Michelle Obama yashikirije ijambo rikomeye ku gukorora imbanyi mu gihe Trump ariko yiyegereza aba Islam

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, Kalamazoo, Michigan
Igihe yaboneka ubwa mbere ari mu myiyamamazo ari kumwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Kamala Harris, umugore w'uwahoze ari prezida wa Amerika, Michelle Obama yateye akamo abanyamerika kuja guto kugira bakingire igihugu "ivyago" vya Donald Trump.
Mw'ijambo yashikirije i Michigan - intara bariko barahiganirwa gutsindamwo - Obama yavuze ko kubwiwe "amajwi yegeranye cane".
Mu yindi myiyamamazo yariko ibera i Michigan nyene, Donald Trump yemeye ko agiye gusubira guha inguvu amahinguriro y'imodoka yo muri iyo ntara aranahura n'abarabu b'abanyamerika avuga ko bashobora "guhindura ayo matora".
Ibiharuro vyerekana ko abo babiri begeranye cane mu majwi i Michigan, aho Harris ari mbere gato n'amajwi make mu gihe hasigaye imisi 10 ngo habe amatora y'itariki 5 ukwezi kwa Munyonyo(11).
Iyo ntara itora abazoserukira abandi mu matora y'umukuru w'igihugu 15, ishobora guha akaryo keza umwe mu bahiganwa ko gutahukana intsinzi.
Prezida Joe Biden yatsinze muri Michigan arushije uwo bahiganwa 2.78% mu 2020 - amajwi yoba yangana 150,000 - bumufasha gushikira ubutegetsi.
Mu 2016, Trump ni we yahatahukanye intsinzi arushije Hillary Clinton 0.23%.
Ariko arashikiriza ijambo isinzi ry'abantu mu kibanza c'amanama ca Kalamazoo, Obama yagumye atera amajambo Trump, adoma urutoke ku co yise "inyifato yiwe idahumuriza" hamwe "no kuba adakwije mu mutwe."
Ariko igice kinini c'ijambo ryiwe civanze "ku bwoba nyabwo" ku ngaruka z'ubutegetsi bwa Trump ku burenganzira bwo gukorora imbanyi, abwira isinzi ry'abantu ryuzuye akamwemwe ko yemerako kudatora Harris bishobora kugira ingaruka z'urupfu.
Abaharanira uburenganzira bwo gukorora imbanyi benshi barerekanye amakenga y'ingene kubuza ico gikorwa vyabangamiye amagara y'abagore mu kubabuza gufata imiti yo kurokora ubuzima bwabo.
"Ndatewe umutima uhagaze n'uko abantu benshi bemera ibinyoma vy'abantu batitayeho inyungu zacu, " uko ni ko Obama yavuze, yongerako ko "ububi buzodukurikirana mu buzima bwacu bwose".
Harris yasubiyemwo amajambo ya Obama, abwira urwaruka atahura impamvu banyotewe impinduka.
Yagize ati:"Ndashaka kubabwira ko ndababona kandi mbona ubushobozi bwanyu."
Mu myiyamamazo yiwe i Novi, muri Michigan nyene, Trump yagumye ahanini asubiramwo ivyo yemeye mu myiyamamazo yiwe vyerekeye abimukira, amasoko ntanganguvu hamwe n'ubutunzi.
Igitigiri kitari gito c'abategetsi b'abarabu b'abanyamerika hamwe n'aba Islam bamusanze imbere, harimwo n'umukuru w'igisagara ca Dearborn Heights, Bill Bazzi.
Bazzi yagize ati:"Turashigikiye Donald Trump kubera yatwemereye kurangiza intambara yo mu burasirazuba bwo hagati na Ukraine.
"Amaraso ategerezwa kureka guseseka hirya no hino kw'isi, kandi nibaza ko uyu mugabo ashobora kubishikako."
Trump yavuze ko abarabu b'abanyamerika bashobora "guhindura ayo matora" mu nzira iyi canke iriya.
Muri iyo ntara ni ho hari umuhari 'Uncommitted' [Nta ho negamiye], udashigikiye Trump ariko kandi wanse no gushigikira Harris kubera ico uvuga ko ari kunanirwa gufatira ingingo ruhasha Israel mu ntambara ya Gaza, nko guhagarika kubaha ibigwanisho.
Mw'ikoraniro ry'abademokrate i Kalamazoo ariko, bamwe mu bazotora bavuze ko batewe umutima uhagaze cane n'ikibazo c'uburenganzira bwo gukorora imbanyi hamwe n'ingene Trump "aterekwa ukwishira n'ukwizana" gusumba intambara zibera ahandi.
Kelly Landon, umunyagihugu aba Canton, muri Michigan, avuga ko ikimuraje ishinga ca mbere muri aya matora ari abagore bo mu muryango wiwe kubaho neza bakamenya ico bakeneye ku mubiri wabo na kazoza kabo.
Uko abibona ku ruhande rwiwe, Landon yavuze ko ibindi bibazo ari bito ku magara n'umutekano w'abagore, co kimwe "no kubaho mu buryo bipfuza kubaho".
Ibiharuro BBC iguma ikurikirana vyerekana Harris ko aza imbere gato mu gihugu cose, n'aho Trump aza imbere n'amajwi make mu ntara zitanu ku ndwi bahanganyemwo cane bikomeye, zishobora gutuma uyu canke uriya atsinda.










