Burundi: 'Igitigiri c'abapfunzwe gitegerezwa kugabanuka' - Ubushikiranganji bw'ubutungane

Itangazo ry'ubushikiranganji bw'ubutungane risaba abacamanza n'abashikirizamanza kutihutira gupfunga abantu bagirizwa ivyaha bito bito kuko batwara uburyo bwinshi reta.

Domina Banyankimbona arongoye ubwo bushikiranganji agira ati: "Abapfunzwe barindiriye gucirirwa urubanza batwara uburyo bwinshi reta kuko bakenera uburaro, gufungura no kuvurwa.

"Aho ni mu gihe baba bafise inguvu zo gukora kandi bagashobora guterera agacumu k'ubumwe mw'iterambere ry'igihugu."

Ishirahamwe riharanira agateka k'abanyororo, Ntabariza, rivuga ko gushika ubu abanyororo bari mu Burundi barenga ibihumbi 13 mu gihe hateguwe ibibanza birenga gato ibihumbi bine.

Abakunze kwisanga mw'ibohero bidakwiriye ngo n'abantu baba bafitiye amadeni abandi, canke abakora ubusuma bwo ku ruyeri.

Iryo tangazo ribandanya rivuga ko babandanya gupfungwa kandi reta yaramaze gutanga intumbero y'ingene bohanwa.

Mu gukora ivyo ngo ntibaba bafashije n'uwakorewe icaha.

Rigira riti: "Iyo abakoze icaha gito bapfunzwe, uwagikorewe nta co yunguka kuko nyene gukora icaha ntashobora kuronka ikimwinjiriza amahera kugira ashobore kumuriha."

Ryongerako ko "mukwiye kwiyumvira mukirinda gupfunga abantu bagirizwa ivyaha bito mukananyarutsa imanza z'abapfunzwe.

Ati: "Korana n'abakorewe icaha, murondere ivyo ababikoze batunze mubategeke gutanga ingwati yerekana ko bemera kuriha."

Amashirahamwe aharanira agateka k'abanyororo yakiriye gute iryo tangazo?

Mw'ishirahamwe Ntabariza riharanira agateka k'abanyororo barashima ako kamo k'ubushikiranganji bw'ubutungane kuko ngo abapfunzwe batategerezwa kuba bari mw'ibohero ni benshi.

Jean Marie Nshimirimana aserukira iryo shirahamwe imbere y'amategeko avuga ko uretse abapfungwa batakoze ivyaha bikomeye, hariho iyindi migwi y'abanyororo ituma igitigiri cabo kitagabanuka.

Aha avuga nk'abanyororo bahejeje igipfungo cabo ariko bakabandanya bapfunzwe kubera bananiwe kuriha indishi z'akababaro canke ivyo bivye, ivyo bita "umunyororo w'agatsindikiro".

Hari kandi abarangiza umunyororo ariko bagaca baguma bapfunzwe n'ayandi makosa bakoreye mw'ibohero.

Jean Marie Nshimirimana avuga ko icoza kigabanya igitigiri c'abanyororo ari ugutangura gushira mu bikorwa itegeko ritegekanya ibikorwa nsimburagifungo.

Agira ati: "Nihatangure ibikorwa nsimburagifungo ku buryo nk'akarorero uwakoze icaha akora imisi ibiri muhira iwe, iyindi itatu akaja gukorera uwo yagikoreye kugira amurihe.

"Canke bamuhe ibindi bikorwa akora biteza imbere igihugu mw'iterambere hakumugumiza mw'ibohero aho afungura, akoresha amazi akanahabwa uburaro vyose bivuye mu nguvu za reta."

Ishirahamwe Ntabariza rivuga ko mu makomine ivyo gupfunga abantu bakoze ivyaha bibayabaye biriko biragabanuka, ariko ngo biracibonekeza mu ma "PJ" (Police judiciaire).

Ahandi bigwiriye ngo ni mu ntara zitarimwo amabohero, kubera kubura uburyo bwo kwiyunguruza, abagirizwa ivyaha bamara igihe kirekire bapfungiwe mu gipolisi batarashikanwa mw'ibohero.