Perezida wa Kenya yakuye abashikiranganji inyuma y'imyiyerekano yo kwanka amakori

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Kenya Willian Ruto yakuye ''kandi bica bikurikizwa ubwo nyene'' abashikiranganji biwe bose hamwe n'umujenama mukuru wa reta mu vy'amategeko (akaba n'umushingwamanza wa reta), inyuma y'imyiyerekano yaguyemwo abantu yatumye hahebwa integuro y'itegeko rigenga amafaranga reta ikoresha.
Perezida yavuze ko iyo ingingo ayifashe inyuma yo ''kwiyumvira, gutega amatwi abanya-Kenya, hamwe no gusuzuma ingene abagize reta yanje bose bakora''.
Yavuze ko ubu agiye kuzohanuza cane imbere yo gushinga reta yagutse.
Mu bakuwe ntiharimwo icegera ciwe, adashobora gukurwa hisunzwe amategeko, hamwe n'umukuru w'abashikiranganji asanzwe ari nawe mushikiranganji w'imigenderanire.
Ntiyavuze ryari azogena reta nshasha.
Mu kuririndira, nk'uko yavuze, azohanuza imice itandukanye n'imigambwe ya poritike n'abandi banya-Kenya, baba abo mu bisata vya reta, baba abikorera ku giti cabo''.
Iyo ngingo ntimenyerewe na gato, ikaba ishitse ata n'imyaka ibiri irahera ashitse ku butegetsi.
Aho abagize reta baheruka gukurwa bose nk'uko ni mu 2005 aho perezida Mwai Kibaki yabikora ahejeje gutsindwa amatora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rishasha.
Ruto yari agize igihe aremerewe n'abanya-Kenya bagumye bagira imyiyerekano yo kwanka amakori kandi basaba ko reta ibazwa ivyo ikora, n'inyuma y'aho yemereye guheba integuro y'itegeko ririmwo ayo makori abanyagihugu baterekwa.
Bamwe mu bagira imyiyerekano bari basigaye basaba ko Ruto atanga imihoho.
Mu ndwi iheze, Ruto yarashize ahabona ingingo zitari nke zo gutubika umukanda mu bisata bitandukanye vya reta.
Yanategetse ko hahagarikwa integuro yo kwongera imishahara abagize reta n'abashingamateka aho abanyagihugu bavugirije induru.










