Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Isekeza ryo kurekura impfungwa, 558 zaraye zirekuwe mu Rutana
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaraye arekuje impfungwa 558 mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Rutana, mu bumanuka bushira ubuseruko bw'igihugu, mw’isekeza yaraye atanguje ryo kurekuza impfungwa zipfungiwe ivyaha bito bito.
Mw’ijambo ryiwe, Perezida Evariste Ndayishimiye yasavye incuti z’izi mpfungwa zaraye zirekuwe kutihora, aca asaba aba nabo guhindura ingendo kugira ngo babane mu mahoro n’abandi, bongere barangure ibikorwa vy’iterambere batekanye.
Igitigiri nyezina c’abanyororo bagiye kurekurwa nticashizwe ahabona ariko abategetsi bakavuga ko hagiye gukorwa amatohoza mu mabohero yose y’igihugu kugira abandi bazogende bararekurwa bukebuke.
Umurwi w’igihugu ujejwe agaketa ka muntu, CNIDH, uvuga ko mu bantu ibihumbi 13 bapfunzwe, ibihumbi bitandatu bapfunzwe ata dosiye ibapfunze bafise. Uvuga kandi ko gushika ubu, abantu 136 bapfunzwe bafise ibibazo vy’ingwara zo mu mutwe.
Sixte Vigny Nimubona, umukuru wa CNIDH, yabivuze ejo ku wa mbere imbere y’inama nshingamateka y’Uburundi igihe yariko atanga icegeranyo c’ivyo umurwi arongoye waranguye mu mwaka wa 2023.
Raba ingene vyari bimeze kuri ano masanamu ya ABP Info, itororokanirozo ry'amakuru rya reta y'Uburundi.