Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda - jenoside: Mu masura harimwo abapfuye, abagirizwa baravyiyamiriza
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC News - Brussels
Ejo ku wa kane, urubanza rwa Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose bagirizwa ivyaha vyo muri jenoside yo mu Rwanda yo mu 1994 rwarabandanije i Buruseri mu Bubiligi. Isura (umutangabuhamya) ya mbere - umugabo w'imyaka 61 yavuye mu Rwanda, yemeza ko ari umuhutu- yavuze ko yahoze ari umucuruzi yari afise ibutike irimwo akabare mu myaka ya 1990 imbere ya jenocide mu gace ka Gatenga muri segiteri Gikondo ahaba Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose.
Uno mugabo yemeje ko, kubera yari yaranse kwinjira muri MRND, umugambwe wari ku butegetsi ico gihe, vyatumye atotezwa mu rudandazwa rwiwe.
Yavuze ko abamutoteza bari Interahamwe zari zirongowe na Twahirwa Séraphin, zimwagiriza ko akorana na FPR-Inkotanyi, akemeza ko Twahirwa yari mu bica bagakiza muri Gikondo, aho yari afise ibirwanisho n'Interahamwe zimugendanira.
Avuga ko yanywa ntarihe ari kumwe n'Interahamwe, akica uwashaka amuziza ubwoko canke ivyiyumviro. Avuga ko we nyene ubwiwe yatewe grenade n'Interahamwe aho yadandariza Imana igakinga. Yemeza ko yatotejwe aromoka kandi ko yiboneye izo nterahamwe zirongowe na Twahirwa zica Abatutsi.
Ino sura yemeza ko ababa muri segiteri ya Gikondo bari bazi ko uwuha uburyo izo nterahamwe kugira zice Abatutsi n'abatavuga rumwe na MRND yari Pierre Basabose yari azwi nk'umurwizatunga akomeye.
Ariko Twahirwa bamubajije ibi birego, yavuze ko uretse y’uko atazi ino sura mbere n'aho yakorera atahazi kandi ko hatanabayeho, ari isura y'ikinyoma.
Hakurikiye ibirego vya Euphrem Nkezabera biri mu nyandiko yasomwe na Sentare kuko nyenevyo yitavye Imana mu 2010 mu gihugu c'Ububiligi, uyu akaba yafatwa nk’umwe mu bari barongoye Interahamwe kandi yavyiyemerera.
Yasize avuze ko Twahirwa ari mu bo yari azi neza mu Nterahamwe bafashanya kwica Abatutsi, kandi ko bakorana ari benshi.
Ababuranira abaregwa bo bavuga ko ibirego vy’uwapfuye vyoteshwa agaciro.
Uwundi yumvirijwe mu nyandiko ni François Xavier Nsanzuwera yahoze ari umushikirizamanza kizigenza wa Republika mu cahoze ari préfecture ya Kigali atitavye ku mvo z'amagara, nawe nyene akaba yashimangiye ko abo bagabo babiri bakoze ivyaha.
Kubera ubwinshi bw'amasura, cane cane abava mu Rwanda - barenga 30 - umwanya na wo ari muto, sentare yasavye umushikirizamanza gusaba igisata c'abinjira n'abasohoka mu Bubiligi ko impusha zabo zo kwinjira mu Bubiligi (visa) zongerezwa ikiringo kugira bumvirizwe gushika mu ndwi iza.
Bikaba bitegekanijwe ko ivyabona bizobandanya vyumvirizwa, co kimwe n'umurwi wasuzumye Pierre Basabose, kugira sentare ifate ingingo ko yorenguka canke yoserukirwa n'abamwunganira.
Abagirizwa bariyamiriza icegeranyo c’ivyavuye mu matohoza
Hagati aho, mu rubanza rwo ku wa gatatu, sentare yabanje guha ijambo abahagarariye impande zihanganye muri uru rubanza kugira ngo bagire ico bavuze ku cegeranyo c'umurwi w'abatohoza, aho uruhande rw'umushikirizamanza mukuru n'abaserukira abarondera indishi y’akababaro bashimye ayo matohoza ariko abaserukira abaregwa bakayamirira kure.
Vincent Lurquin yunganira Séraphin Twahirwa yavuze ko amatohoza yakozwe mu buryo buteye kubiri n'ingingo ya 6 y'amasezerano y'Abanyabulaya y'agateka ka zina muntu (Convention Européenne des Droits de l'Homme ), na rirya abaregwa bose baba ku mugabane wa Bulaya.
Ayo masezerano avuga ko ibihugu vya Bulaya mu matohoza impande zose zubahirizwa harimwo n'abaregwa, ivyo ngo bikaba bitakozwe mu matohoza kuri uru rubanza kuko baba abaregwa canke n'ababunganira batahawe ijambo. Aha umushingwamanza Lurquin yaciye asaba sentare gutesha agaciro ico cegeranyo.
Ivyo babihuriyeko na Jean Flamme yunganira Pierre Basabose, aho yongeyeko ko Sentare yokorera ku cegeranyo co mw'ibanga ca Hooligan, umunya Australia yahoze ari umushikirizamanza yakorera sentare mpanavyaha yashiriweho Urwanda (TPIR).
Avuga ko ico cegeranyo yarungikiwe iyo sentare cerekana uruhara rwa FPR mu bwicanyi bwo 1994.
Inyuma y’aha, sentare yaciye itangura kwumviriza amasura y'abarondera indishi, aho hatanguye kwumvirizwa inyandiko y’ibirego vy'isura yapfuye mu 2016, bikaba vyasomwe n'umukuru wa Sentare Elisabeth de Saedeleer.
Muri iyi nyandiko, iyi sura yapfungiwe jenocide kuva 1996 yemeje ko Basabose na Twahirwa babakoresheje mu kwica Abatutsi muri segiteri ya Gikondo mu kubaha ibirwanisho, inyigisho n'uburyo bwo kwivuna umusase bariko barica.
Humvirijwe n'ayandi masura 3 y'abarokotse. Abagabo babiri n'umugabo umwe bafise imyaka iri hagati ya 37 na 67, harimwo uwavuye mu Rwanda, bose bemeje ko Twahirwa na Basabose bakoze ivyaha. Uwo mugore w'imyaka 50 yemeje icaha co gufata ku nguvu cagirizwa Twahirwa.
Nk'uko vyagenze kuva mu ntango urubanza rwabaye umwe mu bagirizwa Pierre Basabose atahari kumvo z'indwara.
Bitegekanijwe ko amasura aza kubandanya yumvirizwa kuri uno musi wa gatanu.