Burundi: 41% vy’abanyororo bagiye kurekurwa kw'itegeko rya Ndayishimiye

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bujumbura

Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi yaraye atezuriye abanyororo baharurwa mu bihumbi bapfungiwe mu mabohero atandukanye y’igihugu.

Abagiye kurekurwa ku rwego rw’igihugu ni 5442, ni ukuvuga 41% vy’abasanzwe bapfunzwe bagera kuri 13.211. Yahaye abajejwe gushira mu ngiro iyi ngingo ikiringo c’indwi zibiri kugira ngo babe bamaze kubarekura.

Abarekuwe ahanini ni abagirizwa ivyaha bitobito, abakwije ica kane c’umunyororo, abageze mu za bukuru n’abarwaye indwara zikomeye canke zidakira.

Iki gikorwa cabereye mu ntara ya Muramvya iri hagati y'igihugu cakozwe mu ntumbero yo kugabanya ibitigiri vy’abanyororo bisanzwe ari umurengera mu mabohero yo mu Burundi.

Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu yagize ati : “Ikiduhanze twese ni cane cane ibitigiri vy’umurengera vyibonekeza mu mabohero biruta kure ubushobozi bwayo”.

Perezida Ndayishimiye avuga ko ivyo bifise ingaruka nyinshi kubera biremereza imiryango n’ikigega c’igihugu. Ku bwiwe, gufungurira, kwambika, kuvuza no guha abanyororo ibindi vya nkenerwa bitwara uburyo bw’umurengera.

Ati : “Aha ndazi y’uko aba barekuwe bonyene amahera bahora barihirwa, ata wupfunzwe ntimwosubira kuvuga ngo abanyeshure babuze intebe canke ngo babuze ibitabu. Ni mwumve ingene duhomba”.

Evariste Ndayishimiye yibukije ko buri mwaka reta ikoresha hafi imiriyaridi 15 z’amafaranga y’amarundi mu gisata c’amabohero. Abona ko ayo mahera ari menshi cane. Ku bwiwe, akwiye gukoreshwa mu kwubaka amashure n’amavuriro.

Muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, Perezida Ndayishimiye yari yakoze igikorwa nk’iki nyene co gutezurira abapfunzwe. Ico gihe ku musi wa mbere hari harekuwe abarenga 500, bikaba vyari bitegekanijwe ko igikorwa gica kibandanya. Ariko bisa n’aho cari caciye gihagarara ku mvo zitamenyekanye.

Icegeranyo catanzwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH muri 2023, cerekana ko abanyororo bari bapfungiwe mu mabohero atandukanye y’Uburundi barenga ibihumbi 13.

Ico cegeranyo cerekana kandi ko abagera ku bihumbi bitandatu muri abo bari bapfunzwe badafise amadosiye. Harimwo n’abandi 136 bari bapfunzwe bafise n’ingorane zo mu mutwe.