatikiriye.
Kuva ico gihe, ingabo za Kyiv zagenda n’amaguru zaciye zitangura igikorwa co gutegura ayo ma mine, akenshi mw’ijoro kandi rimwe na rimwe ziraswa. Ibi bigasigura igituma intambwe igenda bukebuke gushika ubu.
Ibimodoka vy’intambara (chars) vya Ukraine bihanzwe n’amamine, amadrone (indege zitagira abadereva) n’amamisire vy’Uburusiya – nk’uko biri muri ino videwo yihwejwe n’igisagata ca BBC kijejwe guhinyuza (BBC Verify) yerekana ikimodoka c’intambara co mu bwoko bwa Challenger 2, kiriko kirasha hafi ya Robotyne.
Ibi bizoshobora kwinjira ari vyinshi mu gihe hazoba hamaze kuboneka inzira yagutse muri ubu burere bwuzuye amamine kandi na vya muzinga vy’Uburusiya vyaneshejwe.
Ni igiki kizokurikira muri iki gitero ca Ukraine co kwikura umwansi?
Dr Marina Miron wo kw’ishure kaminuza King's College ry’i Londres mu gisata c’inyigisho zijanye n’intambara, avuga ati: "Ikibazo Abanya-Ukraine bafise ubu, ni ukuronka inzira yagutse bikwiye kugira ngo ingabo nyinshi zishobore kwinjira”.
Hagati aho, Uburusiya bubandanya butsimbataza ibirindiro, kandi uru rugamba rurakomeye, rugenda ruhinduka, kandi Uburusiya bushobora kwaka Ukraine ivyo imaze gushikako.
Dukoresheje ubuhinga bwa none, twashoboye kubona neza videwo yafashwe na drone y’Uburusiya ishimangira amakuru avuga ko ingabo zabwo zidasanzwe zirwanira mu kirere, zizwi nka VDV, zarungitswe hafi y’igisagara ca Verbove, mu ntumbero yo kuzibira ibihengeri ivyo ari vyo vyose vyoterwa n’igitero ca Ukraine.
Kateryna Stepanenko, umuhinga w’Umurusiyakazi wo mu kigo c’abahinga, RUSI, gifise icicaro i Londres, avuga ati: "Ingabo za Ukraine zibandanya guhangana n’ingabo z’Uburusiya ku rubuga rw’intambara.
"Hampande ya vya muzinga, ibitero vy’amadrone n’ibirindiro vy’Uburusiya vyo kwivuna umwansi – ingabo z’Uburusiya kandi zirakoresha cane ubuhinga bw’intambara ya elektroniki mu kuzibira ubuhinga bw’itumatumanako rya Ukraine n’ikoreshwa ry’amadrone".
Ukraine iramaze gutera intambwe gushika nko kuri 10% irenga gato amaja ku rubibe, ariko ukuri kuri ku rubuga kuratandukanye cane n’ibi.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ingabo z’Uburusiya zirarushe kandi zishobora kuba zaracitse intege inyuma y’ibitero vy’urutavanako bimaze amezi atatu, harimwo n’ibitero bikorwa n’ibisasu biraswa kure mu gutera amayira azishikanira uburyo.
Mu gihe Ukraine yoshobora kumenera mu birindiro bisigaye igashika mu gisagara ca Tokmak, aha yoba igiye gushikira neza inzira n’amabarabara y’indarayi Uburusiya bukoresha mu gushikana uburyo muri Crimée. Mu gihe ingabo za Ukraine zoramuka zishitse kuyi iyo ntambwe, aha niho boca bavuga ko igitero co kwivuna umwansi cagenze neza bukebuke.
Ntivyotuma ino ntambara irangira, kuko biboneka ko ishobora no kuzobandanya gushika mu 2024 mbere no kurenga aho kumbure – ariko vyohungabanya bikomeye inguvu za Moscou, bikanashira Ukraine ku rugero rukomeye igihe ibiganiro vy’amahoro bizoba bitanguye.
Ariko kuri Kyiv, umwanya uriko uragenda. Igihe c’imvura kirimirije mu misi iri imbere, ibizotuma amabarabara acika urwondo bikazobangamira ibindi bitero vyo gusatira.
Hejuru y’ivyo hiyongerako igipfungu kiri mu matora ya Amerika, aho intsinzi y’Abarepubulikani ishobora gutuma imfashanyo Amerika iha Ukraine igabanuka cane.
Perezida Putin arazi ko akeneye kwihagararako gushika ico gihe. Abanya-Ukraine barazi ko ari ngombwa ko bashika ku ntsinzi muri iki gitero co kwikura umwansi kw’izosi.











