Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda – Jenoside: Mu rubanza rwa Twahirwa na Basabose humvirijwe impuguke
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli
Ku munsi ugira icenda w'urubanza rw'abagabo babiri Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa jenoside yo mu Rwanda mu 1994, urubanza rubera i Buruseli mu Bubiligi, sentare yashatse kumenya niba harabaye umugambi utegura jenoside.
Ica yifashisha abahinga (impuguke) ku vyabaye mu Rwanda (témoins de contexte), bose baturuka ku mugabane wa Bulaya, bemeje ko abaregwa bagarutsweko kenshi mu matohoza menshi yakozwe.
Uwa mbere yumvirijwe ku wa gatanu, ni umumenyeshamakuru n'umwanditsi w'Umufaransa, Jean-François Dupaquier.
Abicishije mu nyandiko zasomwe na sentare kuko atashimye kwitaba sentare ku mvo ze bwite, Dupaquier yavuze ko imbere ya jenoside yo mu 1994, umutwe w’Interahamwe wagize uruhare rukomeye mu kwica ndetse no guturira Abatutsi bari batuye mu Bugesera.
Ngo nyuma yaho umugambi wa jenoside wari umaze igihe utegurwa, washizwe mu ngiro mu kwezi kwa Ndamukiza (4) mu 1994 inyuma y'ikororwa ry'indege ya Perezida Juvénal Habyarimana.
Dupaquier yemeje ko mu 1964 Perezida Kayibanda yavuga ko hategerezwa kubaho iherezo ry'Abatutsi, akemeza ko ivyo bibitswe neza mu nyandiko z'ububiko bw'ibitabo z'umuryango w'abapatiri bera (pères blancs) b'i Burundi.
Hakurikiye André Guichaoua, umuhinga mu vy'imibano w'Umufaransa, akora amatohoza ku Rwanda kuva mu 1974 gushika uno munsi.
Yaba mu Rwanda mu 1994 igihe ca jenoside. Yumvirijwe hakoreshejwe ubuhinga bw'amashusho ya kure (vidéo conférence), yemeje ko mu vyo yatohoje bose bahuriza kuri Twahirwa ku kuba yari ari mu bica Abatutsi.
Yabandanije avuga ko ivyo yegeranije harimo ivyagiye bivugwa n’abatanze ubuhamya mu rukiko rw’Arusha.
Ubwo buhamya avuga ko bugaruka ku ruhare rwa Twahirwa mu bikorwa vy’Interahamwe, haba i Karambo aho yari atuye, ndetse no mu bindi bice.
Muri ivyo bikorwa, harimo imyimenyerezo hamwe n’ibirwanisho vyahawe Interahamwe, ibikorwa vyo kugaba ibitero ku ngo z’Abatutsi, gushiraho za bariyeri n’ibindi.
Guichaoua avuga ko mu gihe c’imigambwe myinshi (mu myaka ya 1990) ari naco gihe umutwe w’Interahamwe watanguye kugenda ushaka urwaruka rwiganjemo Abahutu, ivyo bikurikirwa no guhabwa imyimenyerezo hamwe n’ibirwanisho.
Guichaoua avuga ko bimwe mu bikorwa vy’Interahamwe vyakorerwa mu mazu yari yarubatswe na Félicien Kabuga.
Uyu muhinga avuga kandi ko Perezida Habyarimana, mu ntango yari yaranse ko Interahamwe ziba kimwe mu bice bigize umugambwe wa MRND, kugira ibikorwa bibi zikora ntivyitiriwe MRND, bimuta ku w'amazi kubera zimwe mu ntagondwa z'Abahutu.
Nyuma yo gutanga ubuhamya, Guichaoua abajijwe niba hari ico azi kuri dosiye ya Pierre Basabose, avuga ko nta vyinshi amuziko, ivyo azi kuri Twahirwa navyo, vyinshi ngo yagiye avyumvira mu manza zirimo nk’urwa Ephrem Nkezabera.
Kubera ubwinshi bw'abatangabuhamya, sentare yaciye yungururiza imburano ku munsi wa mbere kugira impande zose zironke umwanya wo gutegura imburano n'ukwegeranya abatangabuhamya.