Ukraine- Russia: Uburengero burarushe n’intambara, Zelensky ariko arurwana gute?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na James Waterhouse
- Igikorwa, Umunyamakuru i Kyiv
Ubucuti bushobora kuba ari bwiza, bagahana ibiganza neza, ariko vyabaye ngombwa ko Perezida Volodymyr Zelensky akora n’akuya kakabira mu rugendo rwiwe muri Amerika na Canada.
Muri Canada niho vyamworoheye. Umushikiranganji wa mbere Justin Trudeau yaremeye gufasha Ukraine "igihe cose bizofata" mu guhangana n’igitero c’Uburusiya, kandi ng’aha imigambwe yose imufashe mu mugongo muri iki gikorwa kitoroshe.
Amerika irafise amafaranga menshi, ariko poritike yayo iragoye cane.
Perezida Zelensky yaremerewe na Maison Blanche/White House iyindi mfashanyo y’imiriyoni 325 z’amadorari y’Abanyamerika, ariko ntizari za miriyaridi 24 yari yizeye.
Iki ciyumviro kiracazirikiwe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka (Congress) biturutse ku mpari ku mafaranga azokoreshwa.
Ingorane ntizigarukira ng’aho.
Hampande y’imibonano na mugenziwe Joe Biden, Zelenksy yabonanye n’abategetsi bo mu mugambwe w’Abarepubulika basanzwe bahanganye n’ikibazo c’impungenge mu mugambwe wabo zibandanya ziyongera.
"Turiko turarwanira ubwigenge bw’isi yose, vyari ngombwa ko Abarepubulika batahura ibi”, niko umuhanuzi muri reta ya Kyiv ambwira.
Ati: "Vyari bigoye igihe intambara itangura, kubera kari akajagari.
"Ubu turashobora kwerekana neza ivyo dusaba, kuko turazi ivyo incuti zacu batunze n’aho babibika. Umukuru w’igihugu cacu arashobora kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi mu bihugu bitari bike!"
Ariko ku gihamana kibi kuri Kyiv, siko bimeze, kandi n’inzitizi za poritike zigenda zongerekana.
"Kubera iki Ukraine yobandanya ihabwa amafaranga? Intsinzi isa gute?"
Ibi ni vyo bibazo umukuru w’igihugu agerageza kubandanya yishura ku rubuga mpuzamakungu.
Kandi iki nico gituma ubu asa n’uwuri mu biganiro cane gusumba uko yobandanya ahimiriza – kugira ngo abandanya aronka imfashanyo y’Uburengero.
Ibi vyose mu ndwi y’aho Kyiv icanamwo n’umwe mu ncuti zayo pfa mpfe, Pologne, biturutse ku kutumvikana ku bijanye n’ishorwa ry’inteze za Ukraine.
Perezida Zelensky asa n’uwagirije Pologne ko “ishigikiye Uburusiya” mu kwanka kugura intete za Ukraine.
Reka tuvuge ko iki cakiriwe nabi cane muri Pologne, aho Perezida Andrzej Duda yavuze ko Ukraine ari "nk’umuntu ariko arasoma nturi ashobora kugukwegerayo mukagenda mwese”.
Gusa kuva ico gihe icuka cagiye kibaganuka.
N’ubwo yoba ari umutegetsi amenyereye intambara, ibi ni ibihe bigoye mu bijanye n’imigenderanire.
Amatora yimirije mu bihugu vy’incuti nka Pologne, Slovakia, na Amerika ariko aronona ibintu. Bamwe mu biyamamaza bashira imbere guhangana n’ibibazo biri mu bihugu vyabo hakubandanya baha Ukraine imfashanyo za gisirikare.
"Kubandanya utanga imfashanyo za gisirikare aho nyene ukongera ugashimisha abagutoye ni ibintu bigoye”, niko Serhiy Gerasymchuk wo mw’ishirahamwe Ukrainian Prism ry’abahinga mu bijanye n’imigenderanire, avuga.
Ati: "Ukraine itegerezwa kwiga ikibazo co gukingira inyungu zayo ikoresheje uburyo bwose bushoboka, ariko kandi ifatiye ku kungene ibintu bimeze mu bihugu vy’incuti no mu Bumwe bwa Bulaya. Ni ikibazo”.
Ibi ni vyo bibazo bijanye na za demokarasi ariko bidatesheje umutwe Perezida w’Uburusiya.
Ni co gituma Kyiv ibandanya yerekana ko iyi ntambara atari intambara yo guharanira ubusugire bw’igihugu ciwe gusa, ahubwo ko ati intambara yo kurwanira demokarasi yo nyene ubwayo.
Inyuma y’isenyuka ry’icahoze ari Ubukmwe bw’Abasoviyeti, Ukraine, Uburusiya, Amerika n’Ubwongereza vyarateye igikumu ku masezerano ya Budapest (Budapest Memorandum) yo mu 1994.
Ukraine yeguriye Uburusiya ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara yari itunze mu gihe c’Abasoviyeti, hanyuma nayo yemererwa ko ubusugire bwayo butegerezwa kwubahirizwa kandi bugakingirwa n’ibihugu vyayateyeko igikumu.
Imyaka icenda Uburusiya bumaze buteye iki gihugu iriko ituma aya masezerano aboneka ko ataco yamaze.
Kyiv iriko kandi igerageza guhendahenda ibihugu nka Brezili na Afrika y’Epfo, vyigize sindabibazwa ku gitero c’Uburusiya.
Ibi nta kintu kinini kiboneka birashikako.
"Akari ukuri ni uko tugendera ku ntambwe dutera ku rubuga rw’intambara”, niko umuhanuzi wa reta ya Ukraine avuga.
Abona ko ibimenyeshamakuru vyitayeho kwerekana ko igitero co kwivuna ca Ukraine ata kintu kinini gishikako mu kwibanda cane cane ku bibera ku rubuga rw’intambara, aho intambwe zmaze gushikwako ari nto cane, ariko bikiyibagiza intambwe zikomeye zashitsweko mu bitero vya misire kuri Crimée/Crimea n’ivyo ku mato y’intambara y’Uburusiya.










