Umugore wa mbere yabaye icegera ca prezida muri Amerika afise vyinshi bimuranga

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Rachel Looker na Holly Honderich
- Igikorwa, BBC News
Vyafashe umwanya udashika n'isaha inyuma y'ingingo ya Biden yo gukura meza kugira aba Demokrate batangure kwiyamamariza Kamala Harris nk'umukandida mushasha w'umugambwe wabo mu matora yo mu 2024.
Mu gihe icegera ca prezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika ashaka kuba umugore wa mbere agiye mu kibanza ca prezida, imyiyamamazo yiwe yahaye inguvu abari bacitse intege, ica n'umuhigo w'intererano yegeranijwe igera ku madorari imiriyoni 671 mu mezi abiri aheze - hafi incuro zitatu z'ayo uwo bahanganye w'umu Republikani, Donald Trump yaronse.
Ariko gushika mu kibanza ca mbere ku rutonde vyabaye ntagereranywa, imitego myinshi hamwe n'ibibazo vy'urusobe. Ng'aya amabanga Harris yagiye ararangura, ivyaranze ubuzima bwiwe n'ingene yabaye umugore wa mbere w'umwirabure yitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu.
Ingene Kamala yaduze gushika abe icegera ca prezida
Ubwa mbere Harris yitoreje kuba umukuru w'igihugu haraheze imyaka itanu.
Yatanguye ari umujenama mukuru wa reta muvyo amategeko w'akarere - mu karere ka Alameda, hanyuma kuva mu 2004 -2011 mugisagara ca Francisco.
Ikindi kibanza yadugijwemwo kwari ukuba umujenama mukuru wa reta muvyo amategeko muri Californie, aba abaye umugore wa mbere n'umwirabure wa mbere atorewe kuba umushingwamanza mukuru mu ntara irimwo abantu benshi muri Amerika.
Yarakoresheje ako karyo mu kwitoreza kuba umukenguzamateka mu 2016 i Califonie, aho yamenyekanye mu gukoresha imvugo y'abashingwamanza mu gihe hariko harigwa ibibazo mu migwi [commissions].
Ariko amatora ya prezida yo mu 2020 yatanguye arimwo abantu benshi n'impari nyinshi yaramugoye, aho Harris vyamunaniye kuvuga umurongo ngenderwako hamwe na 'programme' yiwe muri politike.
Imyiyamamazo yiwe ntiyamaze n'umwaka, Biden ni we yaciye agarukana uwo ubu afise imyaka 60 imbere y'abanyagihugu mu kwitoreza hamwe mu kibanza c'icegera ciwe.
Gil Duran, yahoze ari umuyobozi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru kwa Harris, yavyise "ukwivyukiranya kudasanzwe".
Duran yagize ati:"Abantu benshi ntibibaza ko afise ubushobozi bwo kuja ku kirimba ca White House vyihuse gutyo... n'aho abantu bari bazi avyo yipfuza kandi afise no gushobora kuba rurangiranwa. Vyamye bigaragara ko afise impano."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu biro vy'umukuru w'igihugu, Harris yihatiye cane ku bintu vyinshi nkoramutima, kandi yaragize uruhara mu bintu vyinshi intwaro ya Biden yishimira kuba yararanguye.
Yaraciye umuhigo mushasha mu nama nkenguzamateka mu gutora incuro nyinshi ku bibazo bihambaye nk'icegera ca prezida, arafasha mu kwemeza itegeko ryo kugabanya iduga ry'ibiciro hamwe n'iryo umugambi wo gutabara muri ico gihugu, watumye haboneka amahera yo kuriha mu gihe ca Covid hamwe n'izindi mfashanyo.
Biden kandi yarifashishije Harris mu twigoro two gutorera inyishu imizi y'ikibazo c'abimukira mu gihe hari ukwiyongera kurenze urugero kw'abimukira batagira ibibaranga ku rubibe Amerika ihana na Mexique.
N'ikibazo abo batavuga rumwe bavuga ko ata ntambwe n'imwe yateye, akaba anebagurwa n'aba Republikani bamwe na bamwe mu ba Demokrate kuba yamaze amezi atandatu ategura kugira urugendo ku rubibe inyuma y'aho yinjiriye mu mabanga yiwe.
Muri iki gihe ca vuba, Harris ni we mu butegetsi yari ajejwe kudoma urutoke ku ngorane ziterwa no kubuza gukorora imbanyi inyuma y'aho sentare ntahinyuzwa ihinduriye ingingo yari imaze igice c'ikinjana yatanga uburenganzira bwo gukorora imbanyi mu 2022.
Impari ku burenganzira bwo gukorora imbanyi zafashe ikibanza kinini mw'ikoraniro ry'abademokrate ryo mu kwezi kwa Myandagaro, bijanye n'ijambo shimikiro: ukwishira n'ukwizana.
Mw'ijambo ryiwe ryo kwugurura ikoraniro ry'abademokrate, ijambo rikomeye mu mabanga yiwe, Harris yaranebaguye Trump n'aba Republikani mu gukora uko bashoboye ngo baburizemwo itegeko ritanga uburenganzira bwo gukorora imbanyi hirya no hino mu gihugu.
Yagize ati:"Mu mvugo isanzwe, n'abasazi."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Harris ariko kandi ararondera kwiyegereza abazotora, mu gihe bimwe mu biharuro vyerekana benshi babona Trump nk'uwushobora gutahukana intsinzi.
Mu myiyamamazo yo mu 2020, yarerekanye uburyo yotorera inyishu ikibazo c'abimukira, uburenganzira bw'abahuza ibitsina babisangiye [LGBT] hamwe n'ibindi bibazo ariko yagumye ahanganye n'ibibazo bijanye na kahise kiwe nk'umushikirizamanza.
Inyuma y'imyaka ine, Harris yiyerekana nk'umuporisi agiye gukurikirana uwahamwe n'icaha yitwa Trump.
Ariko yemera kandi kugenda ashira mu bikorwa buke buke umugambi wo gufasha imiryango ibayabaye nk'uwo aturukamwo.
Yagize ati:"Mu kazi kanje kose, nakoreye umuntu umwe: Abantu."
Amamuko ya Kamala Harris
Harris yavukiye Oakland, i California ku bavyeyi babiri b'abimukira: nyina w'umuhindi na se yamuka muri Jamaïque.
Abavyeyi biwe batandukanye afise imyaka itanu aca arerwa ubwa mbere na nyina wiwe w'umuhindu, Shyamala Gopalan Harris, umushakashatsi ku ngwara ya cancer akanaharanira agateka ka zina muntu.
Harris akunze kuvuga ivyigwa yahaye abakobwa biwe.
Harris yabwiye ikoraniro ry'abademokrate ati:"Yari akaze, afise umwete anagwanira n'amagara y'abagore. Yaratwigishije kutidogera akarenganyo, ahubwo ari kugira ico dukoze mu kukagwanya."
Harris yakuze akurikiza imigenzo y'abahindi, ajana na nyina wiwe gutemberera Ubuhindi, ariko ko nyina wiwe yabarereye we na mutoyi wiwe Maya mu mico y'abirabure ya Oakland.
Mu gitabo cerekeye ubuzima bwiwe, The Truths We Hold, yandika ati:"Mawe yarategera ko ariko ararera abakobwa babiri b'abirabure.
"Yari azi ko igihugu camwakiriye kizofata Maya nanje nk'abakobwa b'abirabure, rero yari afise ishaka ryo gukora uko ashoboye ngo dukure twiyumva kandi twiyemera nk'abagore b'abirabure."
Amamuko no kurererwa habiri bishobora kumufasha kworoherwa mu kuvugana no kwiyegereza benshi mu Banyamerika. Ibice vy'igihugu bifise abantu bagwirirana cane - impinduka zikwiye mu guhindura politike y'akarere - bimubona nk'icitegererezo.

Ahavuye isanamu, Kamala Harris
Ariko n'igihe yari kuri kaminuza ya Howard, imwe mu zizwi cane mu gihugu z'abirabure, avuga ko ari bimwe mu vyamwubatse cane mu buzima bwiwe.
Lita Rosario-Richardson yahuye na Kamala Harris igihe yiga i Howard mu myaka ya 1980, igihe abanyeshure bashobora gukoranira hamwe bakaganira politike, ibigezweho mu nyambaro hamwe n'insaku.
Yagize ati:"Narabonye ko afise impano zo gutanga ivyiyumviro."
Bahujwe n'ubushobozi bari bafise bwo guharira cane n'aba Republikani bo muri kaminuza no kuba barakuze barezwe n'umuvyeyi umwe w'umugore. Cari kandi igihe co kwongereza ubumenyi muri politike.
Rosario-Richardson agira ati:"Ico gihe Reagan ni we yari prezida, kandi cari igihe ca Apartheid hari impari nyinshi no ku musi w'akaruhuko kitiriwe Martin Luther King."
"Turazi neza ko, kuba twaravutse ku baja hamwe no ku mvange kubera ubukoloni, ko dufise uruhara rudasanzwe, kandi kuba twarize biduha ikibanza kidasanzwe mu mibano mu gufasha kuzana impinduka," uko ni ko asigura - ako kari akamo ko gufata ingingo kari mu bigize ubuzima Harris yabayemwo muri kaminuza.
Ariko kandi Harris biramworohera gukorera ahantu higanje abazungu. Mu myaka yiwe yo mu bwana hariho iyo yamaze muri Canada. Igihe nyina wiwe Gopalan Harris yaronka akazi ko kwigisha muri kaminuza ya McGill, Kamala na Maya barajanye, biga i Montreal imyaka itanu.
Harris avuga ko ata kibazo yigeze agira kubera akaranga kiwe kandi ko yama avuga gusa ko ari umunya "Amerika".
Mu 2019, yabwiye ikinyamakuru ca Washington Post ko abanyapolitike badakwiye kugira inyifato ifatiye ku rukoba canke ku mamuko.
Yagize ati:"Ico nshaka kuvuga n'iki: Ndi ico ndi. Ndakinezererewe. Mushobora kuvyibaza ariko jewe nta co bintwaye.
Ingene Kamara yamenyereye guharira
Kuva mu ntango, nk'uko vyemezwa na mugenzi we Rosario-Richardson, yarerekanye ubuhinga bwamutuma aba umwe mu bagore bake bamaze gushika ku bintu bitoroshe.
Yagize ati:"Ni co catumye ndamuzana mu mugwi wo guharira muri kaminuza ya Howard, n'intatinya."
Ubukerebutsi mu kwishura no gutebura, biri muri ivyo. Muri video yashize ku rubuga rwiwe mu 2020 inyuma yo gutsinda amatora, yarasangije inkuru zerekeye intsinzi - ariko aratwenga cane - ari kumwe na Biden:"Twabikoze, twabikoze Joe. Ugiye kuba prezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika!"
Ico gitwenge ari kumwe na prezida yari ahejeje gutorwa, ariko arahamagara kuri terefone ubwa mbere agitorwa, ni kimwe mugenzi we yaciye amumenyerako ubwo nyene.
"Yamanye agatwengo nk'ako, yamye kandi atebura, yamanye kandi ubukerebutsi - no mu gihe c'impari kuri kaminuza - kugira iciyumviro ciwe cumvikane."
Kamala, 'Momala', yanditse amateka
Mu 2014, uwari umukenguzamateka Harris yubakanye n'umunyamategeko Doug Emhoff aca abera mukase abana biwe babiri Cole na Ella.
Yaranditse inkuru mu kinyamakuru ca Elle mu 2019 ku buzima bwo kuba muka se w'umuntu ashira ahabona n'izina ryavuzwe cane mu mitwe y'inkuru zakurikiye.
"Igihe jewe na Doug twubakana, Cole, Ella nanje twumvikanye ko tudakunda izina rya "mukase". Mu kibanza caryo bumvikanye izina 'Momala'."
Bari kumwe na se wabo, Cole na Ella bari mw'ikoraniro ry'abademokrate rya 2024, baraja imbere kwigina Harris n'ico bise "umuryango wacu munini mwiza duhuriyemwo twese."
Mwenewabo Maya, umwishwa Meena na - nkeka abo ari bo bibukwa cane - abishwa biwe bakuze na bo nyene barabonetse i Chicago.
Benshi bashigikiye ko yofatwa nk'uwamuka ku bundi bwoko bw'umuryango, samuragwa w'imiryango y'abagore baharanira agateka ka zina muntu.
Nadia Brown, umwigisha wa kaminuza mu vyigwa vya politike hamwe n'ivyo Abanyafrika bo muri Amerika kuri kaminuza ya Purdue, yabwiye BBC ko Harris yahonyoye mu makanda ya Fannie Lou Hamer, Ella Baker na Septima.
Yagize ati:"Ni samuragwa w'abo ku nzego zo hasi, abatowe, n'abatashoboye gutorwa baciye iyi nzira ija ku kirimba ca White House."











