Uwahoze ari perezida wa RD Congo yakatiwe igihano co gupfa kubera ivyaha vyo mu ntambara

    • Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi

Uwahoze ari perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo Joseph Kabila yaciriwe urubanza rwo gupfa atahari kubera ivyaha vyo mu ntambara n'ivyaha vyo guhemuka.

Ibi biturutse ku vyagiriji ko Kabila yafashe mu mugongo umugwi M23, umugwi witwaje ibirwanisho wateje intambara mu karere k'ubuseruko bw'igihugu.

Kabila yahamijwe icaha c'ubuhemu na sentare ya gisirikare, kimwe n'ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, ndetse n'ivyaha vyo mu ntambara, birimwo ubwicanyi, gufata abantu ku nguvu, kwica urubozo no kugumuka. Arahakana ivyo vyaha, ariko ntiyaserutse muri sentare kugirango yiregure.

Uyu yahoze ari umukuru w'igihugu, uru rubanza rwiwe avuga ko rwaciwe nk'urwa "ngondagonde", akavuga ko sentare yabaye "igikoresho co gukandamiza." .Muri kino gihe ntawuzi aho aherereye.

Sentare kandi yategetse ko ariha ihadabu rya miriyaridi 33 z'amadorari.

Umwe mu ncuti ziwe za poritike yigeze no kuba umushikiranganji, Kikaya Bin Karubi, yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC ko urwo rubanza rwose rwabaye ''ikinamico'' kandi rwabaye akarorero k'ugutwaza igikenye kwa perezida Félix Tshisekedi. Yavuze ko sentare itigeze ibona icemezo na kimwe gifatanya Kabila na M23.

Umukuru wa M23 Bertrand Bisimwa yavuze kuri X ko urwaciriwe Kabila ari uguhonyanga amasezerano y'amahoro ari hagati yayo na reta.

Joseph Kabila, w'imyaka 54, yatwaye RD Congo mu kiringo c'imyaka 18, asubiye mu gishingo ca se Laurent-Désiré Kabila, yapfuye arashwe mu 2001.

Kabila yashikirije ubutegetsi Félix Tshisekedi mu 2019, ariko bahava mu nyuma badakomeza kwumvikana, bituma Kabila ahitamwo kuja mu buhungiro.

Muri Ndamukiza (4), uyu yahoze ari perezida yavuze ko ashaka gufasha kuronka inyishu y'ikibazo c'intambara n'ubwicanyi mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, ashika mu muji wa Goma ugenzurwa n'umuhari wa M23 muri Rusama (5).

Perezida Tshisekedi yagirije Kabila kuba ari we mutwe ucura ubwenge buri inyuma y'ibikorwa vya M23 kandi abakenguzamateka bamukuyeko ubudahangarwa, bituma batanga inzira y'uko ashobora kuburanishwa.

Inyuma y'imyaka iharurwa mu mirongo hari indyane, zagiye gukomera mu ntango z'uyu mwaka, igihe M23 yafata ibice vyagutse birimwo ibirombe vy'amabuye y'agaciro mu buseruko, harimwo umuji wa Goma, umuji wa Bukavu n'ibibuga vy'indege bibiri.

Bifashishije ibimenyetso simusiga, ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'ibihgu vyinshi vya Bulaya, vyaragirije Urwanda ko rufashe mu mugongo M23, kandi rurungika ibihumbi vy'abasirikare barwo mu buseruko bwa RD Congo.

Ariko ubutegetsi bwa Kigali bwakomeje guhakana ivyo birego, bukemeza ko ico bukora ari ugutangira ko izo ndyane zitandukira ku butaka bw'u Rwanda.

Umwumvikano wo guhagarika intambara hagati y'abarwanyi ba M23 na leta washizweko muri Mukakaro (7), ariko amaraso aracakomeza guseseka.